Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impwemu nyeranda ni iki?

Impwemu nyeranda ni iki?

Impwemu nyeranda ni iki?

YEZU yarigeze kubaza abigishwa biwe ati: “Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana wiwe amusavye ifi, azomuha kumbure inzoka aho kumuha ifi? Canke kandi amusavye irigi, azomuha akamina?” (Luka 11:11, 12) Abana b’i Galilaya barakunda kurya amagi n’ifi; babisavye baba bazi ico basavye.

Yezu yavuze ko dukwiye kuguma dusaba impwemu nyeranda dukobeje, nka kurya kw’umwana ashonje ariko arasaba ibifungurwa. (Luka 11:9, 13) Dutahuye ico ari co impwemu nyeranda bizotuma dutahura neza uruhara ruhambaye ishobora kugira mu buzima bwacu. Nimuze rero tubanze turimbure ico Bibiliya itwigisha ku bijanye n’impwemu nyeranda.

“Ububasha bwa Musumbavyose”

Ivyanditswe birerekana mu buryo butomoye ko impwemu nyeranda ari inguvu Imana ikoresha kugira ngo irangure umugambi wayo. Igihe umumarayika Gaburiyeli yamenyesha Mariya yuko yokwibarutse umuhungu naho yari isugi, uwo mumarayika yamubwiye ati: “Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.” (Luka 1:35) Nk’uko amajambo Gaburiyeli yavuze avyerekana, hariho isano hagati y’impwemu nyeranda n’“ububasha bwa Musumbavyose.”

Iciyumviro nk’ico nyene kiraboneka n’ahandi muri Bibiliya. Umuhanuzi Mika yavuze ati: “Jeho nuzuye ubushobozi . . . mbihawe [n’Impwemu y’Uhoraho].” (Mika 3:8) Yezu yasezeraniye abigishwa biwe ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabashikako.” (Ibikorwa 1:8) Vyongeye, intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye “ububasha bw’impwemu nyeranda.”​—Abaroma 15:13, 19.

None dufatiye kuri ivyo bihejeje kuvugwa, ni iciyumviro ikihe twoshobora gushikako? Impwemu nyeranda hamwe n’ububasha bw’Imana birafitaniye isano rya hafi. Yehova akoresha impwemu nyeranda mu kugaragaza ububasha bwiwe. Tubivuze mu buryo burashe, impwemu nyeranda ni ububasha Imana ikoresha, ni ukuvuga inguvu zikora zayo. Ese ukuntu izo nguvu zitangaje! Ntidushobora gutahura inguvu zari zikenewe kugira ngo isi n’ijuru n’ibirimwo vyose biremwe. Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yadusavye ko twozirikana ku kintu gikurikira, ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we, asohora ingabo zazo mu bitigiri: azihamagara zose mu mazina; kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara.”​—Yesaya 40:26.

Ku bw’ivyo rero, Bibiliya yerekana ko ivyaremwe vyose, tudasize inyuma ukuntu biri n’urutonde kandi bigakora bihuza, vyabayeho bivuye ku “bubasha” bw’Imana Mushoboravyose. Biratomoye ko inguvu zikora z’Imana ari nyinshi bimwe bihebuje, kandi ni zo dukesha ukuba turiho.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo impwemu nyeranda yakoze.”

Yehova yoshobora gukoresha impwemu yiwe nyeranda ku rugero runini, nk’uko yabigize mu kurema isi n’ijuru. Ariko kandi arashobora kuyikoresha ku bw’ineza y’abantu yaremye. Bibiliya irimwo ahantu henshi herekana ukuntu inguvu zikora z’Imana zaronkeje ububasha abasavyi bayo bo kw’isi.

“Impwemu ya Yehova iri kuri jewe”

Ubusuku Yezu yaranguye buraduha iciyumviro mu buryo bushimishije c’ukuntu impwemu nyeranda y’Imana ishobora guha ububasha abasavyi bayo. Yezu yabwiye abantu b’i Nazareti ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe.” (Luka 4:18) None Yezu yaranguye iki ari mu “bubasha bw’impwemu”? (Luka 4:14) Yarakijije abantu bari barwaye ubwoko bwose bw’indwara, aratururuza imipfunda y’ikiyaga cari casuriranije, aragaburira abantu ibihumbi n’ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeya, mbere arazura n’abapfuye. Intumwa Petero yadondoye Yezu ko ari “umugabo Imana [yerekanye] icese biciye ku bikorwa vy’ububasha n’ibitangaza n’ibimenyetso Imana yako[ze] . . . biciye kuri we.”​—Ibikorwa 2:22.

Impwemu nyeranda ntituma muri iki gihe haba mwene ivyo bitangaro. Naho ari ukwo, irashobora kudukorera ibintu bitangaje. Yehova arafise umutima ukunze wo guha impwemu nyeranda yiwe abamusenga, nk’uko Yezu yari yaravyeretse neza abigishwa biwe. (Luka 11:13) Ku bw’ivyo, intumwa Paulo yarashoboye kuvuga ati: “Mu bintu vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) Impwemu nyeranda yoba ishobora kugira uruhara nk’urwo mu buzima bwawe? Ikiganiro gikurikira kirishura ico kibazo.

[Uruzitiro ku rup. 5]

Igituma impwemu nyeranda atari umuntu

Bibiliya igereranya impwemu nyeranda n’amazi. Igihe Imana yariko irasezeranira abasavyi bayo imihezagiro yo muri kazoza, yavuze iti: “Nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka [I]mpwemu [y]anje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe.”​—Yesaya 44:3.

Imana isutse impwemu yayo ku basavyi bayo, baca ‘buzura impwemu nyeranda,’ canke ‘buzuzwa impwemu nyeranda.’ Yezu, Yohani Umubatizi, Petero, Paulo, Barunaba be n’abigishwa bari bakoraniye hamwe ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., bose bavugwa ko bari buzuye, canke bujujwe, impwemu nyeranda.​—Luka 1:15; 4:1; Ibikorwa 4:8; 9:17; 11:22, 24; 13:9.

Ibaze nawe: Mbega umuntu yoba yoshobora ‘gusukwa’ ku bantu benshi batandukanye? Ubwo wovuga ko umuntu umwe yoshobora ‘kwuzura’ umugwi wose w’abantu? Ivyo ntivyumvikana. Bibiliya iravuga ko abantu buzuzwa ubukerebutsi, ugutahura, canke mbere ubumenyi butagira amakosa, ariko ntiyigera ivuga ko hari umuntu yuzuzwa uwundi muntu.​—Kuvayo 28:3; 1 Abami 7:14; Luka 2:40; Abakolosayi 1:9.

Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “impwemu” ni pneuʹma, rino rikaba kandi riserura iciyumviro c’ububasha butaboneka. Nk’uko inyizamvugo imwe y’uwitwa Vine (Expository Dictionary of New Testament Words) ibivuga, iryo jambo pneuʹma “ahanini ryerekeza ku muyaga . . . hamwe no ku mpemu; rigaca ryerekeza canecane ku mpwemu, nka kurya kw’umuyaga, ino ikaba itaboneka, idafadika kandi ifise ubushobozi.”

Biratomoye rero ko impwemu nyeranda atari umuntu. a

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya ibindi, raba amayagwa afise umutwe uvuga ngo “Ukuri ku vyerekeye Data, Umwana be n’impwemu yera,” ku rupapuro rwa 201-204, mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]

Photodisc/SuperStock