Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu umumisiyonari yororanirwa

Ukuntu umumisiyonari yororanirwa

Umugwi ugira 126 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi

Ukuntu umumisiyonari yororanirwa

ISINZI ry’abantu ryuzuye umunezero ryarakoraniye mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson, muri New York, ku bw’ikiringo kidasanzwe. Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 14 Ntwarante 2009, ni ho umugwi ugira 126 w’abasohotse Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower baronka impapuro z’umutsindo. Abo banyeshure bagira barungikwe mu bihugu 22 kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.​—Matayo 24:14.

Abo banyeshure ni ho bari bagiheza ivyigwa vya Bibiliya vy’urutavanako vyamaze amezi atanu vyari bigenewe kubafasha gucika abamisiyonari bakirisu baroranirwa. Umusi wo kuronkerako impapuro z’umutsindo watumye baronka akaryo ka nyuma uko bagize umugwi ko gutega yompi impanuro ziranga ubukerebutsi zijanye n’ukuntu boshika kuri iyo ntumbero.

Anthony Morris wo mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, uno akaba ari we yari ahagarikiye iyo porogarama, yaribukije yuko Ishure ry’i Gileyadi ryatanguye kumenyereza abamisiyonari mu 1943. Kuva ico gihe, abasohotse iryo shure baragize ikintu gikomeye bakoze ku gikorwa co kwamamaza kw’isi yose.

Uwo mushikirizansiguro yavuze yuko naho nyene abanditsi n’Abafarizayo bakengera abigishwa ba Yezu ngo ‘ntibigishijwe kandi ngo si abanyabwenge,’ abo babarwanya barabwirijwe kwemera ko intumwa zavuga ata kurya umunwa kubera ko zari zarabanye na Yezu. (Ivyakozwe 4:13, Bibiliya Yera) Ukumenyerezwa abo banyeshure baronse kuratuma bashobora kuvuga ata kurya umunwa.

Insiguro ivuga ngo “Ntufatire ku biboneka inyuma” ni yo yashikirijwe na Robert Ciranko, akaba afasha muri Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi. Yarerekanye ko abo banyeshure bari bagiye vuba guhura n’abantu bo mu mico kama n’imigenzo bitandukanye cane. Yamara, kubabwira inkuru nziza nta ngorane vyobateye mu gihe abo banyeshure bogerageje kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Nk’uko mu Bikorwa 10:34 havyerekana hahinduwe ijambo ku rindi, “Imana ntifatira ku biboneka inyuma,” ni ukuvuga ko idatonesha umuntu ngo ni uko aboneka mu buryo bunaka. “Imana [nti]gira nkunzi.” (Ibikorwa 10:35) Umuvukanyi Ciranko yavuze ati: “Nimwabona ibintu nk’uko Imana ibibona kandi mukabona ko umuntu wese wo mu cibare canyu ashobora kwemerwa n’Imana, nta nkeka ko muzororanirwa bwa bamisiyonari bayo.”

“Murafise ibikenewe vyose kugira muroranirwe”

Samuel Herd wo mubagize Inama Nyobozi yatanguye n’aya majambo agira ati: “Hari abantu babona ko ingamiya isa nabi cane, yamara irabereye rwose kuba mu bugaragwa.” Muri ubwo buryo nyene, abamisiyonari bashasha barafise ibikenewe vyose kugira baroranirwe mu turere barungitswemwo. Ibintu bitanu ni vyo bizobafasha.

1. Urukundo bakunda Yehova. (Matayo 22:37, 38) Abo banyeshure baramaze kwerekana ko bafise umwiyemezo wo gukorera Yehova.

2. Ubumenyi begeranije bwo mw’Ijambo ry’Imana. Ingamiya irabika ingaburo mu binure biri mu kidunduri kiri ku mugongo wayo. Yamara, ntica ireka kurya ngo ice ibeshwaho n’ico kigega ishobora kwikorako igihe ata bindi bifungurwa ifise. Muri ubwo buryo nyene, abamisiyonari, ntibakwiye kwiheka gusa kuri ivyo bintu bize kw’Ishure ry’i Gileyadi, ariko barakwiye kubandanya kwifungurira mu buryo bw’impwemu.

3. Urukundo bakunda abantu. (Matayo 22:39) Abo banyeshure barumvira abantu ikibabarwe.

4. Umutima ukunze. (Zaburi 110:3) Igihe inguvu z’umumisiyonari ziriko ziragabanuka, Yehova aramwongera inkomezi.​—Yesaya 40:29.

5. Ingoga zo mu buto. Nka kurya nyene ingamiya iheka uwuyitwaye ikamucana mu bugaragwa, vyoshobora gukenerwa ko umumisiyonari aheka umukirisu mugenziwe ari n’ingorane zo mu buryo bw’impwemu. Ivyo bisaba inguvu nyinshi, ariko abamisiyonari barafise ingoga zo mu buto.

Ibindi bihimba nyamukuru vy’iyo porogarama

Michael Burnett, umwigisha w’i Gileyadi, yavuze yuko shakedi yari muri vya bintu vyizavyiza Yakobo yarungikira umutware w’Umunyamisiri kw’ingabirano. (Itanguriro 43:11) Shakedi nkeya usanga zirimwo ingaburo nyinshi. Abo banyeshure barahekenye shakedi nyinshi zo mu buryo bw’impwemu igihe bari mu vyigwa. Mu vyigwa bakwiye kugenda batekeye harimwo akamaro ko kubumbwa n’intunganyo Yehova yashizeho be no kwiga gukunda ubuzima bushasha bagiyemwo.

Mark Noumair, na we nyene akaba ari umwigisha w’i Gileyadi, yasiguye yuko Ijambo ry’Imana rimeze nk’“isaho yuzuye ubukerebutsi.” (Yobu 28:18, NW) Turakeneye kwugurura iyo saho no gukoresha ibiri muri yo. Hamwe umurimo w’ubumisiyonari utogenda nk’uko abanyeshure bari bavyiteze, boshobora kwiyumvira ivyerekeye intumwa Paulo. Abigishwa ba Yezu bamurungitse mu gisagara ciwe c’amavukiro kumarayo imyaka icenda. Paulo, aho kwiyumvira yuko kubera ko yari ‘urwavya rwatowe,’ yari akwiye gukorera ahandi hantu, yarakora cane aho hose yaba ari. (Ibikorwa 9:15, 28-30) Kwubahiriza ivyo Yehova yahisemwo vyoshobora kuba urugamba. Uwundi muntu yabigenjeje gutyo yari Yonatani. Kubera ko Yonatani yatahura ko Dawidi yari umwami yacaguwe na Yehova, yarahimbarwa no kumushigikira.

Mu nsiguro yavuga ngo “Abasavyi b’Imana bavugana ubutinyutsi,” abanyeshure barasubiyemwo mu buryo bw’udukino ivyabonywe mu gikorwa co kwamamaza igihe bariko barakurikira ivyo vyigwa. Benshi muri bo baratanguje inyigisho za Bibiliya. Insiguro yakurikiye yavuga ngo “Barateguwe n’ishirahamwe rya Yehova,” yarimwo ibiganiro vyo kubaza ibibazo abamisiyonari batatu babumazemwo igihe kirekire. Umwe wese muri bo yarasiguye ukuntu yari yaramenyerejwe kugira ngo basenyere ku mugozi umwe n’ishirahamwe ry’Imana.

“Nube umumisiyonari ahimbawe”

Gerrit Lösch, uwundi ari mu bagize Inama Nyobozi, yaciye ashikiriza insiguro nyamukuru y’iyo porogarama ifise umutwe uvuga ngo “Nube umumisiyonari ahimbawe.” Yavuze yuko ibikorwa vyinshi bibonwa ko biteye umunezero bidatuma umuntu agira agahimbare nyakuri. (Imigani 14:13; Umusiguzi 2:10, 11) Agahimbare karamba kava ku gukora ivyo Imana igomba, naho nyene ivyo bitama vyoroshe. Ivyigwa vy’i Gileyadi vyasaba gukora cane ariko vyaratumye umuntu ashira akanyota cane.

Hari ibintu bitari bike bigira ico biterereye kugira abakirisu bukuri bagire agahimbare. Basenga Imana ihimbawe. (Zaburi 33:12; 1 Timoteyo 1:11) Bibera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu kandi Bibiliya isezerana yuko vuba isi igiye kuba Iparadizo. Baratoye intumbero y’ubuzima, iyo na yo ikaba ari ugukorera Yehova no kumushemeza. Ikigeretse kuri ivyo, Yehova na Yezu barabakunda.

Umushikirizansiguro yongeyeko ati: “Uzoba umumisiyonari ahimbawe niwiga kubumbwa n’ivyo ufise.” Gukunda abandi no gukundwa na bo ni ikindi kintu gituma ugira agahimbare. Niwirengagize rero amakosa y’abandi aho kuyashimikako. Nukorere abandi ivyiza, ufashe abagoyagoya, ubabwire ivyabonywe vyiza. (Zaburi 41:1, 2; Ibikorwa 20:35) Agahimbare umuntu arakaronka mu kumara umwanya munini mu gikorwa co kwamamaza.​—Luka 11:28.

Umuvukanyi Lösch yasozereye ati: “Nutere uja imbere uri umumisiyonari ahimbawe, winezereze ku burimbane mugabo witunire ku gushemeza ya Mana yacu ihimbawe Yehova, wongere utume n’abandi benshi bagira agahimbare.”

Antony Morris amaze gushikiriza abari ng’aho indamukanyo zavuye mu bihugu bitari bike, yaciye aha abo banyeshure impapuro zabo z’umutsindo. Ivyo birangiye, uwaserukiye uwo mugwi ugira 126 yarasomye ikete abo banyeshure bandikiye Inama Nyobozi. Muri iryo kete, baraseruye ko bakenguruka kuba baritavye Ishure ry’i Gileyadi.

Mu gusozera, umuhagarikizi yaravuze yuko ‘ingingo n’udutsidutsi’ vyunga umubiri w’umuntu bisa n’uburyo be n’intunganyo wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” akoresha mu kuronsa abasavyi ba Yehova ibifungurwa n’ubuyobozi. (Abakolosayi 2:18, 19; Matayo 24:45) Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi nibasenyera ku mugozi umwe n’abo Imana yagenye ngo bayiserukire, bazoraronirwa bimwe bishitse mu gushitsa ubusuku bwabo.​—2 Timoteyo 4:5.

[Uruzitiro ku rup. 30]

IBIRANGA ABITAVYE IRYO SHURE

Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 6

Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 22 Igitigiri c’abanyeshure: 56

Igitigiri c’abubakanye: 28

Incahagati y’imyaka y’amavuka: 32,8 Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 17,9

Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13,5

AHO ABITAVYE IRYO SHURE BARUNGITSWE GUKORERA

Abo banyeshure barungitswe gukorera muri Afirika y’Epfo, Bénin, Biligariya, Boliviya, Burukina Faso, Gana, Gwatemala, Hondurasi, Kameruni, Kenya, Kosta Rika, Liberiya, Madagasikari, Mozambike, Nikaragwa, Panama, Paragwe, Peru, Rumaniya, Siyera Lewone, Togo, no muri Uganda.

[Ifoto ku rup. 31]

Umugwi ugira 126 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Kirchhoff, K.; Nichols, C.; Guzmán, Y.; Coil, H.; Becker, O.; De Simone, A. (2) Manzanares, A.; Bouvier, E.; Peddle, J.; Mason, H.; Braz, J. (3) Lee, J.; Forte, A.; Boucher, T.; Marsg, A.; Leighton, S.; Glover, M. (4) Kambacg, H.; Jones, T.; Ferreira, A.; Morales, J.; Chicas, S.; Davis, B.; Dormanen, E. (5) Dormanen, B.; Nichols, J.; Pacho, T.; Titmas, L.; Bouvier, E.; Kirchhoff, A. (6) Leighton, G.; Pacho, A.; Van Campen, B.; Manzanares, A.; Rivard, A.; Lee, Y.; Titmas, L. (7) Boucher, M.; Coil, K.; Marsg, C.; Guzmán, J.; Jones, W.; Kambacg, J. (8) Glover, A.; Ferreira, G.; Mason, E.; Forte, D.; Davis, N.; Chicas, O.; Rivard, Y. (9) Braz, D.; Van Campen, D.; Morales, A.; De Simone, M.; Becker, M.; Peddle, D.