Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umucamanza yumira ku bintu bigororotse

Umucamanza yumira ku bintu bigororotse

Niwiyegereze Imana

Umucamanza yumira ku bintu bigororotse

Guharūra 20:2-13

ABACAMANZA b’abantu boshobora gucira umuntu rubi, ariko Yehova Imana we si ukwo ameze kubera ko “akunda ubutungane.” (Zaburi 37:28, NW) Naho yihangana, ntarekerana ibintu. Aguma yumiye ku bintu bigororotse. Rimbura ingene yavyifashemwo igihe haba ugutongana be n’ubugarariji nk’uko bivugwa mu Guharūra ikigabane ca 20.

Igihe Abisirayeli bari mu kurangiza urugendo rwabo mu bugararwa, barabuze amazi yo kunywa. a Baciye batangura gutonganya Musa na Aroni, bati: “Mwazaniye iki ishengero ry’Uhoraho mur’ubu bugaragwa, ngo tubugwemo, twe n’ivyo dushoreye?” (Umurongo wa 4) Abo bantu bidoze bavuga yuko mu bugararwa hari “ahantu habi” hatamera “imisukoni cank’imizabibu cank’amakomamanga,” bino bikaba vyari nka vya vyamwa nyene abatasi b’Abisirayeli bari bakuye mu Gihugu c’isezerano imyaka itari mike imbere y’aho, kandi ko ata “n’amazi yo kunywa” yari ahari. (Umurongo wa 5; Guharūra 13:23) Mu bisanzwe, bariko bata ibirake kuri Musa na Aroni kubera ko aho mu bugaragwa hatari hameze nk’ico gihugu cimbuka ivyamwa, ico abidodomvyi bo mw’iyaruka ry’imbere yabo bari baranse kwinjiramwo!

Yehova ntiyahevye abo bidodomvyi. Ahubwo riho, yategetse Musa gukora ibi bintu bitatu: Gutora inkoni yiwe, gukoranya Abisirayeli be no ‘kubarira igitandara imbere yabo ngo gisendanishe amazi yaco.’ (Umurongo 8) Musa yarashikije ivyo bintu bibiri vya mbere, ariko ica gatatu coco arakirengako. Aho kubwira igitandara abigiranye ukwizera, yabwiye Abisirayeli abarakariye, ati: “Ni mwumve, mwa bagarariji mwe! Mbega twebge twobakūrira amazi mur’ iki gitandara?” (Umurongo wa 10; Zaburi 106:32, 33) Musa yaciye akubita ico gitandara kabiri, “amazi menshi aca arasendanisha.”​—Umurongo 11.

Ico gihe, Musa afadikanije na Aroni, bari bakoze igicumuro gikomeye. Imana yababwiye iti: “Mwanse kwumvira ijambo ryanje.” (Guharūra 20:24) Kubera ko Musa na Aroni barenze kw’itegeko ry’Imana, baracitse abagarariji, ivyo bikaba ari vyo bari bamye bagiriza Abisirayeli. Urubanza Imana yabaciriye rwari rutomoye, na rwo rukaba ari urw’uko: Musa na Aroni atari bo boyoboye Abisirayeli gushika mu Gihugu c’isezerano. None yoba yarabarenganije? Habe namba! Ivyo birerekanwa n’izi mvo zikurikira.

Ubwa mbere, Imana ntiyari yategetse Musa kugira ico abwiye Abisirayeli, tube turaretse ivyo kubagiriza ko ari abantu b’abagarariji. Ubugira kabiri, Musa na Aroni ntibaninahaje Imana. Imana yavuze iti: ‘Ntimwerekanye ukwera kwanje.’ (Umurongo wa 12) Mu kuvuga ngo ‘twobakurira amazi,’ Musa ni nk’aho yavuze ko we na Aroni ari bo bari batumye amazi aboneka ku gitangaro, atari Imana. Ubugira gatatu, urwo rubanza Imana yabaciriye rwari ruhuje n’izo yari yaraciye muri kahise. Imana yarankiye iyaruka rya mbere ry’abagarariji kwinjira i Kanani, kandi ukwo ni ko yabigize ku bijanye na Musa be na Aroni. (Guharūra 14:22, 23) Ubugira kane, Musa na Aroni bari indongozi za Isirayeli. Abafise amabanga menshi, Imana ibabaza vyinshi.​—Luka 12:48.

Yehova aguma yumiye ku bintu bigororotse. Kubera ko akunda ubutungane, ntashobora kurenganya umuntu. Mu vy’ukuri, birabereye ko Umucamanza nk’uwo tumwizigira kandi tukamwubaha.

[Akajambo k’epfo]

a Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri, hari kabiri na rimwe bakinjira i Kanani, igihugu Imana yari yarasezeraniye Aburahamu. Ariko igihe abatasi cumi bazana inkuru y’agacavutu, Abisirayeli baciye bidodombera Musa. Yehova yaciye ategeka yuko babwirizwa kumara imyaka 40 bayerera mu bugararwa, ico kikaba cari igihe gihagije kugira ngo abagize iryo yaruka ry’abagarariji babe bapfuye.