Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Ico wokora igihe habaye amahinduka

Ico wokora igihe habaye amahinduka

INGORANE

  • Akazi ka so wawe gasavye ko mwimuka.

  • Umugenzi wawe pfampfe yimukiye kure yawe.

  • Mukuru wawe agiye kwubaka urwiwe.

Wovyifatamwo gute habaye mwene ayo mahinduka?

Igiti cigonda iyo haje umuyaga nticihuta kuvunika mu bihuhusi. Cokimwe n’ico giti, urashobora kugondeka canke guhuza n’uko ibintu vyifashe igihe habaye amahinduka udafiseko ububasha. Ariko imbere y’uko tuganira ingene wobigira, reka turabe ibintu bikeyi ukwiye kumenya ku bijanye n’amahinduka.

ICO UKWIYE KUMENYA

Amahinduka ategerezwa kuba. Hari ukuri Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibishikira abantu. Igira iti: “Ibishika giturumbuka bibashikako bose.” (Umusiguzi 9:11) Bitebe bitebuke uzokwibonera ko ayo majambo ari ay’ukuri. Ego ni ko ibishika giturumbuka vyose ntivyama ari bibi. Kandi hariho amahinduka womenga ni mabi mu ntango, amaherezo akavamwo ikintu ciza. Ariko abantu benshi usanga bashima ko ibintu biguma uko babimenyereye. Hagize rero ibihinduka, vyaba ari vyiza canke bibi, bagaca bahungabana.

Amahinduka arashobora canecane gutesha umutwe imiyabaga. Kubera iki? Umusore yitwa Alex * agira ati: “Haba hari ibiriko birahinduka mu mubiri. Igihe rero haje ayandi mahinduka biratesha umutwe.”

Ehe iyindi mpamvu: Igihe abakuze bashikiwe n’amahinduka, barashobora gutereza amaso inyuma bakaraba ingene bavyifashemwo igihe bashikirwa n’ibintu nk’ivyo. Mugabo abakiri bato nta vyinshi baba barabona.

Uvunitse uriga gucumbagira. Igihe habaye ingorane canke hagize ibihinduka, ni vyiza guhuza n’uko ibintu vyifashe. Umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe arashobora kwihanganira ibintu bimushikiye, mbere n’ivyari ingorane akabikuramwo iciza. Abakiri bato bameze gutyo, usanga ari gake birukira ibiyayuramutwe canke inzoga igihe barengewe n’ingorane.

ICO WOKORA

Niwemere ayo mahinduka. Nta nkeka ko woshima ko vyose vyogenda nk’uko wipfuza mu buzima bwawe, mugabo ivyo ntibishoboka. Abagenzi bazokwimuka canke baje kwubaka izabo; hazogera igihe abo muvukana basohoke; hari n’aho bizoba ngombwa ko mwimuka maze abagenzi n’ivyo mwari mumenyereye ntimube mukibibona. Ni vyiza kwemera amahinduka hako uguma urengewe n’amaganya.Iciyumviro co muri Bibiliya: Umusiguzi 7:10.

Nuhange amaso kazoza. Kugumiza ivyiyumviro ku vyabaye ni nko kugendesha imodoka uraba muri retrovizeri. Ni vyiza ko umushoferi aza araterezayo akajisho, ariko akwiye canecane kugenda araba imbere. Nawe rero ushikiwe n’amahinduka, gerageza guhanga amaso kazoza. (Imigani 4:25) Iyumvire nk’akarorero umugambi wokwishingira mu kwezi kuza canke mu mezi atandatu ari imbere.

Nubone ibintu mu buryo bwiza. Umwigeme yitwa Laura yavuze ati: “Kubona ibintu neza biratuma utihebura. Gerageza kubona ivyiza biri mu buzima bushasha urimwo.” Woba woronka n’imiburiburi ikintu ciza kimwe ubona muri ubwo buzima bushasha?Iciyumviro co muri Bibiliya: Umusiguzi 6:9.

Ukwo ni ko vyagendeye umwigeme yitwa Victoria. Akiri umuyabaga, abagenzi biwe pfampfe bose barimutse. Avuga ati: “Naragize irungu, nguma niyumvira nti: ‘Ese iyo abagenzi banje batimuka!’ Ariko ntereje amaso inyuma, ndabona ko vyamfashije gukura. Naratahuye ko gukura bisaba ko haba amahinduka. Vyaratumye kandi mbona ko bwa bundi hari n’abandi nogira abagenzi.”Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 27:10.

Kugumiza ivyiyumviro ku vyabaye ni nko kugendesha imodoka urabira muri retrovizeri

Nufashe abandi. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.” (Abafilipi 2:4) Kimwe mu vyogufasha gutorera umuti ingorane zawe ni ugufasha abandi. Anna w’imyaka 17 avuga ati: “Uko nagiye ndakura, nahavuye mbona ko vyangirira akamaro iyo mfashije uwuri mu ngorane zisa n’izo naba ndimwo canke iziziruta.”

^ ing. 11 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.