Umusiguzi 6:1-12

  • Gutunga ibintu ariko ntubihimbarirwe (1-6)

  • Nuhimbarirwe ivyo usanzwe ufise (7-12)

6  Hariho ikindi kintu kibabaje* nabonye munsi y’izuba, kandi kirakunze gushikira abantu:  Imana y’ukuri iraha umuntu ubutunzi, amatungo n’ubuninahazwa, ku buryo ata kintu na kimwe yipfuza ngo akibure. Ariko Imana y’ukuri ntimwemerera kubirya, bikaribwa n’umunyamahanga. Ivyo ni ubusa kandi birababaje cane.  Naho umuntu yovyara incuro ijana, akabaho imyaka myinshi kandi agashikira ubusaza, ariko ntahimbarirwe ivyiza vyiwe imbere y’uko aja mu kuzimu*, novuga ko arutwa n’umwana yavutse yapfuye+.  Kuko uwo mwana aba yavukiye ubusa, agaca aja mu mwiza maze izina ryiwe rigapfukwa n’umwiza.  Naho atigeze abona izuba canke ngo amenye ikintu na kimwe, aguma aruta urya muntu wa mbere*+.  None bimaze iki kubaho imyaka ibihumbi bibiri ariko ata munezero ufise? None bose ntibaja ahantu hamwe+?  Abantu barakora cane kugira buzuze akanwa kabo+, ariko ntibigera bahaga.  None umunyabwenge arusha iki ikijuju+? Canke umukene bimumarira iki kumenya uburyo bwo kubaho*?  Guhimbarirwa ivyo ubona biruta kwipfuza ivyo utari buronke. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga. 10  Icabayeho cose kiramaze kuronka izina, kandi ico umuntu ari kirazwi. Ntashobora guharira* n’uwumurusha ububasha. 11  Uko amajambo* aba menshi, ni ko arushiriza kutagira akamaro. None amarira iki umuntu? 12  Ni nde azi ikintu ciza umuntu yokora mu misi mikeyi y’ubuzima bwiwe ata co bumaze, irengana nk’igitutu+? Ni nde yomubwira ibizoba munsi y’izuba amaze gupfa?

Utujambo tw'epfo

Canke «hariho ikindi cago.»
Canke «kandi no gupfa ntapfe.»
Mu giheburayo havuga ngo «aguma afise akaruhuko kuruta urya muntu wa mbere.»
Mu giheburayo havuga ngo «kugendera imbere y’abazima.»
Canke «kuburana.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibintu.»