BE MASO! No 4 2016 | Icogufasha kwimenyereza ibintu vyiza
Waba ubizi canke utabizi, akamenyero ufise karagira ico gakoze ku buzima bwawe bwa misi yose, mu buryo bwiza canke bubi.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Icogufasha kwimenyereza ibintu vyiza
Nurabe neza ko akamenyero kawe kakugirira akamaro aho kuba akakugirira nabi.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
1 Genda bukebuke
Bisaba umwanya kugira uhebe akamenyero kabi wongere utsimbataze akamenyero keza. Raba ingene woshira ibihambaye imbere y’ibindi.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
2 Ca kure ivyokubera intambamyi
Niwifatanye n’abagufasha gufata ingingo nziza.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
3 Niwumireko
Naho vyoba bikugora guheba akamenyero kabi no kwimenyereza ibintu bishasha, ntutane n’akabando!
Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina kw’ababisangiye?
Yoba yiyamiriza ukuryamana kw’abasangiye igitsina? Yoba iremesha abantu kwanka abahuza ibitsina babisangiye?
ICOFASHA UMURYANGO
Ico wokora igihe habaye amahinduka
Amahinduka yama yabaye. Raba ingene abakiri bato bamwebamwe bavyifashemwo neza mu mahinduka.
IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Kirgistani
Abantu bo muri Kirgistani bafise ubwakiranyi n’urupfasoni. Ni imigenzo iyihe iranga ubuzima bwabo bwo mu rugo?
TWISUNZE BIBILIYA
Ubwiza bwo ku mubiri
Ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe y’ivy’imideri birashobora gutuma abantu bitwararika ubwiza bw’umubiri birenze urugero.
VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ubuzima bw’iminzerere y’imbonekarimwe
Iyo minzerere ifise ubuzima budasanzwe. Iboneka rimwe gusa uko haciye imyaka 13 canke 17.
Ibindi usanga kuri internet
Ingene mworeka gushwana
Wewe n’uwo mwubakanye, mwoba mwama muriko murashwana? Raba impanuro zo muri Bibiliya zobafasha.
Ivyo abakiri bato bavuga ku vyerekeye kwemera Imana
Muri aka kavidewo kamara iminuta itatu, abakiri bato barasigura ibibajijura ko hariho Umuremyi.