Ja ku birimwo

Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?

Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Mu vy’ukuri turatinya urupfu nka kurya dutinya umwansi kandi turagira ivyo dushoboye vyose kugira turwirinde. (1 Abakorinto 15:26) Yamara, gutinya urupfu bivuye ku binyoma canke ku kwemera ibintazi, biratuma abantu baba mu “buja ubuzima bwabo bwose.” (Abaheburayo 2:​15) Kumenya ukuri bizotuma utaba ugitinya urupfu, ukwo gutinya kukaba gushobora gutuma ubuzima butakuryohera.​—Yohani 8:​32.

Ukuri ku vyerekeye urupfu

  •   Abapfuye nta co bazi. (Zaburi 146:4) Ntukwiye kugira ubwoba wibaza ko niwapfa uzobabazwa canke ukaja mu muriro udahera, kuko Bibiliya igereranya urupfu n’itiro.​—Zaburi 13:3; Yohani 11:11-​14.

  •   Abapfuye ntibashobora kutugirira nabi. Mbere n’abahora ari abansi katwa kandi b’inkazi “[n]ta co bashoboye mu rupfu.” (Imigani 21:16) Bibiliya ivuga ko “urwanko rwabo n’ishari ryabo [vyamaze] gushira.”​—Umusiguzi 9:6.

  •   Si ngombwa ngo iyo dupfuye bibe biheze. Imana izosubiza ubuzima abantu bapfuye, ivyo ikaba izobigira mu kubazura.​—Yohani 5:​28, 29; Ivyakozwe 24:15.

  •   Imana irasezerana igihe ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:4) Ku bijanye n’ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera,” badatinya gupfa.​—Zaburi 37:29.