Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  No 4 2017

 IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ICO BIBILIYA IVUGA KU VYEREKEYE UBUZIMA N’URUPFU

Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu

Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubuzima n’urupfu

Inkuru yigana ivy’irema iri mu gitabu c’Itanguriro, ivuga ko Imana yabwiye umuntu wa mbere Adamu iti: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Ayo majambo arerekana mu buryo butomoye yuko iyo Adamu agamburukira Imana atari gupfa, ahubwo ko yogumye yibera mw’itongo rya Edeni.

Ikibabaje ni uko Adamu atagamburukiye Imana ngo aheze yibereho ibihe bidahera. Yahisemwo kurenga itegeko ry’Imana mu kurya icamwa yari yaramubujije, agihawe n’umugore wiwe Eva. (Itanguriro 3:1-6) N’ubu turashikirwa n’ingaruka z’ico kintu yakoze. Intumwa Paulo yabisiguye muri aya majambo, ati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Uwo “muntu umwe” si uwundi atari Adamu. None ico gicumuro cari nyabaki, kandi kubera iki cakweze urupfu?

Ico gicumuro Adamu yakoze ni ukurenga kw’itegeko ry’Imana n’ibigirankana. (1 Yohani 3:4) Nk’uko Imana yabibwiye Adamu, ingero y’icaha ni urupfu. Iyo Adamu n’abamukomotseko baguma bumvira itegeko ry’Imana, ntibocumuye kandi ntibokwigeze bapfa. Imana ntiyaremye abantu kugira bapfe, ahubwo yabaremye kugira babeho, mbere ibihe bidahera.

Nta wohakana ko urupfu ‘rwakwiye ku bantu bose,’ nk’uko Bibiliya ibivuga. Ariko none, muri  twebwe hoba hari ikintu kibandanya kubaho tumaze gupfa? Abenshi ni ko bavuga. Mugabo rero ivyo nta ho bitaniye no kuvuga ko Imana yahenze Adamu. Uti gute? Nimba hari ikintu kituvamwo iyo dupfuye maze kikabandanya kubaho mu kandi karere, urupfu ntirwoba rukiri ingero y’icaha nk’uko Imana yabivuze. Bibiliya ivuga yuko “bidashoboka ko Imana ibesha.” (Abaheburayo 6:18) Mu bisanzwe, Shetani ni we yabeshe igihe yabwira Eva ati: “Haba namba ntimuzopfa.”​—Itanguriro 3:4.

Ivyo bituma twibaza duti: ‘Nimba inyigisho y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa ari ikinyoma, none iyo umuntu apfuye bigenda gute?’

BIBILIYA IRATANGA INYISHU ITOMOYE

Inkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga ivy’irema, igira iti: “Nuko Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu w’ubutaka araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima, maze nya muntu aba umuntu muzima.” Imvugo ngo “umuntu muzima” yavuye mw’ijambo ry’igiheburayo nefeshi (ne’phesh), risobanura ngo “ikiremwa gihumeka.”​—Itanguriro 2:7, akajambo k’epfo.

Bibiliya irerekana neza ko Imana yahaye Adamu “impemu y’ubuzima,” ari yo nguvu y’ubuzima, maze Adamu aca aba muzima. Ariko ntivuga ko Imana yamuhaye ico bamwe bita ngo umutima w’ubwenge udapfa. Kanatsinda, naho worara urarondera, nta na hamwe muri Bibiliya wosanga iyo mvugo ngo “umutima w’ubwenge udapfa.”

None ko Bibiliya itavuga yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, amadini yakuye hehe iyo nyigisho? Vyose vyatanguriye mu Misiri ha kera. Reka tubirabe.

INYIGISHO YA GIPAGANI ITSIMBATARA

Umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote wo mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, yavuze ko Abanyamisiri ari bo “bantu batanguye kuvuga ko umuntu afise umutima  w’ubwenge udapfa.” Abanyababiloni na bo nyene wasanga bemera ico ciyumviro naho batagishimikako cane. Igihe umwami w’Ubugiriki Alegizandere Mukuru yigarurira akarere k’Abarabu mu 332 imbere ya Kristu, abafilozofe b’Abagiriki bari baratsimbataje iyo nyigisho. Bidatevye, yaciye ikwiragira mu karere kose katwarwa n’Ubugiriki.

Nta na hamwe muri Bibiliya wosanga imvugo ngo “umutima w’ubwenge udapfa”

Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, utudumbi tubiri nyamukuru tw’idini ry’Abayuda, ni ukuvuga Abaseni n’Abafarizayo, twigisha ko hapfa ikibiribiri, umutima w’ubwenge ukabandanya kubaho. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Jewish Encyclopedia) kivuga giti: “Inyigisho ivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa yinjiye mu Bayuda igihe batangura kwumva ivyiyumviro vy’Abagiriki, na canecane filozofiya ya Pulato.” Umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki Josèphe, na we nyene yabona ko iyo nyigisho itavuye mu Vyanditswe vyeranda, mugabo ko ari “ukwemera kw’Abagiriki,” akayifata nk’icegeranyo c’imigani n’ibitito.

Uko imico y’Abagiriki yagenda irakwiragira hose, abiyita abakirisu na bo nyene bahavuye bemera iyo nyigisho ya gipagani. Umuhinga mu vya kahise yitwa Jona Lendering yavuze ati: “Iciyumviro ca Pulato c’uko umutima wacu wigeze kuba ahantu heza cane mugabo ubu ukaba uba mw’isi mbi, caratumye filozofiya yiwe ivangana n’inyigisho za gikirisu bitagoranye.” Ukwo rero ni ko inyigisho ya gipagani y’uko ngo dufise umutima w’ubwenge udapfa yinjiye mu madini yitwa ngo ni ay’abakirisu, irahava ija mu nyigisho zayo nyamukuru.

 “UKURI KUZOBAGIRA ABIDEGEMVYA”

Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yagabishije abakirisu ati: “Ijambo ryahumetswe rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ukwizera, bagakurikira amajambo y’amahumekano azimiza be n’inyigisho z’amadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1) Emwe, kwabaye ukuri nk’ukurima! Inyigisho ivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa ni imwe gusa muri izo “nyigisho z’amadayimoni.” Ntishingiye kuri Bibiliya, ahubwo ikomoka mu madini ya kera y’abapagani no mu mafilozofiya y’abantu.

Ariko igishimishije, Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) Kumenya neza ukuri kwo muri Bibiliya, biratuma tuvavanura n’inyigisho be n’imigenzo bisiga iceyi Imana usanga bishigikirwa n’amadini menshi. Vyongeye, ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kuratubohora imigenzo be n’ibintazi bifitaniye isano n’urupfu.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Abapfuye bari hehe?

Imana ntiyaremye umuntu ngo abe kw’isi imyaka 70 canke 80 gusa, hanyuma ngo ace aja kuba mu kandi karere ibihe bidahera. Umuremyi yashaka nyabuna ko abantu boba ng’aha kw’isi ibihe bidahera, bamugamburukira nk’abana biwe. Uwo mugambi udasanzwe Imana ifitiye abantu urerekana ko ibakunda cane, kandi ntuzobura kuranguka. (Malaki 3:6) Amajambo umwanditsi wa zaburi yavuze araduhumuriza. Agira ati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.