Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

5

Ubutumwa bwo muri Bibiliya

Ubutumwa bwo muri Bibiliya

Yehova Imana arafise uburenganzira bwo gutegeka. Uburyo ategeka ni bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Umugambi afitiye isi n’abantu uzoranguka.

Inyuma ya 4026 M.K.

“Ya nzoka” iravyura amakenga ku burenganzira Yehova afise bwo gutegeka n’ingene ategeka. Yehova asezerana ko azohagurutsa “uruvyaro” canke “urubuto” ruzofyonyora iyo nzoka, ari yo Shetani. (Itanguriro 3:1-5, 15, akajambo k’epfo) Ariko rero, Yehova arareka hagaca igihe abantu bitegeka bayobowe na Shetani.

1943 M.K.

Yehova arabwira Aburahamu yuko “uruvyaro” rwasezeranywe ruzova ku bakomoka kuri we.​—Itanguriro 22:18.

Inyuma ya 1070 M.K.

Yehova arakura amazinda Umwami Dawidi hanyuma umuhungu wiwe Salomo ko “uruvyaro” rwasezeranywe rwovuye mu muryango wabo.​—2 Samweli 7:12, 16; 1 Abami 9:3-5; Yesaya 9:6, 7.

29 N.K.

Yehova aratomora ko Yezu ari we “ruvyaro” rwasezeranywe, akaba ari we Samuragwa w’ingoma ya Dawidi.​—Abagalatiya 3:16; Luka 1:31-33; 3:21, 22.

33 N.K.

Ya nzoka ari yo Shetani irakomeretsa rwa “ruvyaro” mu kwicisha Yezu. Yehova arazurira Yezu ubuzima bwo mw’ijuru hanyuma akemera agaciro k’ubuzima bwa Yezu butagira agasembwa, gutyo akaba ashizeho umushinge wo kubabarirwa ibicumuro no kuronsa ubuzima budahera abakomoka kuri Adamu.​—Itanguriro 3:15; Ivyakozwe 2:32-36; 1 Abakorinto 15:21, 22.

Nko mu 1914 N.K.

Yezu araraririza ya nzoka Shetani kw’isi, ikagumizwa mu micungararo y’isi kumara igihe gito.​—Ivyahishuwe 12:7-9, 12.

Muri kazoza

Yezu arashira mw’ibohero Shetani imyaka 1.000 maze akamuzimanganya, akaba ari nk’aho amufyonyoye umutwe. Umugambi Yehova yari afitiye isi n’abantu uraranguka, izina ryiwe rigakurwako iceyi, n’uburyo ategeka bukemezwa.​—Ivyahishuwe 20:1-3, 10; 21:3, 4.