Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Abamarayika boba bashobora kudufasha?

Abamarayika barafashije Daniyeli, umwe yakorera Imana adahemuka. Muri kino gihe, abamarayika barafasha abantu kwungukira ku nkuru nziza

Yehova Imana yararemye abamarayika amamiliyoni imbere y’uko arema abantu. (Yobu 38:4, 7) Abo bamarayika ni ibiremwa bitaboneka bikorera Imana, kandi rimwe na rimwe Imana yarabatuma gukingira abasavyi bayo bo kw’isi no kubayobora. (Zaburi 91:10, 11) Muri kino gihe, abamarayika bariko barafasha abantu kwungukira ku nkuru nziza abayoboke ba Yezu bariko bamamaza.Soma Ivyahishuwe 14:6, 7.

Twoba dukwiye gusenga abamarayika kugira badufashe? Oya. Imana ni yo yonyene dukwiye gusenga. (Ivyahishuwe 19:10) Kubera ko abamarayika bakorera Imana, bakora ivyo Imana ibategetse ntibakora ivyo bategetswe n’abantu. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kwama dusenga Imana yonyene mw’izina rya Yezu.Soma Zaburi 103:20, 21; Matayo 26:53 26:53.

Hoba hariho abamarayika babi?

Cokimwe n’abantu, abamarayika na bo nyene baremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo. Barashobora rero guhitamwo iciza canke ikibi. Ikibabaje, hari abamarayika benshi bagararije Imana. (2 Petero 2:4) Shetani ni we yatanguye, mu nyuma abandi barakurikira baca baba amadayimoni. Haraheze imyaka Shetani n’amadayimoni yiwe birukanywe mw’ijuru, batabwa kw’isi.Soma Ivyahishuwe 12:7-9.

Ubukozi bw’ikibi bwongerekanye cane kuva mu 1914 ni icerekana yuko Imana vuba igiye kuboha Shetani n’amadayimoni yiwe. Imana izoca ituma isi isubira kuba Iparadizo.Soma Ivyahishuwe 12:12; 21:3, 4.