Ja ku birimwo

Amadayimoni yoba abaho?

Amadayimoni yoba abaho?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome. Amadayimoni ni ‘abamarayika bacumuye,’ ibiremwa vy’impwemu vyagararije Imana. (2 Petero 2:4) Umumarayika wa mbere yigize idayimoni ni Shetani wa Mubesheranyi, uwo Bibiliya yita “umutware w’amadayimoni.”—Matayo 12:24, 26.

Ubugarariji bwo mu gihe ca Nowa

 Bibiliya iravuga ivy’abamarayika bagararije imbere ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa, iti: “Abana b’Imana y’ukuri batangura rero kwitegereza abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.” (Itanguriro 6:2) Abo bamarayika b’ababisha, ni ukuvuga bononekaye, ‘barataye ahantu habo ho kuba hababereye’ mw’ijuru maze biyambika imibiri y’abantu kugira ngo baryamane n’abagore.—Yuda 6.

 Igihe iryo Segenya ryaza, abo bamarayika b’abagarariji bariyambuye iyo mibiri y’abantu baca basubira mw’ijuru. Ariko rero, Imana yarabahanye mu kubirukana mu muryango wayo. Vyongeye, amadayimoni ntashobora gusubira kwambara imibiri y’abantu.—Abanyefeso 6:11, 12.