Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 INKURU Y’UBUZIMA

Narironkeye ivyiza vyinshi mu gukorera Imana

Narironkeye ivyiza vyinshi mu gukorera Imana

Kuva nkiri muto, narababazwa cane n’amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba. Nabona ko ata co nshoboye gushikako mu buzima, nkaba n’umunyamasoni. Naragiye kw’isengero rya Gatolika ry’aho naba, nizigiye ko bandemesha mu kumfasha gutahura Bibiliya. Ariko mbonye ko ata ndemesho nariko ndaronka, naciye niyumvira kuja mu vyo kwinonora imitsi.

Budakeye na kabiri, naciye ntangura kwinonora imitsi no guterura ivyuma. Mu nyuma, naruguruje ikibanza co kwinonoreramwo imitsi i San Leandro muri Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nakorana n’abaterura ivyuma, umwe muri bo akaba yari yaratahukanye agashimwe muri ivyo ku rwego rw’igihugu. Ariko rero, naho nari mfise umubiri uboneka neza, naguma numva ko hari ico mbuze.

NDONKA ICO NARONDERA

Umugenzi twakorana aho hantu nuguruje, amaze kumenya yuko nari mfise icipfuzo co gutahura Bibiliya, yarambwiye ko hari umuntu yari azi yomfasha. Bukeye Icabona ca Yehova yarangendeye. Yaramaze amasaha ane ariko arishura ibibazo vyanje akoresheje Bibiliya. Naramusavye ko yogaruka ku mugoroba, maze araza turaganira kuri Bibiliya gushika mu gicugu. Narahimbawe n’ivyo nize nca ndamusaba yuko umusi ukurikira twojana nkaraba ingene yamamaza inkuru nziza. Naratangajwe cane n’ukuntu yazingurura Bibiliya akayikoresha mu kwishura ibibazo abantu bamubaza. Naciye mvuga nti: ‘Iki ni co nanje nshaka gukora!’

Naciye mpagarika akazi nakora, nca nza ndamara imisi namamaza inkuru nziza ndi kumwe n’ico Cabona ca Yehova. Yari umutsimvyi, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bita abamara umwanya munini bariko baramamaza inkuru nziza. Nabatijwe muri Rusama 1948 ku gikorane c’Ivyabona vya Yehova cabereye mu kibanza citwa Cow Palace i San Francisco muri Kaliforniya. Nanje nahavuye mba umutsimvyi muri uwo mwaka.

Muri ico gihe nyene, narasavye Ivyabona vya Yehova ngo bagendere mawe. Mawe yarabishimye maze budakeye na kabiri araba Icabona ca Yehova. Yapfuye haciye imyaka itari mike, apfa ari intahemuka ku Mana naho ab’iwabo bamurwanije. Nta bandi babaye Ivyabona vya Yehova mu muryango wacu.

INGENE NAHUYE N’UWO TWAHAVUYE TWUBAKANA

Mu 1950, narimukiye mu gisagara ca Grand Junction, muri Colorado, aho twabonaniye na Billie. Yari yavutse mu 1928, akurira muri ca kiringo c’ingorane mu vy’ubutunzi catangura mu 1929. Nyina yitwa Minnie. Buri joro, yaramusomera Bibiliya kw’itara rya peteroli. Billie afise imyaka ine, yari azi gusoma kandi yari yarafashe ku mutwe inkuru nyinshi zo muri Bibiliya. Imbere gatoyi y’umwaka wa 1949, Ivyabona vya Yehova barafashije nyina wiwe gutahura ko umuriro udahera utabaho, mugabo ko abapfuye baja mu mva. (Umusiguzi 9:5, 10) Minnie n’umugabo wiwe bompi barabaye Ivyabona vya Yehova.

Mu 1949, Billie yaragarutse ahejeje kaminuza i Boston, aca atangura kwiga Bibiliya abigiranye umwete. Yaciye afata ingingo yo gukorera Imana aho gukora akazi ko kwigisha. Yabatijwe mu 1950 ku gikorane mpuzamakungu c’Ivyabona vya Yehova cabereye ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium i New York. Inyuma yaho gatoyi ni ho nabonana na Billie, turashinga  urwacu maze duca twihebera igikorwa co kwamamaza inkuru nziza.

Twatanguye gukorera i Eugene muri Oregon, turaharonkera abagenzi benshi twakundanye cane. Mu 1953 twarimukiye mu gisagara ca Grants Pass muri Oregon gukorana n’ishengero ritoyi ryariyo. Mu nyuma muri uwo mwaka, twararonse ubutumire bwo kuja mu mugwi ugira 23 w’abitaba Ishure rya Gileyadi, rikaba ari ishure ry’Ivyabona vya Yehova rimenyereza abamisiyonari. Ryabereye hafi y’i South Lansing, ku bilometero nka 400 mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca New York.

TUBA ABAMISIYONARI MURI BREZILE

Muri Kigarama 1954, haciye amezi atanu turangije Ishure rya Gileyadi, jewe na Billie twarafashe indege tuja muri Brezile. Tumaze isaha mu kirere, imoteri imwe yarakwamye, ariko indege irashika hasi mu mazinga ya Bermudes ata ngorane. Indege yarasubiye kugira ingorane, irururuka ku kibuga c’indege co muri Cuba. Inyuma y’amasaha 36 y’urugendo ruruhisha, twarashitse ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Rio de Janeiro muri Brezile.

Ingoro y’Ubwami ya mbere i Bauru mu 1955; yari inzu twakotesheje yariko icapa nasize

Tuhamaze imisi mike, jewe na Billie be n’abandi bamisiyonari twaciye tugenda i Bauru muri São Paulo, dutangura gukorerayo igikorwa c’ubumisiyonari. Igisagara caho carimwo abantu barenga 50.000 kandi ni twe twari Ivyabona vya Yehova ba mbere muri ako karere.

Twaratanguye kugendera abantu mu mihana yabo, ariko umupatiri wo muri ako karere yaciye atangura kuturwanya. Yaradukurikira agenda abwira abantu ngo ntibatwumvirize. Naho vyari ukwo, inyuma y’indwi nka zingahe, hari umuryango munini twigana Bibiliya wakiriye ukuri kwo muri Bibiliya, mu nyuma urabatizwa. Haciye igihe gito, n’abandi baratanguye kwiga Bibiliya.

Hari incuti y’uwo muryango wari wabatijwe yari umukuru w’ishirahamwe rizwi cane. Twarasavye kugirira igikorane mu nyubakwa z’iryo shirahamwe, turemererwa. Ariko igihe wa mupatiri yavuga ashimitse ngo ntibaduhe ico kibanza, uwo mukuru w’ishirahamwe yarabonanye n’abagize iryo shirahamwe maze ababwira ati: “Nimwabima ico kibanza, nca ntanga imihoho!” Twaremerewe kugira ico gikorane.

Mu mwaka wakurikiye, ni ukuvuga mu 1956, twaratumiwe ku gikorane kinini citwa ihwaniro ry’intara cabereye mu gisagara ca Santos muri São Paulo. Ivyabona bashika 40 bo mw’ishengero ryacu baragize urugendo mw’igariyamoshi bajayo. Dusubiye i Bauru, nahasanze ikete ringena kuba umucungezi agendera amashengero y’Ivyabona vya Yehova. Ico gikorwa nagikoze imyaka hafi 25 muri Brezile, ngendera uturere nka twose two muri ico gihugu amahero.

Mu mwaka umwe gusa, in Bauru twari tumaze kuronka abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami b’abanyamwete

INGORANE TWAGIZE MU GIKORWA

Kugira ingendo muri ico gihe ntivyari vyoroshe. Twahavuye tuzunguruka igihugu nka cose twiyunguruza mu mabisi, mw’igariyamoshi, mu mashareti, kw’ikinga canke tukagenda n’amaguru. Kimwe mu bisagara twatanguye kugendera cari igisagara ca Jaú muri São Paulo. Umupatiri waho nta ko atagize ngo aturwanye.

Yatubwiye ati: “Ntimushobora kwigisha intama zanje!”

Twamwishuye duti: “Intama si rwawe. Ni iz’Imana.”

Twaratunganije ivyo kwerekana ividewo ivuga ngo La Société du monde nouveau en action isigura ingene twamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Ariko uwo mupatiri yaciye akoranya akagwi k’abanyaparuwase ngo badutere. Twaciye ubwo nyene tubimenyesha igipolisi. Igihe uwo mupatiri na ka kagwi kiwe bashika aho twariko turabira iyo videwo, bahasanze abapolisi batari bake. Abo bapolisi barabazibiye babarabishako inkoho. Iyo videwo yararyoheye cane abantu benshi bari baje kuyiraba.

Ahantu nka hose twakoreye ico gihe, abantu batwanka baraturwanije baduhora idini. Nk’akarorero, mu gisagara c’i Brusque hafi y’i Blumenau muri Leta ya  Santa Catarina, twarabonanye n’abatsimvyi babiri bakorerayo naho babarwanya bimwe bikomeye. Kuba barihanganye bakumira kw’ibanga vyavuyemwo ivyiza vyinshi. Inyuma y’imyaka irenga 50, ubu muri ako karere hari amashengero arenga 60 ateye imbere be n’Ingoro Ivyabona vya Yehova bagiriramwo ibikorane nziza utoraba mu gisagara ca Itajaí kiri hafi yaho!

Kimwe mu bintu bihambaye nibuka mu gikorwa twakora co kugendera amashengero, ni ibiringo biteye umunezero twamara turiko turakorana n’Ivyabona bagenzi bacu mu gutegura ibikorane bininibinini. Mu myaka ya 1970, naratewe agateka ko kuba umucungezi ahagarikira igikorane cabereye ku kibuga c’inkino kinini c’i Morumbi. Amashengero hafi ijana yo mu micungararo yarasabwe gutanga abantu cumicumi kugira ngo bagire isuku muri ico kibuga buca haba ico gikorane.

Igihe rero abakinyi b’umupira bava muri ico kibuga mw’ijoro, bamwebamwe bagenda barivugira bati: “Ehe raba utwo tugore dufise imikubuzo n’ibikoropesho. Aho twibaza ko tuza kubishobora?” Yamara, ijoro ryageze hagati ikibuga cose bahejeje kugisukura! Umuyobozi ajejwe ico kibuga yaratangaye avuga ati: “Ico gikorwa mukoze mu masaha makeyi gusa, abakozi banje bokimazeko indwi yose!”

TUGARUKA MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Mu 1980, dawe yarapfuye. Inyuma y’aho gatoyi, twaciye tugaruka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira tubungabunge mawe yaba i Fremont muri Kaliforniya. Twararonse akazi k’ijoro ko gusukura amazu, ku murango tukabandanya igikorwa c’ubutsimvyi tubwira inkuru nziza abantu bavuga ururimi rw’igiportigale bo muri ako karere. Mu nyuma twarimukiye hafi y’ahitwa San Joaquin Valley, aho twarondeye abantu bavuga igiportigale mu karere amahero kava i Sacramento kagashika i Bakersfield. Ubu i Kaliforniya hari amashengero hafi cumi akoresha ururimi rw’igiportigale.

Mawe amaze gupfa mu 1995, twaciye twimukira i Floride kubungabunga se wa Billie gushika apfuye. Nyina wiwe yari yapfuye mu 1975. Mu 2000 twimukiye mu karere k’ubugaragwa kari mu bumanuko bushira uburengero bwa Colorado, haba ari ho dukorera igikorwa co kumara umwanya munini tubwira inkuru nziza Abanyamerika b’imvukira baba mu karere kabamwo abo mu bwoko bwitwa Navaho na Ute. Ikibabaje ni uko umufasha wanje Billie yapfuye muri Ruhuhuma 2014.

Ese ukuntu bimpimbara kubona narahuye n’Icabona ca Yehova yishuye ibibazo vyanje vyinshi akoresheje Bibiliya, hakaba haciye imyaka irenga 65! Ikimpimbara cane ni uko nasuzumye kugira ndabe ko ivyo yambwira ari vyo Bibiliya yigisha koko. Ivyo vyatumye nironkera ivyiza vyinshi mu gukorera Imana.