Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Urupfu rwa Yezu rudufitiye akamaro akahe?

Igihe Imana yarema abantu ba mbere, yipfuza ko babaho ibihe bidahera kw’isi ata kurwara canke gupfa. Ariko umugabo wa mbere Adamu yaragambarariye Umuremyi, aba atakaje akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Kubera ko dukomoka kuri Adamu, yaraturaze urupfu. (Abaroma 5:8, 12; 6:23) Imana y’ukuri Yehova yararungitse Umwana wayo Yezu kw’isi kugira ngo adupfire, maze agarukane ico Adamu yatakaje.Soma Yohani 3:16.

Yezu yapfuye kugira ngo abantu bashobore kubaho ibihe bidahera. Wibaza ko ubuzima budahera kw’isi buzoba bumeze gute?

Urupfu rwa Yezu rutuma dushobora guharirwa ibicumuro vyacu no kubaho ibihe vyose. Bibiliya iratwereka ukuntu ubuzima buzoba bumeze kw’isi tutagisaza, tutakirwara canke ngo dupfe.Soma Yesaya 25:8; 33:24; Ivyahishuwe 21:4, 5.

Dukwiye kwibuka gute urupfu rwa Yezu?

Ku mugoroba buca Yezu apfa, yarabwiye abayoboke biwe ngo bazokwibuke urupfu rwiwe mu kugira ibirori bisanzwe. Kwibuka urupfu rwa Yezu muri ubwo buryo buri mwaka, biraduha akaryo ko kuzirikana ku rukundo Yezu na Yehova bafitiye abantu.Soma Luka 22:19, 20; 1 Yohani 4:9, 10.