Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NTWARANTE 2014

Ingene Ijambo ry’Imana ryamenyekanishijwe muri Espanye ya kera

Ingene Ijambo ry’Imana ryamenyekanishijwe muri Espanye ya kera

“Igihe nzoba ngiye muri Esupanye, nizigiye imbere ya vyose yuko igihe nzoba ndi ku nzira ngiyeyo, nzoca kubaraba hanyuma mukamperekezayo gatoyi, mbanje kwumva yuko inkumbu ndabafitiye ziheze ku rugero kanaka.”Abaroma 15:24.

INTUMWA PAULO yandikiye ayo majambo abakirisu bagenziwe b’i Roma nko mu mwaka wa 56 Inyuma ya Kristu. Bibiliya ntivuga nimba Paulo yarashoboye kuja muri Espanye. Uko biri kwose, biciye ku gikorwa Paulo canke abandi bamisiyonari bakirisu bakoze, inkuru nziza yo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya yaratevye irashika muri Espanye mu kinjana ca kabiri.

Bidatevye, abakirisu baratanguye kuboneka no gutsimbatara hirya no hino muri Espanye. Ivyo vyatumye abantu baho bakenera Bibiliya iri mu kilatini kubera ko mu kinjana ca kabiri, Espanye yari imaze igihe kirekire yarigaruriwe n’Abaroma, ikilatini kikaba ari rwo rurimi rwavugwa cane mu karere amahero k’Inganji y’Uburoma.

BIBILIYA ZO MU KILATINI ZARAFASHIJE

Abakirisu ba mbere bo muri Espanye barashize mu gisupanyoli Bibiliya zitari nke, zose hamwe zikaba zitwa Vetus Latina Hispana. Izo Bibiliya z’ikilatini zarakoreshejwe muri Espanye imyaka myinshi imbere y’uko haboneka ya Bibiliya izwi cane yo mu kilatini yitwa Vulgate, iyo Jérôme yarangije guhindura mu ntango z’ikinjana ca gatanu Inyuma ya Kristu.

Iyo Bibiliya Jérôme yayirangirije i Betelehemu muri Palestina, kandi iyo Bibiliya ntiyatevye gushika muri Espanye. Igihe umutohoji wa Bibiliya atunze cane yitwa Lucinius yamenya ko Jérôme yariko arategura iyo Bibiliya y’ikilatini, yaripfuje kuronka ikopi yayo vuba bishoboka. Yaciye arungika abanditsi batandatu i Betelehemu kugira bimure igisomwa c’iyo Bibiliya bace bakizana muri Espanye. Mu binjana vyakurikiye, iyo Bibiliya yagiye buhorobuhoro irasubirira za Bibiliya zitwa Vetus Latina Hispana. Izo Bibiliya z’ikilatini zatumye abantu bo muri Espanye bashobora gusoma Bibiliya kandi bakayitahura. Mugabo Inganji y’Uburoma imaze kuvaho, haciye hakenerwa Bibiliya ziri mu zindi ndimi.

BIBILIYA KU BIGURA VY’AMABUYE

Mu kinjana ca gatanu, aba Wisigoths hamwe n’abandi bo mu bwoko bw’aba Germaniques barateye Espanye, bazana muri ako karere ururimi rushasha rwitwa gothique. Abo bantu bisunga ubukirisu bwitwa arianisme butashigikira inyigisho y’Ubutatu. Baje kandi bazanye Bibiliya yabo yitiriwe Ulfilas yo muri rwa rurimi rwitwa gothique. Iyo Bibiliya yarakoreshejwe muri Espanye gushika mu mpera z’ikinjana ca gatandatu, igihe Reccared umwami w’aba Wisigoths yaheba bwa bukirisu bwitwa arianisme akaba umugatolika. Yaciye ategeka ko ibitabu vyose birimwo inyigisho z’ubwo bukirisu vyegeranywa bigaturirwa, harimwo na ya Bibiliya yitiriwe Ulfilas. Ivyo vyatumye ibisomwa vyose vyo muri rwa rurimi rwitwa gothique bizimangana muri Espanye.

Ikigura c’ibuye co mu kinjana ca gatandatu Inyuma ya Kristu kiriko igisomwa ca Bibiliya co mu kilatini

Ariko ivyo ntivyabujije ko Ijambo ry’Imana ribandanya gukwiragira muri Espanye muri ico kiringo. Uretse rwa rurimi rwitwa gothique, hari hakiriho ubwoko bw’ikilatini cavugwa cane muri Esupanye, icahavuye kivyara indimi zitwa langues romanes zavugwa mu karere ka Espanye na Portigale. * Ivyandikano vya kera cane vyo muri ico kilatini vyitwa ibigura vy’aba Wisigoths kubera ari ibisomwa vyanditse ku bisate canke ibigura vy’amabuye. Ni ivyo kuva mu kinjana ca gatandatu gushika mu kinjana c’indwi, bimwebimwe muri vyo bikaba birimwo  igisomwa co muri Zaburi n’ico mu Njili. Kimwe muri vyo kiriko Zaburi ya 16 yose.

Ivyo bisomwa vya Bibiliya vyari vyanditse ku bigura vy’amabuye, birerekana ko abanyagihugu basanzwe b’ico gihe basoma bakongera bakimura Ijambo ry’Imana. Bisa n’uko abigisha bakoresha ibisomwa vyo muri Bibiliya mu guha imyimenyerezo abanyeshure biga gusoma no kwandika. Ivyo bigura vyari bizimbutse ugereranije n’inshato zizimvye zakoreshwa mu bigo vy’abihebeye Imana mu gutunganya Bibiliya zirimwo amashusho mu kiringo co hagati y’ikinjana ca gatandatu n’ica 16.

Ifoto ya ya Bibiliya y’i León irimwo amashusho menshi. Naho mwene izo Bibiliya ari iz’agaciro, ntizafashije cane gukwiragiza ubutumwa bw’Ijambo ry’Imana mu banyagihugu

Imwe muri Bibiliya z’agaciro kanini zirimwo amashusho, iri mu rusengero rwitwa San Isidoro i León muri Espanye. Ni iyo mu 960 Inyuma ya Kristu, ikaba ifise inkaratasi 516 z’uburebure bwa santimetero 47, ubwaguke bwa santimetero 34 n’uburemere bw’ibilo nka 18. Iyindi ni iyitwa Bibiliya y’i Ripoll iri mu bubiko bw’ibitabu bw’i Vatikano, bikaba bigereranywa ko ari iyo mu 1020 Inyuma ya Kristu. Ni imwe muri Bibiliya zo mu kiringo co hagati y’ikinjana ca gatandatu n’ica 16 zirimwo amashusho menshi. Kugira ayo mashusho aboneke, umumonaki yarashobora kumara umusi wose yandika urudome rwa mbere canke akamara indwi yose ariko arategura urupapuro ruzojako izina ry’iyo Bibiliya. Naho izo Bibiliya ari iz’agaciro, ntizafashije cane gukwiragiza ubutumwa bw’Ijambo ry’Imana mu banyagihugu.

BIBILIYA MU CARABU

Mu kinjana c’umunani, hari urundi rurimi rwatanguye gushinga imizi muri Espanye kubera ko abisilamu bari bigaruriye akarere ka Espanye na Portigale. Mu ntara abo bisilamu bigaruriye, icarabu cagiye kiranyoha ikilatini, bituma hakenerwa Bibiliya muri urwo rurimi rushasha.

Kuva mu kinjana ca gatanu gushika mu c’umunani Inyuma ya Kristu, Bibiliya zo mu kilatini no mu carabu zaratumye Abanyespanye bashobora gusoma Ijambo ry’Imana

Bibiliya nyinshi zo mu carabu, na canecane Injili, biboneka ko zakwiragiye muri Espanye mu kiringo co hagati y’ikinjana ca gatandatu n’ica 16. Bisa n’uko mu kinjana c’umunani umusenyeri w’i Séville yitwa John yahinduye Bibiliya yose mu carabu. Ikibabaje ni uko nyinshi muri izo Bibiliya zo mu carabu zazimanganye. Imwe muri zo ni iyo hagati mu kinjana c’icumi igizwe n’Injili, ikaba izigamiwe muri katederale y’i León muri Espanye.

Bibiliya yo mu carabu yo mu kinjana c’icumi Inyuma ya Kristu igizwe n’Injili

 HABONEKA BIBILIYA ZO MU GISUPANYOLI

Amaja mu mpera y’ikiringo co hagati y’ikinjana ca gatandatu n’ica 16, ururimi rwitwa castillan ari co gisupanyoli, rwaratanguye kuvuka mu karere ka Espanye na Portigale. Urwo rurimi rwohavuye rukoreshwa cane mu gukwiragiza Ijambo ry’Imana. * Igisomwa ca mbere ca Bibiliya cahinduwe muri urwo rurimi cabonetse mu gitabu citwa La Fazienda de Ultra Mar (Ivyo hakurya y’amazi), mu ntango z’ikinjana ca 13. Ico gitabu kirimwo inkuru y’urugendo rwagizwe muri Israyeli, kikabamwo igisomwa co muri vya bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya n’ibindi bitabu vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo (bikunze kwitwa Isezerano rya kera), Injili n’amakete y’intumwa.

Umwami Alphonse w’icumi yarashigikiye igikorwa co guhindura Bibiliya mu gisupanyoli

Ariko abakuru ba Ekleziya ntibashimye ico gisomwa ca Bibiliya cahinduwe mu gisupanyoli. Mu 1234, Inama y’i Tarragone yashinze yuko ibitabu vyose birimwo igisomwa ca Bibiliya mu rurimi rw’abanyagihugu bitegerezwa guhabwa abakuru ba Ekleziya bo mu karere umuntu abamwo kugira biturirwe. Mugabo igishimishije ni uko ivyo bitabujije ko Bibiliya zibandanya guhindurwa muri urwo rurimi. Umwami Alphonse w’icumi (1252-1284), uwubonwa ko ari we yatanguje ivyo kwandika igisupanyoli, yaripfuje ko Bibiliya ihindurwa muri urwo rurimi rushasha yongera arashigikira ico gikorwa. Imwe muri Bibiliya zahinduwe mu gisupanyoli muri ico kiringo ni iyiswe Bibiliya yo mu gihe c’imbere ya Alphonse n’iyiswe Bibiliya yo mu gihe ca Alphonse itatevye guca iboneka, ikaba ari yo Bibiliya y’igisupanyoli nini kuruta izindi zo muri ico gihe.

Urupapuro rwa ya Bibiliya yo mu gihe c’imbere ya Alphonse (ibubamfu) n’urwa ya Bibiliya yo mu gihe ca Alphonse (iburyo), zompi zikaba ari izo mu kinjana ca 13

Izo Bibiliya zompi zaratumye urwo rurimi rushasha rw’igisupanyoli rushinga imizi rwongera ruratera imbere. Ku bijanye na ya Bibiliya yo mu gihe c’imbere ya Alphonse, umuhinga yitwa Thomas Montgomery avuga ati: “Uwahinduye iyo Bibiliya yakoze igikorwa ciza cane: yayihinduye ata mahinyu, akoresha n’imvugo iryoshe. . . . Imvugo yayo iroroshe kandi iratahurika, ikaba ari yo yari ikenewe muri Bibiliya igenewe abantu batazi ikilatini.”

Ariko rero, izo Bibiliya za mbere zo mu gisupanyoli zahinduwe hisunzwe ya Bibiliya y’ikilatini yitwa Vulgate aho kwisunga indimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango. Kuva mu kinjana ca 14, abahinga b’Abayahudi barahinduye mu gisupanyoli Bibiliya zitari nke zigizwe n’igice citwa Isezerano rya kera bafatiye ku giheburayo. Ico gihe, muri Espanye ni ho hari Abayahudi benshi kuruta ahandi i Buraya, kandi abahinduzi b’Abayahudi bararonka ivyandikano vyiza vy’igiheburayo vyandikishijwe iminwe vyabafasha guhindura Bibiliya mu zindi ndimi. *

Akarorero kamwe kadasanzwe k’izo Bibiliya ni ya Bibiliya ya Alba yarangiye gutunganywa mu kinjana ca 15. Umunyespanye umwe ahambaye yitwa Luis de Guzmán yarashinze Rabi Moisés Arragel igikorwa co guhindura Bibiliya mu gisupanyoli gityoroye (castizo). Yaratanze imvo zibiri zatumye amusaba guhindura Bibiliya bushasha. Ubwa mbere yavuze ati: “Bibiliya zihari zo mu ndimi zikomoka ku kilatini zirimwo amahinyu menshi.” Ubwa kabiri yavuze ati: “Abantu nkatwe turakenera cane utujambo two ku mubari kugira dutahure ibice bigoye kwumva.” Ico kintu yasavye kirerekana ko abantu bo mu gihe ciwe bipfuza cane gusoma Bibiliya no kuyitahura. Kirerekana kandi ko Bibiliya ziri mu rurimi rw’abanyagihugu zari zimaze gukwiragira cane muri Espanye.

 Utwigoro tw’abahinduzi n’abimuzi bo mu kiringo co hagati y’ikinjana ca gatandatu n’ica 16, twatumye abantu baciye ku ntebe y’ishure bo muri Espanye bashobora gusoma Bibiliya mu rurimi rwabo kavukire bitabagoye cane. Ivyo vyatumye umuhinga mu vya kahise yitwa Juan Orts González avuga ko “Abanyespanye bari bazi Bibiliya cane gusumba abanyagihugu bo mu Budagi no mu Bwongereza imbere y’igihe ca Luther.”

“Abanyespanye bari bazi Bibiliya cane gusumba abanyagihugu bo mu Budagi no mu Bwongereza imbere y’igihe ca Luther.”—Vyavuzwe n’umuhinga mu vya kahise Juan Orts González

Ariko mu mpera z’ikinjana ca 15, Sentare ya Gatolika yo muri Espanye yarabujije ivyo guhindura Bibiliya mu ndimi zivugwa n’abanyagihugu no gutunga Bibiliya iri muri izo ndimi. Bibiliya yaciye imara igihe kirekire ibujijwe muri Espanye. Iyo ngingo yagiye kuvaho haciye ibinjana bitatu. Muri ico kiringo kitoroshe, hari abahinduzi bakeyi b’intatinyurukamvye bashize Bibiliya mu gisupanyoli bari mu mahanga baraheza bazinjiza muri Espanye mu kinyegero. *

Nk’uko iyi nkuru ya kahise ka Bibiliya muri Espanye ya kera ivyerekana, abarwanya Ijambo ry’Imana nta ko batagize ngo barizimanganye. Ariko ntibashoboye kunumya ijambo rya Mushoboravyose.Zaburi 83:1; 94:20.

Igikorwa kitoroshe abahinga benshi bakoze catumye Bibiliya ikwiragira yongera irashinga imizi muri Espanye ya kera. Abahinduzi bo muri iki gihe barakurikije akarorero k’izo mboneza zahinduye Bibiliya mu kilatini, muri rwa rurimi rwitwa gothique, mu carabu no mu gisupanyoli. Ico vyavuyemwo ni uko ubu Abanyespanye amamiliyoni bashobora gusoma Ijambo ry’Imana mu rurimi rubakora ku mutima.

^ ing. 10 Zimwe muri izo ndimi ni izitwa castillan, catalan, galicien n’igiportigale.

^ ing. 17 Muri iki gihe, igisupanyoli ni ururimi kavukire rw’abantu nk’imiliyoni 540.

^ ing. 20 Raba ikiganiro kivuga ngo “Izina ry’Imana n’ingene Alfonso de Zamora yaharaniye Bibiliya itagira amahinyu” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2011.

^ ing. 23 Raba ikiganiro kivuga ngo “Casiodoro de Reina et la Bible espagnole” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruheshi 1996.