Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NTWARANTE 2014

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYO IMANA IMAZE KUGUKORERA

Urwo rubanza ntiruze rugucike!

Urwo rubanza ntiruze rugucike!

Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu atanga ubuzima bwiwe, yarategetse abayoboke biwe b’abizigirwa kwibuka ikimazi yagira atange. Akoresheje umukate utambiwe n’umuvinyu utukura, yaratanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba maze abategeka ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”Luka 22:19.

Buri mwaka, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barahimbaza urupfu rwa Yezu kw’igenekerezo rwabereyeko. Muri uwu mwaka wa 2014, ico Cibutso kizoba ku wa mbere igenekerezo rya 14 Ndamukiza, izuba rirenze.

Uratumiwe n’igishika cinshi kuri iryo koraniro, ahazosigurwa vyinshi ku bijanye n’insobanuro y’incungu Yezu yatanze mu kudupfira. Kwitaba iryo koraniro ni ku buntu kandi nta mahera azotozwa. Uwaguhaye iki kinyamakuru arashobora kukubwira isaha ico Cibutso kizoberako n’aho kizobera ng’aho iwanyu, canke ukavyirabira ku muhora wacu jw.org. Turagusavye iryo genekerezo uryandike ahantu, kugira ngo urwo rubanza ntiruze rugucike.

Raba n'ibindi

Kwibuka urupfu rwa Yezu

Ku mwaka ku mwaka, abantu amamiliyoni barahurira hamwe kugira bibuke urupfu rwa Yezu. Uratumiwe ngo uzoze wiyumvire ukuntu ico kintu gihambaye kigufitiye akamaro.