Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Umurimyi

Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Umurimyi

Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya​—Umurimyi

“[Yezu] abwira abigishwa biwe ati: “Egome, ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.’”​—MATAYO 9:37, 38.

YEZU yarakunda gukoresha ubuhinga bwo kurima n’ibikoresho vyo kurima kugira atange ibigereranyo bishira ahabona inyigisho zihambaye. (Matayo 11:28-30; Mariko 4:3-9; Luka 13:6-9) Kubera iki? Kubera ko yaba mu kibano c’abarimyi. Benshi mu bamwumviriza bakora igikorwa co kurima nk’uko nyene cari camye gikorwa mu binjana n’ibindi. Avuze ibijanye n’imirimo yabo ya misi yose barategera ico ashatse kuvuga. Yaratahura uko ivyabo vyifashe, kandi barakorwa ku mutima n’ivyo yigisha.​—Matayo 7:28.

Turashobora kurushiriza gutahura agaciro k’ibigereranyo vya Yezu n’ak’inkuru zo muri Bibiliya mu gihe twoba dufise amakuru makeyi ku bijanye n’umurimyi wo mu kinjana ca mbere, ivyo yatera, ibikoresho yakoresha, n’ingorane yagira.

Itegereze umurimyi ariko ararangura igikorwa ciwe. Soma ivyanditswe vyatanzwe, urabe ko hari ivyo wohigira.

Igihe co gutera

Umurimyi arahagaze mu muryango ahema akayaga gakanye, yikinze mu maso imishwarara y’izuba riserutse. Imvura yaroroheje isi yari yaragaduwe n’izuba. Igihe co kurima cashitse. Arateruye isuka irimishwa n’ibitungwa, ayineze ku rutugu maze afashe akayira no mu murima.

Arashitseyo, arakoranije impfizi ziwe, ashize zibirizibiri ku ngǒgo imwe, maze aciye azihinda n’umuhunda ngo zitangure igikorwa. Umutwe usongoye w’iyo suka urimburura agataka k’urubuyebuye. Uwo mutwe w’isuka ntuza urubika ivu ahubwo uza urarishishimura hagasigara imirongo yimburuye (1). Umurimyi agenda aradandabagirana arwana urugamba ngo iyo mirongo igume igororotse; ntiyigera araba inyuma ahandi ho iyo suka yoca ita inzira. (Luka 9:62) Abwirizwa kutarenga akarimbi k’umurima wiwe agakoresha neza uko bishoboka kwose agatongo kiwe.

Ubu harageze ko uwo murima waciwemwo imirongo uterwamwo imbuto. Umurimyi afise isaho irimwo imbuto za sayiri mu kuboko kumwe, ukundi kuboko na kwo akagukoresha mu kumija imbuto (2). Kubera ko mu murima wiwe hari utuyira two gucamwo tw’ivu ritsindagiye, aritwararika cane yuko imbuto zigwa kw’“ivu ryiza.”​—Luka 8:5, 8.

Itera rirangiye haca hakurikira ukuringaniza ivu. Umurimyi arabohera amashami y’amahwa ku mpfizi ziwe zikayakwega mu murima wose. Inyoni zirasegenyuka zizwiragira zikanobagura imbuto imbere y’uko zirenzwako ivu. Mu nyuma, umurimyi arakoresha igikoresho co kubagaza (3) mu kworosha ivu no mu gukura ivyatsi bibi vyoshobora kunyoha iminago igikura.​—Matayo 13:7.

Igihe co kwimbura

Harahera amezi. Imvura iragwa. Ubu rero amahundo ya sayiri yeze, akaba ariko arahungabana akazuba kayacako, bigatuma imirima yeragurika.​—Yohani 4:35.

Igihe c’iyimbura ni ikiringo c’ibikorwa vyinshi ku murimyi n’umuryango wiwe. Umwimbuzi arafatisha ukubamfu kwiwe amahundo maze agakoresha ukuryo mu kuyakeruza inkero (4). Abandi baza baregeranya amahundo, bakayatekera mu mikama (5), maze bakayishira ku ndogobwa canke mu mikogote (6) bino bigaheza bikayitwara ku mbuga y’ikubitiro yo mu kigwati.

Izuba ni ryinshi, rikaba risa n’igitoboro cera kiri hagati mw’ijuru risa n’ubururu. Umuryango uraruhuka gatoyi mu gafuto k’igiti c’umusukoni. Baratera inkuru bagatwenga, bagasangira ningoga na ningoga udufungurwa batekeye tugizwe n’umukate, intete zumye, imyelayo, insukoni zumye, n’inzabibu. Mu kurangiza, baca bashozako ningoga na ningoga amazi y’imbizi.​—Gusubira mu vyagezwe 8:7.

Mu murima wo hafi y’aho, abatorora bariko begeranya uduhundo twasigaye (7). Bamwebamwe ni aboro batagira itongo.​—Gusubira mu vyagezwe 24:19-21.

Mu nyuma, umurimyi arasanza ya mikama y’amahundo ahantu hakirurutse hatsindagiye kuri ya mbuga y’ikubitiro yo mu kigwati. Impfizi ziguma zizunguruka zikwega igikubitisho kiremereye (8). (Gusubira mu vyagezwe 25:4) Utubuye n’utwuma bikarishe vyometse ku ruhande rwo munsi rwa nya gikubitisho biza biratemagura nya mahundo.

Umurimyi ararindira ko haza akayaga ko ku mugoroba. (Rusi 3:2) Mu gahwibi aca afata igikoresho co mu giti gifise ivyinyo nk’ikanya canke ‘ikiyozo co kugosoza’ (9), agacumita munsi ya ya mahundo yakubiswe akayaterera mu kirere. (Matayo 3:12) Intete zica zigwa hasi kubera ziremereye ariko ibikumbi bikaguruka. Aguma agira ukwo nyene gushika agosoye intete zose.

Bukeye, umugore wiwe n’abakobwa biwe baca batangura kugosora bongera bayungurura (10). Baza barasebagiza akayungiro kuzuye intete n’ibicafu. Intete za sayiri ziza ziragwa mu biseke, ibicafu na vyo bigatererwa ku ruhande. Umwimbu wabaye mwinshi cane. Umusesekara abakozi barawubika mu bikono (11). Zidakwiye muri ivyo bikono, izisigaye zica zisukwa mu binogo vyo gushinguramwo.

Umurimyi uburuhe bwamwishe; arigorora ahagaze kuri nya mbuga y’ikubitiro, agatereza amaso mu mirima iri irya n’ino y’ico kigwati. Aritegereza ahimbawe imirima isa n’umuhondo iriko ibishakara, kikaba ari ikimenyamenya c’igikorwa kitoroshe yamaze imisi n’iyindi akora. Aritegereza ingene abakozi bitwararika imirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo, amakomamanga, n’ibiti vy’imisukoni. Hafi yaho umubanyi aramupepera amuramutsa, akaba ariko arimba mu karima kiwe. Aho hantu hazova amakonkombure, inkore, ibiharage, amapwaro, ubushaza n’ibitunguru vy’igoma. Wa murimyi araruhuka gatoyi, akarangamiza mw’ijuru, agatura isengesho rigufi rivuye ku mutima, agashimira Imana ku ngabirano nzizanziza itanga.​—Zaburi 65:9-11.

[Amafoto ku rup. 28-30]

(Raba igisohokayandikiro)