Mariko 4:1-41
4 Yezu yongera kwigisha ari iruhande y’ikiyaga, hanyuma isinzi ry’abantu benshi cane riramwegera. Aca yurira ubwato abwicaramwo. Yari kure y’inkengera, ariko iryo sinzi ryose ryari ku nkengera hafi y’ikiyaga+.
2 Atangura kubigisha ibintu vyinshi mu bigereranyo+, ababwira ati+:
3 «Umve! Umubivyi yaragiye kubiba imbuto+.
4 Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira maze inyoni ziraza zirazirya.
5 Izindi zigwa ahantu h’urubuyebuye hatagira ivu ryinshi, ubwo nyene zica ziramera kuko ivu ritashika kure+.
6 Ariko izuba riserutse, zaciye zibabuka ziruma kuko zitagira imizi.
7 Izindi mbuto zaguye mu mahwa, hanyuma ayo mahwa arakura, atuma zizingama, ntizama ivyamwa+.
8 Ariko hari izindi zaguye mw’ivu ryiza, hanyuma zirakura ziragwira, zitangura kwama, rumwe rwama 30, urundi 60, urundi 100+.»
9 Aca yongerako ati: «Uwuri n’amatwi niyumve+.»
10 Igihe yari wenyene, abigishwa bamwebamwe hamwe na bamwe cumi na babiri batangura kumubaza ibibazo kuri ivyo bigereranyo+.
11 Na we abishura ati: «Mwebwe mwarahawe gutahura ibanga ryeranda+ ry’Ubwami bw’Imana, ariko abandi ndabigisha ibintu vyose mu bigereranyo+,
12 kugira ngo naho baraba ntihagire ico babona, kandi naho bumva ntihagire ico batahura. Ni co gituma batazokwigera bahindukira ngo bababarirwe+.»
13 Yongerako ati: «Ko mudatahuye iki kigereranyo, none muzotahura gute ibindi bigereranyo vyose?
14 Umubivyi abiba ijambo ry’Imana+.
15 Imbuto zabibwe iruhande y’inzira, zigereranya abantu bumva iryo jambo ariko bakimara kuryumva Shetani agaca aza+ agatwara iryo jambo ryabibwe muri bo+.
16 Izabibwe ahantu h’urubuyebuye na zo, zigereranya abantu bumva ijambo ry’Imana, ubwo nyene bagaca baryemera n’akanyamuneza+.
17 Ariko ntibashinga imizi. Bamara akanya gato, ariko hadutse ingorane canke uruhamo kubera iryo jambo, baca batsitara.
18 Hari n’izindi zabibwe mu mahwa. Izo na zo zigereranya abumva iryo jambo+,
19 mugabo amaganya+ y’ubuzima bwo muri iyi si* n’ububasha buhendana bw’ubutunzi+ hamwe n’ivyipfuzo+ vy’ubwoko bwose bikabinjiramwo, hanyuma bikarinyoha maze ntiryame.
20 Ubwa nyuma, izabibwe mw’ivu ryiza ni abumva iryo jambo bakaryakira neza, hanyuma bakama incuro 30, 60 na 100+.»
21 Yongera kubabwira ati: «Mbega hari uwozana itara kugira arishire munsi y’igiseke* canke munsi y’igitanda? Mbega ntarizana kugira arishire ku co bariterekako+?
22 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe kitazoja ahabona, kandi nta kintu na kimwe cagizwe ibanga kitazoja ku mugaragaro+.
23 Uwuri n’amatwi niyumve+.»
24 Ababwira kandi ati: «Mwumvirize neza ivyo ndiko ndababwira+. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako, mbere bazobongera n’ibindi.
25 Kuko uwufise azokwongerwa n’ibindi+, mugabo uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+.»
26 Abandanya kuvuga ati: «Ubwami bw’Imana bumeze nk’umuntu yabivye imbuto mw’ivu.
27 Arasinzira mw’ijoro, ku murango akikangura, imbuto na zo zikamera kandi zigakura, ariko ntamenye ingene bigenda.
28 Buhorobuhoro ivu riratuma izo mbuto zama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikuzura intete.
29 Intete zimaze kwera, aratora agakero akimbura, kuko iyimbura rigeze.»
30 Yongera kubabwira ati: «Ubwami bw’Imana twobusanisha n’iki, canke twobugereranya n’iki?
31 Bumeze nk’agatete ka sinapi. Umuntu akigatera mw’ivu, kaba ari akabuto gatoyi kuruta izindi mbuto zose zo kw’isi+.
32 Ariko bamaze kugatera, karakura kakavamwo igiterwa kinini kuruta ibindi vyose*, kandi kikazana amashami manini ku buryo inyoni zo mu kirere zibera mu gitutu caco.»
33 Nuko abigisha ijambo ry’Imana akoresheje ibigereranyo vyinshi+ nk’ivyo, yisunze ivyo bashobora gutahura.
34 Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo, ariko abigishwa biwe yarabasigurira ibintu vyose mu mwiherero+.
35 Kuri uwo musi nyene hageze ku mugoroba, ababwira ati: «Tujabuke tuje ku yindi nkengera y’ikiyaga+.»
36 Bamaze kurungika rya sinzi, baca bamujana mu bwato ukwo nyene yari ari, kandi hariho n’ubundi bwato bwari kumwe na bo+.
37 Nuko haduka igihuhusi gikomeye, kandi imikuba iguma yikubita ku bwato, ku buryo buhakwa kwuzura amazi+.
38 Ariko we yari yiryamiye ku musego amaja inyuma mu bwato. Baca baramuvyura, bamubwira bati: «Mwigisha, nta co bikubwiye kubona tugira dupfe?»
39 Aca arahaguruka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: «Hora! Tekereza+!» Uwo muyaga uca uraturura, haratekana cane.
40 Hanyuma ababwira ati: «Kubera iki mutinya cane*? Mbega nta kwizera na gukeyi muragira?»
41 Ariko bagira ubwoba bwinshi, maze babwirana bati: «None uyu muntu ni bwoko ki? Mbere n’umuyaga n’ikiyaga biramwumvira+!»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «muri iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Canke «y’igiseke bapimisha.»
^ Ni ibiterwa vyo mu bwoko bw’imboga.
^ Canke «muri abanyabwoba.»

