Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasomyi bacu barabaza . . .

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere boba baraja muri politike?

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere boba baraja muri politike?

▪ Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yaratomoreye abigishwa biwe ukuntu bokora igikorwa yabashinze, ariko nta mpanuro ijanye n’ivya politike yabahaye. (Matayo 28:18-20) Ni co gituma abigishwa biwe babandanije kubaho bisunga ingingo ngenderwako Yezu yari yarabahaye igira iti: “Nimwishure Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”​—Mariko 12:17.

Iyo ngingo ngenderwako yafashije gute abo bayoboke ba Yezu kuba mw’isi mugabo atari ab’isi? Ni akarimbi akahe batarenga ku bijanye n’ivyo bakwiye guha Sezari, ni ukuvuga Leta, be n’ivyo bakwiye guha Imana?

Intumwa Paulo yabona ko kuja muri politike ari ukurenga kuri iyo ngingo ngenderwako Yezu yatanze. Nk’uko igitabu kimwe (Beyond Good Intentions​—A Biblical View of Politics) kibivuga, “Paulo yari yiteguriye gukoresha ubwenegihugu bw’Uburoma yari afise kugira asabe ko ubutungane bumukingira nk’uko yari abikwiriye, mugabo ntiyigeze agira uruhande ashigikiye mu bibazo vya politike vyo mu gihe ciwe.”

Ni ubuyobozi ubuhe Paulo yahaye abakirisu bagenziwe? Ca gitabu nyene congerako giti: “Amakete yandikiye abemera bo mu bisagara bikomakomeye nka Korinto, Efeso na Roma ntiyinjira mu bintu ata ho bihuriye n’ivy’Imana bijanye n’amatati y’ivya politike.” Ico gitabu kiravuga kandi ko Paulo “yahimirije [abakirisu] kuyobokera intwaro, mugabo mu makete menshi yanditse nta na hamwe yerekana politike yinaka n’imwe ishengero ry’aho hantu rikwiye guhimiriza inzego za Leta ngo ziyisunge.”​—Abaroma 12:18; 13:1, 5-7.

Abakirisu babayeho mu myaka mirongo yakurikiye urupfu rwa Paulo bagumye bumiye kuri ako karimbi kari hagati y’ivyo basabwa n’Imana n’ivyo basabwa na Leta. Barabandanya kwubaha ubutegetsi ariko bakirinda kuja mu bikorwa vya politike. Ku bijanye n’abo bakirisu, ca gitabu kigira giti: “Naho abakirisu bo mu kinjana ca mbere bemera ko bategerezwa guha icubahiro abategetsi, ntibemera kuja muri politike.”

Ariko haciye nk’imyaka 300 Kristu apfuye, ibintu vyarahindutse. Umunyatewolojiya Charles Villa-Vicencio avuga ati: “Aho ubutegetsi buhindukiye ku ntwaro ya Konsitantino, biboneka ko abakirisu benshi cane batanguye kuja mu buzi bwa Leta, mu gisoda, bakemera n’ibiti muri politike.” (Between Christ and Caesar) Ingaruka yabaye iyihe? Mu mpera z’ikinjana ca kane G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), urwo ruvange rw’idini na politike rwari rusigaye ari rwo rugize idini rya Leta mu Nganji y’Uburoma.

Muri iki gihe, amadini menshi avuga ko akurikira Kristu abandanya guhimiriza abayoboke bayo kuja muri politike. Ariko rero, ayo madini ntariko yigana akarorero ka Kristu canke k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere.