Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Idini ryiza ryigisha abaririmwo gukundana nk’abavukana

Idini ryiza ryigisha abaririmwo gukundana nk’abavukana

BIBILIYA ivuga iti: “Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo.” (1 Yohana 4:8, BY) Idini ryiza rero, rikwiye kwigisha abaririmwo gukundana nk’abavukana.

Amadini menshi ararangura igikorwa gishimwa co kwitwararika abarwaye, abageze mu zabukuru be n’aboro. Arahimiriza abayarimwo ngo bashire mu ngiro impanuro intumwa Yohani yatanze, uno akaba yanditse ati: “Uwufise itunga ryo kw’isi, akabona mwenewabo ari mu bukene, akazitira imbabazi ziwe kur’uyo, urukundo rw’Imana rwoguma muri we gute? Bana banje, ntidukundane mu majambo no ku rurimi, ariko nidukundane mu bikorwa no mu kuri.”​—1 Yohani 3:17, 18, UB.

Ariko none bica bigenda gute igihe amahanga atanye mu mitwe? Itegeko Imana itanga ryo ‘gukunda mugenzawe nk’uko wikunda’ ryoba rikwiye gushirwa mu ngiro mu bihe vy’amahoro yamara rigaca rihonyangwa igihe umutegetsi canke umwami ahisemwo kurwana n’ihanga ribanyi?​—Matayo 22:39, BY.

Yezu yavuze ati: “Urukundo muzokundana ni rwo ruzobarangira bose ko muri abigishwa banje.” (Yohani 13:35, UB) Uko wishura ku bibazo bikurikira, niwibaze uti: ‘Mbega abari muri iryo dini boba bagaragariza urukundo abantu bose mu bihe vyose, ivyo ntibabigire mu majambo gusa ariko bakabishira no mu ngiro?’

ICIYUMVIRO: Intambara.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: Yezu yategetse abigishwa biwe ati: “Jeho ndababgire: mukunde abansi banyu, musabire ababahama.”​—Matayo 5:44, BY.

Igihe abasoda baza gufata Yezu, intumwa Petero yarasokoroye ikirwanisho kugira ngo amurwanire. Ariko rero, Yezu yavuze ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.”​—Matayo 26:52, BY.

Intumwa Yohani yanditse ati: “Ng’iki ikimenyesha abana b’Imana n’abana ba shetani: ûwudakora ubutungane wese s’uw’Imana, kumwe n’uwudakunda mwenewabo. Kukaba nkako, ng’iri ijambo mwumvise kuva na kera: n’uko twokundana, ntitugire nka Kahini yari uw’Umubi, akîca mwenewabo.”​—1 Yohani 3:10-12, UB.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba riremesha abari muri ryo ngo bagire uruhara mu ntambara?

ICIYUMVIRO: Ibijanye na politike.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: Abantu bamwebamwe bamaze kubona ubushobozi Yezu yari afise bwo gukora ibitangaro, barashatse kumwinjiza mu vya politike vy’aho hantu. None yavyifashemwo gute? Bibiliya ivuga iti: “Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.”​—Yohana 6:15, BY.

Igihe Yezu yafatwa maze bakamwagiriza bamubeshera yuko ngo yariko atera umugumuko mu bijanye na politike, yishuye ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ubgo mur’iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ubgami bganje s’ubg’ino.”​—Yohana 18:36, BY.

Igihe Yezu yariko arasenga Imana ayibwira ibijanye n’abigishwa biwe, yavuze ati: “Narabahaye ijambo ryawe, vyongeye isi yarabanse kuko batari abayo, nkuko nanje ntari uw’isi.”​—Yohani 17:14, UB.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba rikurikiza akarorero ka Yezu maze rikirinda kwisuka mu vya politike, naho ivyo vyoba bituma abaririmwo bankwa n’abanyapolitike bamwebamwe?

ICIYUMVIRO: Ukwinubana.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: Igihe abantu ba mbere batagenyerewe batari Abayuda bacika abakirisu, intumwa Petero yaciye avuga ati: “Imana [nti]robanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35, BY.

Mu kwandikira abakirisu bo mu kinjana ca mbere, Yakobo yavuze ati: “Benewacu, ntimugire abo dusobanura mu bandi, mu kwemera mufitiye Umukama wacu Yezu-Kristu nyen’ubuninahazwa. Mw’ikoraniro ryanyu, ni ryinjiramwo umuntu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu zisayangana, hakinjiramwo umworo yambaye udushambara tw’umwanda, namwe mukitegereza uwambaye ibisayangana mukamubarira muti: ‘Niwicare hano heza’, uno mworo na we mukamubarira muti: ‘Weho hagarara hariya’, canke muti: ‘Icara hambavu y’ibirenge vyanje’, none se: ntimuba musobanuye bamwe mu bandi, mukagenza nk’abacamanza biyumvira ibitaroranye?”​—Yakobo 2:1-4, UB.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba ryigisha yuko abantu bose bangana imbere y’Imana be n’uko abaririmwo badakwiye kwinuba umuntu n’umwe bishimikije ubwoko canke ubutunzi?

Ni idini irihe ryigisha abaririmwo kurengera intambamyi zishimikiye ku vya politike, ku vy’ubwoko be no ku vy’ubutunzi zituma abantu bacanamwo?