Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Idini ryiza ryigisha abaririmwo kwubaha Ijambo ry’Imana

Idini ryiza ryigisha abaririmwo kwubaha Ijambo ry’Imana

YEZU yarerekanye ko yubaha Ijambo ry’Imana Bibiliya. Ivyo birigaragaza mu kuntu yavyifashemwo igihe yariko arageragezwa na wa Mubesheranyi. (Matayo 4:4-11) Nk’akarorero, Yezu yakoze iki igihe Shetani yamubwira amugeza ngo nahindure amabuye acike imikate? Yezu yariyamirije ico kigeragezo mu gusubiramwo amajambo yahumetswe Musa yavuze, ano ukaba ushobora kuyisomera mu Gusubira mu vyagezwe 8:3. Igihe na ho wa Mubesheranyi yabwira Yezu ko yociye amuha ubwami bwose bwo kw’isi ngo abutegeke aramutse agize ikintu kimwe gusa kiranga ko amusenze, Yezu yavyifashemwo gute? Yaranse ico kintu yari amwemereye mu kwerekeza ku ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe ushobora gusanga mu Gusubira mu vyagezwe 6:13.

Zirikana gatoya: Naho Yezu yari Umwana w’Imana ubwayo, yariheka kuri Bibiliya akaba ari yo yisunga igihe yaba ariko arigisha. Vyongeye, nta gukeka ko atigeze ashira ku ruhande Ijambo ry’Imana ngo yisunge imigenzo y’abantu. (Yohani 7:16-18) Ariko rero, indongozi nyinshi z’idini zo mu gihe ca Yezu ntizubaha Ijambo ry’Imana nk’uko yabigira. Uti kubera iki? Zari zararetse imigenzo y’abantu iranyoha Ivyanditswe Vyeranda. Yezu yabwiye abo banyedini atarya umunwa ati: “Mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’imigenzo yanyu. Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge, at’Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa, kukw inyigisho bigisha ar’ivyagezwe n’abantu.”​—Matayo 15:6-9, BY.

Menshi mu madini yo mw’isi, aya gikirisu cokimwe n’ayatari aya gikirisu, yivugisha ko yubaha Bibiliya. Ariko none, ni amadini angahe uzi yubahuka kwiyamiriza imigenzo y’abantu igihe iba iteye kubiri n’inyigisho zitomoye dusanga mw’Ijambo ry’Imana? Rimbura uturorero tubiri gusa.

ICIYUMVIRO: Amazina y’icubahiro yo mu madini.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: Yezu yariyamirije indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe kubera yuko zakunda amazina y’icubahiro zikaba kandi zashaka kuba rurangiranwa. Yavuze ko abo bantu bakunda “ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n’intebe z’icubahiro mu masinagogi, no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.” Yezu yaciye abwira abigishwa biwe ati: “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru.”​—Matayo 23:1-10, BY.

IKIBAZO: Indongozi z’iryo dini zoba zishimishwa no guhamagarwa amazina y’icubahiro zikaba kandi zirondera kuba rurangiranwa mu kibano, canke zoba zigamburuka itegeko rya Yezu ryo kwirinda kugira ivyo bintu?

ICIYUMVIRO: Ugukoresha ibishusho mu gusenga.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: “Ntukibāzire igishushanyo, cank’igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz’uvyikubite imbere, ntuz’ubisabe.”​—Kuvayo 20:4, 5, BY.

Intumwa Yohani yandikiye abakirisu ati: “Mwirinde ibigirwamana.”​—1 Yohana 5:21, BY.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba rigamburuka itegeko ritomoye ryo muri Bibiliya risaba kwirinda gukoresha ibishusho n’ibigirwamana mu gusenga Imana?

Urashobora gutora inzira y’ukuri

Naho muri kino gihe hariho amadini menshi bigatuma umuntu ajuragirika, urashobora gutora irishikana mu buzima. Hariho ibintu vyinshi biranga “idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana.” (Yakobo 1:27, BY) Ivyanditswe twaganiriyeko muri ibi biganiro birashobora kuba nk’ivyapa bifasha mu kukwerekeza kuri iryo dini.

Ubona gute usavye Ivyabona vya Yehova bakakwereka inyishu z’ibibazo vyabajijwe muri ibi biganiro? Uko usuzuma ivyo bavuga, nukurikize akarorero keza k’abantu babayeho mu kinjana ca mbere mu gisagara ca Bereya. Bamaze kwumva intumwa Paulo ariko aramamaza, baciye “basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ukuri.” (Ivyakozwe 17:11, BY) Niwubaha Ijambo ry’Imana ukongera ukaryiga ubigiranye umwete nk’ukwo kw’Abanyabereya, uzotora inzira ijana mu buzima. Ivyo guca muri iyo nzira canke kutayicamwo, ni wewe uzoheza ukavyihitiramwo.

Ni idini irihe riremesha abantu kwiga Ivyanditswe kugira ngo barabe niba ivyo bariko bariga ari ivy’ukuri koko?