Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Woba ufise umumarayika murinzi?

Woba ufise umumarayika murinzi?

Bibiliya ntivuga ko buri muntu afise umumarayika murinzi. Ego ni ko Yezu yarigeze kuvuga ati: “Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru.” (Matayo 18:10) Ariko rero Yezu ntiyariko avuga ko buri muntu afise umumarayika murinzi. Yariko avuga gusa yuko abamarayika bitwararika cane ivyo abigishwa biwe bakora. Ku bw’ivyo, abasavyi b’Imana b’ukuri ntibita mu kaga, bibwira yuko abamarayika b’Imana babakingira.

Vyoba none bisobanura yuko abamarayika badafasha abantu? Habe namba. (Zaburi 91:11) Hari abemeza bashimitse yuko Imana yabakingiye yongera irabayobora ikoresheje abamarayika. Umwe Kenneth yavugwa mu kiganiro gitangura ni umwe muri bo. Naho tutoca tuvyemeza ijana kw’ijana, ashobora kuba avuga ukuri. Igihe Ivyabona vya Yehova bavuga inkuru nziza, barakunze kwibonera ingene abamarayika babafasha. Mugabo kubera ko abamarayika bataboneka, ntidushobora kuvuga urugero Imana ishikanako mu kubakoresha igihe ifasha umuntu mu mice itandukanye. Naho ari ukwo, ntitwoba twihenze dushimiye Mushoboravyose ku vyiza vyose aba yadukoreye.​—Abakolosayi 3:15; Yakobo 1:17, 18.