Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?

Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?

Inyishu Bibiliya itanga

Ego cane, kuko Imana igomba ko abantu bakoranira hamwe kugira bayisenge. Bibiliya ivuga iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.”Abaheburayo 10:24, 25.

Yezu yarerekanye ko abigishwa biwe bobaye bagize umugwi utunganijwe neza igihe yababwira ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Ikintu nyamukuru bokoze mu kwerekana urwo rukundo kwobaye ukwifatanya n’abo basangiye ukwemera. Bobaye bagabuye mu migwi yitwa amashengero, abagize buri mugwi bakaza barahurira hamwe kugira basenge. (1 Abakorinto 16:19) Bose hamwe bobaye bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.1 Petero 2:17.

Kuba uri mw’idini gusa ntibihagije

Naho Bibiliya yigisha ko abantu bakwiye gukoranira hamwe kugira basenge Imana, ntiyigisha ko kuba umuntu ari mw’idini vyonyene bihagije kugira ahimbare Imana. Kugira yemerwe n’Imana, ategerezwa kubaho yisunga ivyo yigishwa mw’idini. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Insengo [canke idini] ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo, no kuguma wirinze ntutosekazwe n’isi.”Yakobo 1:27.

Raba n'ibindi

IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA

Kubera iki Ivyabona vya Yehova aho basengera bahita “Ingoro y’Ubwami”?

Raba aho izina “Ingoro y’Ubwami” ryakomotse n’igituma turikoresha.