Ubwami bw’Imana ni iki?
Abantu benshi barasenga basaba ngo Ubwami bw’Imana buze, ariko none woba umaze kwibaza Ubwami bw’Imana ico ari co be n’ivyo buzokora?
RIMBURA IVYO BIBILIYA IVUGA:
Ubwami bw’Imana ni iki?
Ni intwaro yo mw’ijuru, Umwami wayo akaba ari Yezu Kristu.—Yesaya 9:6, 7; Matayo 5:3; Luka 1:31-33.
Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?
Buzokuraho ibintu vyose bibi maze butume kw’isi abantu baronka amahoro arama.—Daniyeli 2:44; Matayo 6:10.
Kubanza kurondera Ubwami bisobanura iki?
Bisobanura gushigikira Ubwami bw’Imana no kwizigira ko ari bwo bwonyene buzotuma kw’isi ibintu bimera nk’uko Imana ibishaka.—Matayo 6:33; 13:44.