Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Abantu benshi barasenga basaba ngo Ubwami bw’Imana buze, ariko none woba umaze kwibaza Ubwami bw’Imana ico ari co be n’ivyo buzokora?

RIMBURA IVYO BIBILIYA IVUGA:

  • Ubwami bw’Imana ni iki?

    Ni intwaro yo mw’ijuru, Umwami wayo akaba ari Yezu Kristu.​—Yesaya 9:6, 7; Matayo 5:3; Luka 1:31-33.

  • Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

    Buzokuraho ibintu vyose bibi maze butume kw’isi abantu baronka amahoro arama.​—Daniyeli 2:44; Matayo 6:10.

  • Kubanza kurondera Ubwami bisobanura iki?

    Bisobanura gushigikira Ubwami bw’Imana no kwizigira ko ari bwo bwonyene buzotuma kw’isi ibintu bimera nk’uko Imana ibishaka.​—Matayo 6:33; 13:44.