Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

Bamwe mu bigishwa ba Yezu b’intahemuka baripfuje kumenya igihe Ubwami bw’Imana bwotanguriye kuganza. Mu kubishura, Yezu yababwiye ko batomenye igihe nyezina bwotanguriye kuganza isi. (Ivyakozwe 1:6, 7) Ariko imbere y’aho, yari yababwiye ko baramutse babonye ibintu bimwebimwe biriko birashika mu kiringo kimwe, bociye “[ba]menya yuko ubwami bw’Imana buri hafi,” be n’uko igihe c’uko buganza isi kigeze.​—Luka 21:31.

NI IBINTU IBIHE YEZU YAVUZE KO VYOBAYE?

Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami; kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi.” (Luka 21:10, 11) Ivyo bintu vyose rero bibera mu kiringo kimwe, bigize ikimenyetso ntaharirizwa cerekana ko “ubwami bw’Imana buri hafi.” None ivyo bintu vyoba vyarabaye mu kiringo kimwe kandi bikibonekeza hirya no hino kw’isi? Rimbura ibimenyamenya.

1. INTAMBARA

Mu 1914, haradutse intambara itari bwigere ibaho. Abahinga mu vya kahise bakunze kuvuga ko umwaka wa 1914 wabayemwo amahinduka akomeye, kuko ari ho habaye intambara ya mbere y’isi yose. Muri iyo ntambara ni ho hatangura gukoreshwa ku rugero runini ibirwanisho bikomakomeye: uri za burende, indege, ibikoho vya rutura, imyuka y’ubumara be n’ibindi birwanisho bikaze. Hakurikiye intambara ya kabiri y’isi yose, iyatanguye gukoreshwamwo ibirwanisho ruhonyanganda. Kuva mu 1914, abantu bagiye baratera intambara hirya no hino, kandi izo ntambara zarahitanye abantu amamiliyoni.

2. VYA NYAMUGIGIMA

Igitabu kimwe (Britannica Academic) kivuga ko buri mwaka haba vya nyamugigima nka 100 bishoboye “gutikiza abantu n’ibintu.” Urwego rwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika rugira ubushakashatsi mu vy’ubutaka, na rwo ruvuga ruti: “Dufatiye ku makuru yagiye aratororokanywa (kuva nko mu 1900), buri mwaka twitega ko haba vya nyamugigima bikomakomeye nka 16.” Naho hari abavuga yuko ico gitigiri ciyongereye kubera ko ubu hari ubuhinga bwo kubipima, ikizwi coco ni uko hirya no hino kw’isi vya nyamugigima bikomakomeye biriko birakora ibara, kandi bigahitana abantu ku rugero rutari bwigere rubaho.

 AMAPFA

Amapfa tubona hirya no hino kw’isi aterwa n’intambara, igiturire, ingorane zikomeye z’ivy’ubutunzi, gutunganya nabi uburimyi canke kudategekanya ingene bohangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere. “Icegeranyo c’umwaka wa 2018” c’Ishirahamwe mpuzamakungu PAM kigira giti: “Kw’isi yose, abantu imiliyoni 821 barashonje, imiliyoni 124 muri bo bakaba basinzikaye cane.” Gufungura nabi vyatumye abana nk’imiliyoni 3 n’ibihumbi 100 bapfa buri mwaka. Mu mwaka wa 2011, hafi ica kabiri c’abana bapfuye kw’isi yose bishwe no gufungura nabi.

4. INDWARA N’IBIZA

Icegeranyo c’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, kivuga yuko ikinjana ca 21 caranzwe n’ibiza bikomakomeye. Kivuga ko indwara za kera zagarutse, nka korera, fièvre jaune be n’izindi, mbere ko hari n’izindi nshasha zadutse, nk’indwara zo guhema nabi, ikiza c’akamangu, Ebola na Zika. Naho abahinga be n’abaganga bamenye vyinshi ku bijanye n’indwara, vyarabananiye gutora umuti w’indwara zose.

5. KWAMAMAZA INKURU NZIZA KW’ISI YOSE

Yezu yaravuze ikindi kintu cobaye mu bigize ca kimenyetso, ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Naho isi yose iri muri mu ngorane zikomeye, abantu barenga imiliyoni umunani bo mu mahanga yose bariko baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu bihugu birenga 240, mu ndimi zirenga 1.000. Ico ni ikintu kitari bwigere kibaho muri kahise k’abantu.

 ICO KIMENYETSO KITWEREKA IKI?

Ibintu bigize ca kimenyetso Yezu yavuga biriko biraba muri iki gihe. Kubera iki none dukwiye kuvyitwararika? Ni kubera ko Yezu yavuze ati: “Mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.”​—Luka 21:31.

Vuba, Ubwami bw’Imana buzoshitsa ivyo Imana igomba kw’isi

Ibigize ca kimenyetso Yezu yavuga hamwe n’ibindi bivugwa muri Bibiliya, biradufasha gutahura ko Imana yashinze Ubwami bwayo mw’ijuru mu mwaka wa 1914. * Ico gihe, yarimitse Umwana wayo Yezu Kristu aba Umwami. (Zaburi 2:2, 4, 6-9) Vuba, Ubwami bw’Imana buzoganza isi buce bukuraho izindi ntwaro zose, gutyo butume isi iba iparadizo abantu bazokwiberamwo ibihe bidahera.

Vuba, tugiye kwibonera iranguka rya ya majambo yo muri rya sengesho Yezu yigisha, ayagira ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) None ubwo Bwami buriko bukora iki kuva igihe bwatangura kuganza mu 1914? Mbega hoho, ni ibiki twokwitega igihe abantu bose bazoba baganzwa n’ubwo Bwami?

^ ing. 17 Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’umwaka wa 1914, raba igitabu Bibiliya itwigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, akajambo ko ku mpera ka 22.