Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kugira izina ryiza, canke kuvugwa neza, bituma abandi batwizigira bakanatwubaha

‘Izina ryiza riruta itunga ryinshi’

‘Izina ryiza riruta itunga ryinshi’

IZINA ryiza, canke kuvugwa neza, ni ikintu c’agaciro cane ku buryo mu bihugu bimwebimwe gikingirwa n’amategeko. Ayo mategeko usanga ahana uwambitse ibara umuntu biciye mu bimenyeshamakuru canke ku munwa. Ivyo biratwibutsa umugani wa kera uvuga uti: “Wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi; ubutoni [canke “icubahiro”] buraruta mbere ifeza n’inzahabu.” (Imigani 22:1) Twokora iki ngo tugire izina ryiza n’icubahiro imbere y’abantu? Bibiliya iraduha impanuro nziza.

Raba nk’akarorero ivyo ivuga muri Zaburi ya 15. Irabaza ngo: “Ni nde azoba umushitsi mw’ihema [ry’Imana]?” Ica yishura iti: “Ni . . . [uwu]kora ibigororotse, kandi akavuga ukuri mu mutima wiwe. Nta we yabesheye . . . Nta kibi na kimwe yakoreye mugenziwe, kandi nta ceyi yasize umugenzi wiwe somambike. Mu maso yiwe uwugayitse ntabura gutabwa nk’akanuka . . . Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntahindura. . . . Kandi ntiyakiriye igiturire.” (Zaburi 15:1-5) Umuntu nk’uyo wobura kumwubaha?

Ikindi kintu gituma umuntu yubahwa ni ukwicisha bugufi. Mu Migani 15:33 havuga hati: “Imbere y’ubuninahazwa haba uguca bugufi.” Abicisha bugufi barabona ico bakeneye kuryohora maze bakihatira kukiryohora. Kandi iyo bababaje umuntu barasaba imbabazi. (Yakobo 3:2) Ariko abishima bobo bihutira gushavura. Mu Migani 16:18 havuga ngo: “Ubwishime buza imbere yo gusenyuka, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara.”

Bite ho mu gihe hagize uwugucafuza? Woba ukwiye guca ugira uko ishavu rigize? Niwibaze uti: ‘Ninagerageza kubeshuza ibinyoma bamvuzeko sinzohava nsanga ndiko ndabikwiragiza cane?’ Naho rimwe na rimwe biba ngombwa ko twitwarira umuntu, Bibiliya iduhanura ‘kudashingisha urubanza gihutihuti’ ahubwo ko dukwiye ‘kwiburanira kuri mugenzi wacu,’ ni ukuvuga kwitatura na we. (Imigani 25:8, 9) * Uhisemwo kugenza buhoro vyotuma utamarira utwawe mu mburano.

Bibiliya si igitabu kivuga ivy’idini gusa. Ni igitabu gitanga impanuro nziza zidufasha mu buzima. Tuzikurikije ziradufasha kuba abantu beza, bigatuma tugira izina ryiza tukongera tukubahwa.

^ ing. 5 Muri Matayo 5:23, 24; 18:15-17, urahasanga izindi mpanuro zijanye no gutatura amatati.