Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  No 4 2017

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | RAJESH KALARIA

Umuhinga w’ubwonko asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga w’ubwonko asigura icatumye yemera Imana

UMUHINGA Rajesh Kalaria wo kuri Kaminuza y’i Newcastle, mu Bwongereza, amaze imyaka irenga 40 agira ubushakashatsi bujanye n’ubwonko bw’umuntu. Yahora abona ko ubuzima bwiyadukije. Ariko ubu si ko abibona. Ikinyamakuru Be maso! yaramubajije ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera.

Wotubwira idini wakuriyemwo?

Dawe yavukiye mu Buhindi. Na mawe ni yo akomoka, ariko yavukiye mu Buganda. Bari abantu bakurikiza cane imigenzo yo mw’idini ry’abahindu. Tuvukana turi batatu, nkaba ngira kabiri. Twaba i Nayirobi muri Kenya. Twarabana n’abandi bantu benshi bo muri iryo dini.

Ni igiki catumye ukunda ivy’ubuhinga bwa siyansi?

Narakunda cane ibikoko. Ni co gituma twe n’abagenzi banje twakunda kuja gutembera mw’ishamba, tukanararayo kugira tuvyihweze. Mu ntango nashaka kuba umuganga w’ibitungwa. Ndangije ishure kaminuza ry’imyuga i Nayirobi, naciye nja mu Bwongereza kwiga ibijanye n’indwara kuri kaminuza y’i Londres. Nahavuye ntangura kugira ubushakashatsi bujanye n’ubwonko bw’umuntu.

Ivyo wize vyoba vyarahinduye ivyo wemera mu vy’idini?

Egome. Uko niga ivy’ubuhinga bwa siyansi, ni ko nagira amakenga ku migani n’imigenzo vyo mw’idini ry’abahindu, nk’umugenzo wo gusenga ibikoko n’amashusho.

Woba waremera ko ubuzima bwiyadukije?

Nkiri muto, abantu benshi nabona bemera yuko ihindagurika ry’umuntu ryatanguriye muri Afrika. Ni na vyo batwigisha kw’ishure. Kandi abarimu n’abigisha bo kuri kaminuza basa n’abatwereka ko abahinga bakomakomeye bose bemera ivy’ihindagurika.

 Ariko wahavuye ugira amakenga kuri iyo nyigisho. Kubera iki?

Umusi umwe, maze imyaka mike niga ivyerekeye ibinyabuzima n’ibigize imibiri yavyo, hari umunyeshure twigana yambwiye ibintu vyo muri Bibiliya yariko yiga n’Ivyabona vya Yehova. Naciye nanje nshaka kubimenya. Igihe rero bagira igikorane kw’ishure ryacu i Nayirobi, naragiyeyo. Mu nyuma, Ivyabona babiri b’abamisiyonari baransiguriye ibintu bimwebimwe Bibiliya yigisha. Baranyeretse yuko hariho Umuremyi Ahambaye ashoboye kuduha inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Numvise umengo si ibintu vy’imigani. Vyarumvikana.

Ivyo wize mu vy’ubuganga vyoba vyaratumye utemera ko hariho Umuremyi?

Haba namba! Igihe niga ibigize umubiri, nasanze umubiri w’ibinyabuzima utunganijwe mu buryo bwiza kandi buhanitse. Naciye mbona ko bitoshoboka ko ibintu bihanitse ukuraho bipfa kwiyadukiza.

Woduha akarorero?

Natanguye kwiga ibijanye n’ubwonko mu 1971, ariko n’ubu buracanjoreza. Ni bwo butuma dushobora kwiyumvira tukongera tukibuka, kandi ni bwo buyobora ibihimba vyinshi vy’umubiri. Ni ryo huriro ry’ibihimba bidufasha kumenya ibidukikije. Burasuzuma bugatahura amakuru avuye mu mubiri no mu bidukikije.

Ukuntu ubwonko bwacu bukora biva ahanini ku bibugize no ku bibera indani muri bwo. Biva kandi ku kuntu uduhimba nyamukuru twabwo (neurones) dufatanganye mu buryo buhanitse. Ubwonko bw’umuntu bugizwe n’uduhimba nyamukuru amamiliyaridi duhanahana amakuru biciye ku dutsi tureture twitwa axones. Utwo dutsi tureture dutuma agahimba nyamukuru kamwe k’ubwonko gashobora gufatana n’utundi duhimba nyamukuru ibihumbi n’ibihumbi biciye ku dutsi bita dendrites dushamitse kuri utwo duhimba. Ivyo bituma haba imihora myinshi cane ihuza uduhimba tw’ubwonko. Ariko rero utwo duhimba ntidupfuye uko dufatanye. Dufatanye mu rutonde rw’igitangaza!

Wodusigurira?

Uduhimba tw’ubwonko tugenda turafatana mu rutonde igihe umwana akiri mu nda n’inyuma y’ivuka. Agahimba k’ubwonko kararungika udutsi twako kugira dushikire akandi gahimba kari nko kw’isantimetero nkeyi gusa. Urwo ni urugendo rurerure cane uravye ukuntu utwo duhimba tuba tungana. Kandi hari igihe agatsi kataba karondera gusa gushikira agahimba kanaka k’ubwonko, ahubwo kakaba karondera gushikira igice kanaka c’ako gahimba.

Igihe agahimba k’ubwonko karungitse agatsi gashasha, nya gatsi gaca kayoborwa n’ibintu bikora nk’ivyapa vy’ibarabara biza birakabwira ngo “hagarara,” “genda,” canke ngo “kata,” gushika gashikiriye ico gatumbereye. Ayo makuru akayobora atahari, ntikoteba kuzimira. Ivyo vyose biba mu buryo butunganijwe neza, hisunzwe amakuru ari mu gahimba ntekeramakuru kitwa ADN.

Naho ari ukwo, hari vyinshi tutaratahura ku kuntu ubwonko bukura n’ingene bukora. Nk’akarorero, ntituratahura neza ingene butuma twibuka, twiyumva mu buryo kanaka canke twiyumvira. Turetse ukuntu bukora neza n’ukuntu bukura mu buryo butangaje, kuba bukora vyonyene binyereka ko hari uwabushizeho afise ubwenge busumba rwose ubwacu.

Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?

Ivyabona baranyeretse ivyemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, Bibiliya si igitabu c’ivy’ubuhinga. Ariko igihe ivuze ibijanye n’ubuhinga, ntiyigera ihusha. Vyongeye, hari ibintu yari yaravuze ko vyobaye kandi vyararangutse. N’ikindi kandi, abakurikiza ivyo ivuga, bararushiriza kubaho neza. Ivyo ni vyo vyambayeko. Kuva aho mbereye Icabona ca Yehova mu 1973, Bibiliya ni yo inyobora mu buzima. Ni co gituma ubuzima bwanje busigaye buryoshe kandi bufise intumbero.