Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  No 2 2016

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya ni igitabu kidasanzwe

Bibiliya ni igitabu kidasanzwe

Haraciye nk’imyaka ibihumbi bibiri Bibiliya yanditswe. Kuva ico gihe hari ibindi bitabu vyinshi vyanditswe birakundwa ariko amaherezo biraharurukwa. Mugabo Bibiliya yo ntita igihe. Rimbura ibi bintu:

  • Abantu bakomakomeye barashatse kuzimanganya Bibiliya ariko ntibabishoboye. Nk’akarorero, igitabu kimwe (An Introduction to the Medieval Bible) kivuga ko kera mu bihugu bimwebimwe vyitwa ko ari ivy’abakirisu “gutunga Bibiliya no kuyisoma mu rurimi rutahurwa na bose vyafatwa ko ari ubuhakanyi n’ubugarariji.” Ico gihe abantu bashira Bibiliya mu rurimi rutahurwa na benshi canke bahimiriza abandi kuyiga baba bashize ubuzima bwabo mu kaga. Hari abahasize ubuzima.

  • Naho abantu benshi bayigwanije, Bibiliya yarakwiragijwe kuruta ibindi bitabu vyose kandi n’ubu ni ko biri. Bivugwa ko hamaze gusohorwa Bibiliya zishika imiliyaridi zitanu mu ndimi zirenga 2.800 yaba yose canke igice cayo. Ivyo si ko biri ku bitabu bivuga ivya filozofiya, ivy’ubuhinga canke ibindi, kuko vyovyo usanga bisohorwa ari bike kandi ntibiteba guta igihe.

  • Bibiliya yarafashije kuzigama no guteza imbere indimi zimwezimwe yahinduwemwo. Bibiliya yo mu kidagi yahinduwe na Martin Luther yarateje imbere cane urwo rurimi. Integuro ya mbere ya Bibiliya yitwa King James Version yavuzwe ko “ishobora kuba ari co gitabu cateje imbere ururimi rw’icongereza kuruta ibindi bitabu vyose.”

  • Bibiliya yaragize “ikintu kinini ikoze ku mico kama y’abantu bo mu bihugu vya Buraya no muri Amerika ya ruguru atari gusa mu bijanye n’idini ahubwo no mu bijanye n’utugenegene, inyandiko, amategeko, ivya politike no mu bindi vyinshi.”—Bivugwa mu gitabu The Oxford Encyclopedia of the Books of the Bible.

Ayo ni amakuru makeyi gusa yerekana ukuntu Bibiliya itandukanye n’ibindi bitabu. Kubera iki none ikundwa cane? Kubera iki abantu bashize ubuzima bwabo mu kaga ku bwayo? Mu mvo nyinshi zibituma harimwo izi: Bibiliya irimwo impanuro zitwereka ingene twobaho n’ingene twokwiyegereza Imana. Iradufasha gutahura umuzi w’ingorane abantu bafise n’igituma badahuza. N’ikirushirije, iratubwira ko izo ngorane zizohera n’ingene zizokurwaho.

 Bibiliya iratwereka ingene twokwiyegereza Imana n’uko twokwigenza

Ubumenyi duhabwa kw’ishure burakenewe. Ariko ikinyamakuru kimwe co muri Kanada (Ottawa Citizen) cavuze ko “kuronka impapuro z’umutsindo atari vyo bituma umuntu agira inyifato runtu.” Nkako abantu benshi baminuje harimwo abadandaza n’abategetsi bakomakomeye barabesha, bagakora forode kandi bakiba. Icigwa cagizwe hirya no hino kw’isi n’ishirahamwe ryitaho imibano y’abantu ryitwa Edelman, kivuga ko ivyo bituma “abantu batabizigira na gato.”

Bibiliya yoyo itanga ubumenyi budufasha kugira inyifato runtu no kwiyegereza Imana. Iradufasha gutahura “ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.” (Imigani 2:9) Reka tubitangire akarorero. Hari umusore w’imyaka 23 yitwa Stephen yari apfungiwe muri Polonye. Yaratanguye kwiga Bibiliya maze aratahura impanuro ngirakamaro itanga. Yanditse ati: “Ubu ndatahura neza impanuro igira iti: ‘Tera iteka so na nyoko.’ Narize no gutsinda ishavu.”Abanyefeso 4:31; 6:2.

Stephen yarakozwe ku mutima n’impanuro iri mu Migani 19:11 igira iti: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.” Ubu iyo Stephen ashikiwe n’ikintu gishavuza aragica irya n’ino atekanye maze agashira mu ngiro iyo mpanuro. Avuga ati: “Narabonye ko Bibiliya ari co gitabu gitanga impanuro nziza kuruta ibindi vyose.”

Icabona ca Yehova yitwa Maria yaratukiwe imbere y’abantu n’umugore yanka Ivyabona, ivyo bituma haba uruhagarara. Ariko aho kumwishura, Maria yibandanirije urugendo rwiwe atekanye. Mu nyuma uwo mugore yaricujije aca atangura kurondera Ivyabona vya Yehova. Haciye nk’ukwezi yarasubiye kubona Maria. Yaramugumbiriye yongera aramusaba imbabazi. Vyongeye yaratahuye ko ivyo Maria yemera ari vyo vyatumye agaragaza  ukwitonda n’ukwigumya. None vyavuyemwo iki? Wa mugore n’abandi batanu bo mu muryango wiwe barafashe ingingo yo kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Yezu Kristu yavuze ko ubwenge bugaragarira mu bikorwa. (Matayo 11:19) Ivyo rero birerekana ko Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro! Ziratuma tuba abantu beza. Ziracisha ubwenge “umuntu atazi utuntu n’utundi,” ‘ziranezereza umutima,’ kandi zituma ‘amaso akayangana’ kubera umuntu yatahuye ibintu bituma agira inyifato runtu akongera akiyegereza Imana.Zaburi 19:7, 8.

Bibiliya iratubwira ingene ingorane n’ukudahuza vyatanguye

Igihe abahinga bariko bariga ibijanye n’indwara kanaka, baragerageza gutahura ikiyitera. Uko nyene ni ko dukwiye kubigenza kugira dutahure ingorane abantu bafise n’igituma hari ukutumvikana. Bibiliya irashobora kubidufashamwo kuko itwiganira ingene ingorane z’abantu zatanguye.

Igitabu c’Itanguriro kitumenyesha ko ingorane zatanguye igihe abantu ba mbere bagarariza Imana. Kimwe mu vyo bakoze, barihaye uburenganzira bwo gushinga ikibereye n’ikitabereye. Ubwo burenganzira bwegukira Umuremyi wacu gusa. (Itanguriro 3:1-7) Ikibabaje, kuva ico gihe abantu muri rusangi baratsimbataje ivyo vyiyumviro vyo kwigenga. None vyavuyemwo iki? Aho kurangwa n’umwidegemvyo be n’agahimbare, kahise kose k’abantu karanzwe n’agacinyizo, amatati n’ukudahuza mu vy’inyifato runtu be no mu vy’Imana. (Umusiguzi 8:9) Bibiliya iravuga itihenda iti: “Umuntu . . . si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Igishimishije ni uko ingorane zakwezwe n’ukwo kurondera ukwigenga zigiye guhera.

 Icizigiro Bibiliya itanga

Bibiliya iradukura amazinda ko Imana ibitumwe n’urukundo ikunda abayubaha bakongera bakisunga amategeko yayo, itazokwama yihanganiye ububi n’ingaruka zabwo. Ababisha “bazorya . . . ku vyamwa vy’inzira yabo.” (Imigani 1:30, 31) Ariko “abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”Zaburi 37:11.

“[Imana i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”1 Timoteyo 2:3, 4

Biciye ku ‘bwami bwayo’ Imana izoshitsa umugambi ifise wo kuzana amahoro kw’isi. (Luka 4:43) Ubwo Bwami ni intwaro izoganza isi. Biciye kuri bwo, Imana izokwerekana ko ari yo ikwiye kugaba ikaganza. Ku bijanye n’ivyo ubwo Bwami buzokora kw’isi, Yezu yavuze muri rya sengesho ry’akarorero ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi.”Matayo 6:10.

Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bazokora ivyo Imana ishaka. Bazokwerekana ko Umuremyi ari we akwiye kuba Umutware, atari uwundi muntu uwo ari we wese. Ntihazosubira kuvugwa igiturire, uguhahamira amaronko, ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi, kwinubana n’intambara. Ico gihe kw’isi, abantu bazoba bunze ubumwe batwarwa n’intwaro imwe kandi bisunga amategeko amwe mu vy’inyifato runtu no mu vy’Imana.Ivyahishuwe 11:15.

Kugira twibonere ivyo bintu, turakeneye kwigishwa. Muri 1 Timoteyo 2:3, 4 havuga  ko Imana “[i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” Ukwo kuri, kugizwe n’inyigisho zo muri Bibiliya twokwita ibwirizwa shingiro ry’Ubwami bw’Imana, akaba ari amategeko be n’ingingo ngenderwako abatwarwa b’ubwo bwami bazokwisunga. Amwe muri ayo mategeko ari mu nsiguro Yezu yatanze dusanga muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7. Uko usoma ivyo bigabane bitatu, nugerageze kwiyumvira uko ubuzima buzoba bumeze igihe abantu bose bazoba bakurikiza impanuro Yezu yatanze.

Ntibitangaje rero kuba Bibiliya ari co gitabu gikwiragiye cane kw’isi. Inyigisho zirimwo zavuye koko ku Mana. Kandi kuba yarakwiragiye kw’isi, ni icerekana ko Imana yipfuza ko abantu bo mu mahanga yose n’indimi zose biga ibiyerekeye kugira bazoronke imihezagiro izozanwa n’Ubwami bwayo.Ivyakozwe 10:34, 35.

Raba n'ibindi

INKURU NZIZA IVA KU MANA

Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Nimba Bibiliya ikomoka ku Mana, itegerezwa kuba ata ho isa isana n’ibindi bitabu vyanditswe.

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana

Bibiliya ishobora gute kugufasha kwihanganira ingorane zigushikira? Ni kubera iki wokwizigira ubuhanuzi buri muri yo?

KWIGA BIBILIYA

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?