Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Liechtenstein

Tuje muri Liechtenstein

ICO gihugu ni kimwe mu bihugu bitobito kuruta ibindi kw’isi, kikaba kiri kuri ya misozi miremire yitwa Alpes, hagati y’Ubuswise na Otrishe. Mu binjana n’ibindi Abaseleti, Abarete, Abaroma be n’Abalemani barabaye muri ako karere. Muri kino gihe, abanyagihugu babiri kuri batatu bo muri ico gihugu ni abakomotse ku muryango w’Abalemani, abamaze imyaka 1.500 baba muri ako karere.

Ikidagi ni rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za Leta naho usanga mu kigwati kimwekimwe cose bafise ururimi bakoresha. Ubwoko bubiri bw’ibifungurwa bikundwa cane muri ico gihugu ni Tüarka-Rebel, bikaba bigizwe ahanini n’ibigori be na Käsknöpfle bategura bakoresheje ifarini n’iforomaji.

Käsknöpfle

Inyambaro ndangakaranga

Umuntu atembereye muri ico gihugu arabona imisozi yuzuyeko urubura, ibiyaya bitotahaye, imirima y’imizabibu n’ibimera vy’ubwoko butandukanye. Nk’akarorero, ako gahugu gato ko mu misozi karimwo ubwoko hafi 50 bw’amashurwe bita orchidées. Hariyo kandi amazu y’iratiro, aho bagirira ibiteramo n’aho bahingurira imivinyu. Mu ci canke mu rushana hama hariho ingenzi.

Kuva mu myaka ya 1920, Ivyabona vya Yehova baratanguye gukorera muri ico gihugu. Ubu hari Ivyabona nka 90 bariko barabwira ubutumwa bwo muri Bibiliya abantu baho be n’ingenzi.