IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Nouvelle-Zélande
HARAHEZE nk’imyaka 800 abantu bo mu bwoko bwitwa Maori bagerereye muri Nouvelle-Zélande. Bagize urugendo rwo mu mazi rw’ibilometero ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu mazinga ashushe yo muri Polineziya. Bashitseyo, basanze ari akarere k’ibisozi n’ibibarafu, karangwamwo amashuha y’amazi n’ay’ivyondo, hamwe na shelegi. Inyuma y’ibinjana bitanu hari abandi bantu bagerereyeyo bavuye kure cane i Buraya. Muri iki gihe, abanya Nouvelle-Zélande nka bose barasonera imico kama y’iyo migwi yompi. Ibice nka 90 kw’ijana vy’abanyagihugu baho baba mu bisagara. Umurwa mukuru ari wo Wellington, ni co gisagara kiri hepfo cane kw’isonga ry’isi kuruta ibindi vyose.
Ivyondo biriko birabiragira mu gice co mu buraruko
Naho umengo ico gihugu kirirebanga, ubwiza bwaco bw’agatangaza butuma ingenzi nk’imiliyoni zitatu zija kukiratira ijisho buri mwaka.
Iki giti kirashobora gukura gushika ku metero zirenga 10
Gushika mu 1948, vyiyumvirwa ko inyoni zitaguruka zitwa takahe zazimanganye
Ico gihugu kirimwo ibikoko vyinshi cane, kandi ni co ca mbere kw’isi kirimwo ubwoko bwinshi bw’inyoni zitaguruka. Turahasanga kandi ubwoko bw’ikiburuburu citwa tuatara gishobora kubaho imyaka ishika 100. Mu binyabuzima vyahabaye kuva kera harimwo ibihungarema vy’ubwoko butandukanye be n’ibifi vyo mu bwoko bw’ibimizi.
Ivyabona vya Yehova bamaze imyaka nka 120 bakorera muri ico gihugu. Barigisha abantu Bibiliya n’imiburiburi mu ndimi 19. Aho harimwo n’indimi zo muri Polineziya, nk’izitwa niue, rarotonga, igisamowa n’igitonga.
Abo mu bwoko bwitwa Maori bariko bararirimba bambaye impuzu kama