Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igisagara ca Astana

 IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kazakistani

Tuje muri Kazakistani

AHO ha mbere Abanyakazakistani babaho bimukanga. Gushika uyu musi, hari abungere baho baja kugisha ahantu hatandukanye bivanye n’ibiringo vy’umwaka. Mu ci bava mu bushuhe bwo mu biyaya bakaja mu buragiriro bwo mu misozi. Ariko igihe imbeho y’igikonyozi yegereje, baca basubira mu biyaya.

Hari Abanyakazakistani baba mu bisagara biteye imbere. Ariko imigenzo yabo myinshi, ivyo bafungura n’utugenegene twabo, biribukiriza ubuzima bwo kwimukanga bwa ba sekuruza babo. Mu bintu vyinshi bigize akaranga kabo twovuga nk’ukwivuga amazina, indirimbo n’imiziki ivuzwa ku bicurarangisho kavukire.

Utuzu bita yourtes abimukanga babamwo dusigaye tubonwa nk’ikintu cibutsa abantu kubana neza  n’ibidukikije. Abungere baho baracadukunda. Abanyakazakistani baba mu bisagara bobo badukoresha mu biringo bidasanzwe. Utwo tuzu kandi ni uburaro bwiza bw’ingenzi. Utwinjiyemwo urabona ubuhinga abakenyezi baho bafise mu kudesa, kujisha no guhingura amatapi.

Indani muri ka kazu

Abanyakazakistani bo mu gihugu hagati barakunda cane amafarasi. Bafise amajambo n’imiburiburi 21 bakoresha mu kuvuga ifarasi, rimwerimwe ryose rikaba rifise insobanuro ryisangije. Bafise n’amajambo arenga 30 adondora ibara ry’ifarasi. Bakugabiye ifarasi nziza baba baguhaye ikintu c’agaciro kanini cane. Abahungu ba ruguru biga kugendera kw’ifarasi bakiri bato.

Indya z’Abanyakazakistani ntiziburamwo inyama kandi kenshi nta birungo vyinshi bashiramwo. Kimwe mu binyobwa bakunda cane ni amata y’ifarasi bivugwa ko afise akamaro kanini ku magara y’umuntu, n’amata y’ingamiya arimwo ivya nkenerwa vyinshi kandi ameze nk’ayakarishe.

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova biri i Almaty birakira uwo wese yipfuza kuhagendera.

Iyi ngwe y’imbonekarimwe imara ici mu misozi yo muri Kazakistani