Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Rema ntiwihebure!

Rema ntiwihebure!

Muri ibi bintu ni ikihe wibaza ko cogufasha kugira agahimbare?

  • uko ivyawe vyifashe

  • uko usanzwe wimereye

  • uko ubona ibintu

HARI abohitamwo ico ca mbere, kumbure bakavuga bati: “Nogira agahimbare . . .

  • “hamwe noronka amahera menshi”

  • “hamwe nororanirwa mu mubano wanje”

  • “hamwe nogira amagara meza”

Ariko rero, uko umuntu abona ibintu akenshi biramufasha kuronka agahimbare kuruta uko ivyiwe vyifashe canke uko asanzwe yimereye. Kandi ico ni ikintu ciza. Uti kubera iki? Kubera ko vyoroshe guhindura uko ubona ibintu. Ariko guhindura uko ivyawe vyifashe canke uko usanzwe wimereye ntivyama vyoroshe.

“UMUTI UVŪRA”

Umugani umwe wo muri Bibiliya ugira uti: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.” (Imigani 17:22) Mu yindi mvugo uko ubona ibintu kurahambaye cane! Birashobora gutuma ushika ku mugambi wishingiye canke ukawuheba. Birashobora no gutuma wihebura igihe ushikiwe n’ikintu kibi canke ukacigirako.

Hari aboharira ico ciyumviro bakavuga bati:

  • ‘Kubera iki nokwigirisha ngo ndaryohewe kandi mfise ingorane?’

  • ‘Naho nokwiremesha gute ibintu ntivyoca bihinduka.’

  • ‘Aho kurota wobona uko ibintu biri koko.’

Ivyo womenga birumvikana. Ariko rero kubona ibintu neza birimwo inyungu nyinshi. Kugira tubitangire akarorero, raba ibi bintu bishobora gushika:

Alex na Brian bakora hamwe. Ariko umwe wese afise igikorwa ciwe kandi aracitwararika cane. Umukoresha wabo amaze gusuzuma ivyo bakoze, yarerekanye amakosa umwe wese yakoze.

  • Alex avuga ati: “Nkoresha umwanya munini n’akigoro gakomeye muri aka kazi, ariko sindigera ndagakora neza. Aka kazi nta ko nshoboye. Naho nokora gute ntibigera bashima ivyo nakoze, nirirwa ndigorera iki?”

  • Brian avuga ati: “Umukoresha wanje yanyeretse ibintu bimwebimwe vyiza nakoze ariko kandi yanyeretse ibintu bikeyi nkwiye gukosora. Nahakuye ivyigwa bizomfasha gukora neza ikindi gihe.”

UVYIBAZAKO IKI?

  • Hagati ya Alex na Brian, ni nde azoba amaze kuba umukozi mwiza mu mezi atandatu?

  • Hamwe woba uri umukoresha ni nde muri bo woshima guha akazi?

  • Igihe wewe ushikiwe n’ingorane uvyifatamwo nka nde muri abo bantu babiri?

Alice na Brittney birashika bakumva bishwe n’irungu. Ariko iyo bibashikiye ntibavyifatamwo kumwe.

  • Alice aguma yiyumvira ivyiwe gusa. Nta kintu na kimwe akorera abandi kiretse ari bo babanje kugira ico bamukoreye. Yibwira ati: ‘Kubera iki nota umwanya wanje mfasha abantu ataco bigera bankorera?’

  • Brittney we arihatira gufasha abandi naho boba batamushimira. Akurikiza ya mpanuro nziza Yezu yatanga yo gufata abandi nk’uko twipfuza ko badufata. (Luka 6:31) Brittney abona ko gukora iciza ubwavyo ari ngirakamaro.

UVYIBAZAKO IKI?

  • Wewe woshima ko ari nde yokubera umugenzi muri abo babiri?

  • Ni nde muri bo ahimbarwa n’abagenzi afise?

  • Nimba bihora bishika ukumva wishwe n’irungu, woba uvyifatamwo nka Alice canke nka Brittney?

Ushobora kuba uzi abantu bameze nka Brian na Brittney. Hari aho mbere woba ubona ko na wewe umeze nka bo. Nimba ari ko bimeze, nta nkeka ko ubona yuko kutihebura bihambaye mu buzima. Ariko tuvuge iki nimba umeze nka Alex canke Alice? Raba uburyo butatu Bibiliya ishobora kugufasha kubona mu buryo bubereye ingorane zo mu buzima.

1 NTUCIKE INTEGE

BIBILIYA IVUGA ITI: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.”Imigani 24:10.

ICO BISOBANURA: Gucika intege bituma utaronka inguvu zo guhindura ibintu canke kwihanganira ingorane.

AKARORERO: Juliza yarashikiwe n’ibintu bibabaje cane mu bwana. Se wiwe yari imborerwa kandi bari bakenye. Baguma bimuka. Mu ntango Juliza yari yarihebuye kubera ingorane yari afise mu buzima. Ariko yarahinduye ivyiyumviro. Ni igiki camufashije? Avuga ati: “N’imbere y’uko abavyeyi banje bahindura ibintu, Bibiliya yari yamfashije kugira icizigiro. Kandi gushika n’ubu ivyiyumviro vyo muri Bibiliya biramfasha kuguma mbona ibintu mu buryo bwiza. Ubu iyo abantu bakoze ikintu ntashima ndagerageza gutahura igituma bakoze ico kintu.”

Juliza yariboneye ko Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro. Izo mpanuro zirashobora kugufasha kwihanganira ingorane. Nk’akarorero, mu Banyefeso 4:23 havuga hati: “Mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu.”

Nk’uko uwo murongo uvyerekana, urashobora guhindura ukuntu ubona ibintu. Urashobora ‘guhindura’ ivyiyumviro vyawe. Ariko rero guhindura ivyiyumviro ni ikintu tuguma tugira tudahorereza.

2 NIWIBANDE KU VYIZA

BIBILIYA IVUGA ITI: “Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”Imigani 15:15.

ICO BISOBANURA: Niwabona ko ibintu vyose ata kigenda, uzoba nk’“umurushwa” kandi imisi yose uzobona ko ari “mibi.” Ariko niwibanda ku vyiza uzokwama ‘unezerewe ku mutima.’ Ni we rero wihitiramwo.

AKARORERO: Kubera ko Yanko bamubaze incuro nyinshi ikivyimba yari afise mu bwonko, vyatumye amugara ku buryo adashobora gutambuka neza no kuvuga neza. Yaramaze imyaka acitse intege cane kuko yabona ko atagishoboye gushika ku migambi yishingiye. Ariko yahavuye ahindura ivyiyumviro. Uti gute? Avuga ati: “Aho kwibanda ku bumuga bwanje naragerageje kuguma niyumvira ibintu bindemesha.”

Kimwe mu bifasha Yanko ni ugusoma Bibiliya. Avuga ati: “Bituma nguma niyumvira ibintu vyiza. Sinahevye burundu imigambi yanje y’igihe kirekire, ariko ubu nibanda ku migambi mitomito nshobora gushikako. Igihe ntanguye kugira ivyiyumviro bica intege nca nzirikana ku bintu vyinshi mfise vyotuma nezerwa.”

Cokimwe na Yanko, urashobora kurwanya ivyiyumviro bica intege ukabisubiriza ibiremesha. Nimba uriko wihanganira ibintu bitoroshe nk’ingorane y’amagara nk’uko kwa Yanko, niwibaze uti: ‘Iyo ngorane yoba vy’ukuri idashobora guhera? Noba ata co ngikiza canke ni intambamyi gusa nshobora gutsinda?’ Nugerageze kugwanya ivyiyumviro bica intege mu kwibanda ku bintu vyiza.

3 NUFASHE ABANDI

BIBILIYA IVUGA ITI: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”Ivyakozwe 20:35.

ICO BISOBANURA: Iyo umuntu atanze ata bwikunzi abigiranye biratuma aryoherwa cane. Uti kubera iki? Kubera ko twaremanywe icipfuzo co gufasha abandi. (Abafilipi 2:3, 4; 1 Yohani 4:11) Umunezero uva ku gutanga urashobora kudufasha cane kwihanganira ingorane zo mu buzima.

AKARORERO: Josué afise indwara ikomeye y’uruti rw’umugongo. Akenshi aragira ububabare budasanzwe. Naho ari ukwo arahimbarwa no kugira ivyo akoreye abandi. Agira ati: “Aho kuvuga ngo ‘sinshobora gukora iki,’ ndakunda kwiyumvira uburyo nofasha abandi mu dukorwa twabo twa misi yose. Iyo ndabigize biratuma nezerwa cane.”

ICO WOKORA

Nurondere uturyo two gufasha abandi. Woba ushobora gutegurira udufungurwa umubanyi arwaye? Woba uzi abageze mu zabukuru bakeneye uwubafasha udukorwa tw’i muhira?

Kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza ni nko kwitwararika umurima. Nurandure ivyatsi bibi twogereranya n’ivyiyumviro bica intege. Nuteragire imbuto nziza twogereranya n’ivyiyumviro biremesha wongere ushiremwo intabire mu gukora ibintu bituma ugira agahimbare. Uzokwimbura umunezero mwinshi mu buzima. Ku bw’ivyo rero, uko ibintu vyoba vyifashe kwose rema ntiwihebure.

Kurya nyene abantu bamwebamwe birinda ibifungurwa kanaka kubera imvo z’amagara, nawe urashobora kwirinda ivyiyumviro bica intege