Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAKORINTO 10-13

Yehova ni Umwizigirwa

Yehova ni Umwizigirwa

10:13

Yehova yoshobora guhitamwo kudukurako ikigeragezo. Ariko aho kubigenza gutyo, akenshi araducira “icanzo” mu kuturonsa ivyo dukeneye kugira ngo dushobore kucihanganira tudahemuka.

  • Arashobora gutuma dutekana mu bwenge no mu mutima biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu nyeranda no ku bifungurwa vy’impwemu aturonsa.​—Mt 24:45; Yoh 14:16; Rm 15:4

  • Yoshobora kutuyobora biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, iyishobora kudufasha kwibuka inkuru zo muri Bibiliya hamwe n’ingingo ngenderwako twokwisunga, maze tugafata ingingo nziza.​—Yoh 14:26

  • Arashobora kudufasha akoresheje abamarayika.​—Heb 1:14

  • Arashobora kudufasha biciye ku bo dusangiye ukwizera.​—Kl 4:1