Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Uzokwitegurira gute Icibutso?

Uzokwitegurira gute Icibutso?

Guhera muri uyu mwaka, tuzohora turonka umwanya wiyongereye wo kwitegurira Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Bishitse Icibutso kikaba hagati mu ndwi, nta koraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu rizoba muri iyo ndwi. Kibaye mu mpera y’umushamvu na ho, nta nsiguro ya bose n’Umunara w’Inderetsi bizoba. Woba uzokoresha neza uwo mwanya wiyongereye? Cokimwe no mu kinjana ca mbere, natwe turagira ivyo dukoze mu kwitegurira uwo musi udasanzwe. (Lk 22:7-13; km 3/15 1) Ikigeretseko, twese turakwiye gutegura umutima wacu. None twobigira gute?

  • Nugume wibuka igituma bihambaye kwitaba Icibutso.​—1Kr 11:23-26

  • Nusuzume ubucuti ufitaniye na Yehova ubijanisha n’isengesho.​—1Kr 11:27-29; 2Kr 13:5

  • Nusome amayagwa ashingiye ku Vyanditswe aca irya n’ino insobanuro y’Icibutso, wongere uyazirikaneko.​—Yoh 3:16; 15:13

Hari abasoma bakongera bakazirikana ku bisomwa bijanye n’Icibutso biri mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Abandi na bo usanga basoma ivyanditswe biri muri ico gicapo. Hari n’abasubiramwo ibiganiro vyo mu Munara vyavuga ibijanye n’Icibutso be n’urukundo Yehova na Yezu batugaragarije. Ivyo wohitamwo kwiga vyose, ese vyogufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova n’Umwana wiwe.