Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushashaye kubona imihango y’Ubwami yarangutse?

IGIHIMBA CA 7

Imihango y’Ubwami​—Gutuma ibintu vyose biba bishasha

Imihango y’Ubwami​—Gutuma ibintu vyose biba bishasha

URAMUYE icamwa c’ipome kiryoheye ijisho kandi kiryoshe. Uracimotereje imbere yo kugishira mu bindi vyamwa vyinshi biri mu giseke. Umaze amasaha n’amasaha ukora yamara nturaruha, wumva witeguriye kuguma ukora. Nyoko wawe ari ku kindi giti hafi yawe, akora aryohewe kandi ayaga n’abandi bo mu muryango be n’abagenzi bariko babafasha kwimbura. Aboneka nk’agakumi: asa nk’uko umwibuka asa ukiri umwana, hakaba haciye imyaka myinshi cane. Biragoye kwemera ko ari wa wundi wabona ariko arasaza muri ya si haciye igihe kirekire ivuyeho. Waramubonye akikwa n’amagara, waramufashe ukuboko igihe yacikana, kandi waramuririye igihe bamushira mu mva. Yamara ng’uyo muri kumwe, be n’abandi benshi, yarasubiye kuba muzima kandi afise amagara meza!

Turazi ko ivyo bihe bizoshika. Tubizi kubera ko ivyo Imana isezerana vyama biranguka. Muri iki gihimba, tuzokwihweza ukuntu imihango imwimwe y’Ubwami igiye kuzoranguka muri kazoza ka vuba, bidushikane kuri Harumagedoni. Tuzokwihweza kandi imwe mu mihango y’Ubwami iteye akamwemwe izoranguka inyuma y’aho. Tuzohimbarwa koko no kwibonera igihe Ubwami bw’Imana buzoganza iyi si yose, butume ibintu vyose biba bishasha!

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 21

Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo

Urashobora kwitegurira ubu intambara ya Harumagedoni.

IKIGABANE CA 22

Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba

Wokwemezwa n’iki ko imihango Yehova yatanze izoranguka?