Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubwami bw’Imana buraganza!

Hariho abantu amamiliyoni bibereyeho bahimbawe kandi batekaniwe mu ntwaro y’Imana itunganye. Woba wipfuza kuba umutwarwa wayo?

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Itangazo rishwangamura C. T. Russell yashikirije ku wa 2 Gitugutu 1914 vyagaragaye gute ko ari iry’ukuri?

IKIGABANE CA 1

“Ubwami bwawe nibuze”

Yezu yarigishije ibijanye n’Ubwami bw’Imana kuruta uko yavuze ikindi kintu ico ari co cose. Buzoza gute kandi ryari?

IKIGABANE CA 2

Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru

Ni bande bafashije abayoboke ba Kristu bo kw’isi kwitegurira Ubwami? Ni ibiki vyerekana ko Ubwami bw’Imana ari intwaro ibaho koko?

IKIGABANE CA 3

Yehova arahishura umugambi wiwe

Ubwami bwoba bwari mu mugambi w’Imana wo mu ntango? Yezu yahishuye gute Ubwami bw’Imana?

IKIGABANE CA 4

Yehova arashira hejuru izina ryiwe

Ni igiki Ubwami bw’Imana bwaranguye ku bijanye n’izina ry’Imana? Wewe ubwawe wogira uruhara gute mu bijanye n’ukweza izina rya Yehova?

IKIGABANE CA 5

Umwami atanga umuco ku Bwami

Nurushirize gutahura ivyerekeye Ubwami bw’Imana, abatware n’abatwarwa babwo, be n’uko kudahemuka ari igisabwa.

IKIGABANE CA 6

Abamamaza—Abasuku bitanga babikunze

Kubera iki Yezu yari yizigiye ko yoronse ingabo z’abamamaza babikunze mu misi ya nyuma? Wokwerekana gute ko uriko ubanza kurondera Ubwami?

IKIGABANE CA 7

Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu

Raba ubuhinga bugezweho abasavyi b’Imana bakoresheje kugira inkuru nziza ishikire abantu benshi bashoboka imbere y’uko umuhero uza.

IKIGABANE CA 8

Ibikoresho vyo kwamamaza—Turasohora ibitabu bigenewe abantu bo kw’isi yose

Igikorwa cacu c’ubuhinduzi cerekana gute ko Yezu adushigikiye? Ni amakuru ahaye ajanye n’ibisohokayandikiro vyacu akwereka ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?

IKIGABANE CA 9

Ibiva mu gikorwa co kwamamaza—“Imirima ireze, igeze kwimbura”

Yezu yarigishije abigishwa biwe ivyigwa bibiri bihambaye ku bijanye n’iyimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyigwa bidufasha gute muri iki gihe?

IKIGABANE CA 10

Umwami atyorora abayoboke biwe mu vy’impwemu

Noweli n’umusaraba bihuriye ku ki?

IKIGABANE CA 11

Ivyagiye biraryohorwa mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye biragaragaza ubweranda bw’Imana

Ivyumba abarinzi barindiramwo be n’ubwinjiriro vya rwa rusengero Ezekiyeli yerekwa vyaragize insobanuro idasanzwe ku basavyi b’Imana kuva mu 1914.

IKIGABANE CA 12

Turatunganywa kugira dukorere “ya Mana y’amahoro”

Bibiliya ntihushanya umuvurungano n’urutonde, ariko ihushanya umuvurungano n’amahoro. Kubera iki? Inyishu y’ico kibazo ifasha gute abakirisu muri iki gihe?

IKIGABANE CA 13

Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare

Abacamanza bo muri sentare nkuru zimwezimwe zo mu gihe ca none barabona ibintu nka kumwe kwa wa mwigisha w’Itegeko wa kera Gamaliyeli.

IKIGABANE CA 14

Intwaro y’Imana ni yo yonyene dushigikira tudahemuka

Rwa “ruzi” rugereranya uruhamo rwarutswe ku Vyabona vya Yehova kubera batagira aho bahengamiye mu vya politike rwaramizwe n’ikintu kitari citezwe.

IKIGABANE CA 15

Turwanira umwidegemvyo wo gusenga

Abasavyi b’Imana bararwaniye uburenganzira bwo kugamburuka itegeko ry’Ubwami bw’Imana.

IKIGABANE CA 16

Turakoranira hamwe ku bwo gusenga

Twokwungukira gute cane ku makoraniro yo gusenga Yehova?

IKIGABANE CA 17

Kumenyereza abasuku b’Ubwami

Amashure ya gitewokarasi yateguye gute abasuku b’Ubwami kurangura ibikorwa bashingwa?

IKIGABANE CA 18

Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami ava

Ayo mahera ava he? Akoreshwa gute?

IKIGABANE CA 19

Igikorwa c’ubwubatsi gitera iteka Yehova

Ibibanza vyo gusengeramwo biratera iteka Imana, mugabo hari n’ikindi kintu iha agaciro kuruta.

IKIGABANE CA 20

Ubusuku bwo gutabara

Ni igiki cerekana ko igikorwa cacu co gutabara kiri mu bigize igikorwa ceranda turangurira Yehova?

IKIGABANE CA 21

Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo

Urashobora kwitegurira ubu intambara ya Harumagedoni.

IKIGABANE CA 22

Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba

Wokwemezwa n’iki ko imihango Yehova yatanze izoranguka?