Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubwami bw’Imana buraganza!

Ibubamfu: Mushiki wacu w’umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose ariko aramamaza muri Koreya mu 1931; iburyo: Kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso muri Koreya muri iki gihe

 IGIHIMBA CA 2

Kwamamaza Ubwami—Gukwiragiza inkuru nziza kw’isi yose

Kwamamaza Ubwami—Gukwiragiza inkuru nziza kw’isi yose

 NI KARE mu gitondo. Uwo musi ntuja ku kazi. Uriko witegurira kuja mu ndimiro. Wumva umengo ntiwogenda kuko wumva urushe. Ahubwo ubona ko vyoba vyiza wiruhukiye muri ico gitondo. Ariko uratuye isengesho maze ufata ingingo yo kugenda. Ukoranye na mushiki wacu ageze mu za bukuru w’umwizigirwa, kandi urakorwa ku mutima n’ukwihangana kwiwe be n’umutima mwiza wiwe. Igihe muriko murashikiriza inzu ku nzu ubutumwa bwerekeye ukuri, uciye wibuka ko bene wanyu na bashikawe bo hirya no hino kw’isi bariko bashikiriza ubwo butumwa nyene bakoresheje ibitabu nk’ivyo uriko urakoresha kandi mwese mukaba mwungukira ku kumenyerezwa kumwe. Ushitse i muhira, wumva ingoga ari zose. Uraryohewe cane kubona utagumye i muhira.

Ubu, ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa c’Ubwami bw’Imana gihambaye kuruta ibindi vyose. Yezu yavuze ko ico gikorwa co kwamamaza coranguwe ku rugero rutangaje mu misi ya nyuma. (Mat. 24:14) Ubwo buhanuzi yavuze bwarangutse gute? Muri iki gihimba, tuzokwihweza abantu babaye ngirakamaro cane mu kurangura ubusuku bwa gikirisu buriko burafasha abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi kubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko, twihweze uburyo be n’ibikoresho vyafashije cane muri ico gikorwa.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

IKIGABANE CA 6

Abamamaza—Abasuku bitanga babikunze

Kubera iki Yezu yari yizigiye ko yoronse ingabo z’abamamaza babikunze mu misi ya nyuma? Wokwerekana gute ko uriko ubanza kurondera Ubwami?

IKIGABANE CA 7

Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu

Raba ubuhinga bugezweho abasavyi b’Imana bakoresheje kugira inkuru nziza ishikire abantu benshi bashoboka imbere y’uko umuhero uza.

IKIGABANE CA 8

Ibikoresho vyo kwamamaza—Turasohora ibitabu bigenewe abantu bo kw’isi yose

Igikorwa cacu c’ubuhinduzi cerekana gute ko Yezu adushigikiye? Ni amakuru ahaye ajanye n’ibisohokayandikiro vyacu akwereka ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?

IKIGABANE CA 9

Ibiva mu gikorwa co kwamamaza—“Imirima ireze, igeze kwimbura”

Yezu yarigishije abigishwa biwe ivyigwa bibiri bihambaye ku bijanye n’iyimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyigwa bidufasha gute muri iki gihe?