Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ubuzima bwoba buzokwama uku nyene?

Vyoba bishika ukabona ko ubuzima bumara umwanya urume rumara?

Vyoba bimaze gushika ukibaza nimba ubuzima bugarukira gusa ku gukina, gukora, kwubaka urwawe, kurera abana no gusaza? (Yobu 14:1, 2) Bibiliya irerekana ko n’abantu baciye ubwenge cane bibajije ico kibazo.Soma Umusiguzi 2:11.

Ubuzima bwoba bufise intumbero? Dukwiye kubanza kwibaza duti: ‘Ubuzima bwatanguye gute?’ Abantu benshi barihweje ingene umubiri wacu n’ubwonko bwacu bitangaje bituma batahura ko ibintu vyose vyashizweho n’Umuremyi aciye ubwenge. (Soma Zaburi 139:14.) Nimba ari ukwo biri, ategerezwa kuba yaturemye afise intumbero! Gutahura iyo ntumbero birashobora gutuma turushiriza kugira agahimbare mu buzima.

Ni kubera iki abantu baremwe?

Imana yarahezagiye umugabo n’umugore ba mbere maze ibashinga igikorwa giteye umunezero. Yashaka ko buzura isi, bakayigira Iparadizo maze bakabaho ibihe bidahera.Soma Itanguriro 1:28, 31.

Umugambi w’Imana wabaye urahagaze igihe abantu bagarariza ubutegetsi bwayo. Ariko Imana ntiyaduhevye canke ngo ihebe umugambi wayo. Bibiliya idukura amazinda ko Imana iriko irakora kugira irokore abantu b’abizigirwa no kugira ngo umugambi wayo werekeye isi uzoranguke! Imana rero ishaka ko ubona ubuzima nk’uko yari yabutegekanije! (Soma Zaburi 37:29.) Niwige Bibiliya kugira ubone ingene wokwungukira ku mugambi w’Imana.