Ja ku birimwo

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ikibazo kijanye n’intumbero y’ubuzima coshobora kubazwa mu bundi buryo, nk’akarorero ngo Kubera iki turiho? Canke ngo Ubuzima bwanje bwoba bufise intumbero? Bibiliya yerekana ko intumbero y’ubuzima bwacu ari ukugiranira ubucuti n’Imana. Rimbura uku kuri kw’ishimikiro Bibiliya ihishura.

  •   Imana ni yo yaturemye. Bibiliya igira iti: ‘Imana ni yo yaduhinguye, si twebwe ubwacu.’​—Zaburi 100:3; Ivyahishuwe 4:11.

  •   Ibintu vyose Imana yaremye, ushizemwo na twebwe, yabiremye ku bw’umugambi kanaka.—Yesaya 45:18.

  •   Imana yaturemye turi abantu “bakeneye ivy’impwemu,” aho hakaba harimwo n’icipfuzo co kumenya intumbero y’ubuzima. (Matayo 5:3) Ishaka ko duhaza ico cipfuzo.—Zaburi 145:16.

  •   Turironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu mu kugiriranira ubugenzi n’Imana. Naho hari ababona ko badashobora kugiriranira ubugenzi n’Imana, Bibiliya ituremesha iti: “Mwiyegereze Imana na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8; 2:23.

  •   Kugira ngo tube abagenzi b’Imana, dutegerezwa kubaho twisunga umugambi idufitiye. Bibiliya iravuga uwo mugambi mu Musiguzi 12:13: “Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.”

  •   Muri kazoza tuzokwungukira bimwe bishitse ku mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango niyakuraho imibabaro maze igaha ubuzima budashira abagenzi bayo, ni ukuvuga abayisenga.—Zaburi 37:10, 11.