Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI RUHESHI 2014

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Umubumbe wacu woba waremwe ku bw’umugambi kanaka?

Isi yaremwe ngo abantu bayibeko bahimbawe

Umubumbe tubako urafise ibikwiye vyose kugira ubuzima bushoboke. Uriko amazi menshi, na yo akaba ari ntahara ku buzima. Ukuntu isi ihengamye, ukuntu yizunguriza be n’inzira icamwo mu kuzunguruka izuba, ivyo vyose bituma amabahari adacika ibibarafu canke ngo akame kubera ubushuhe bwinshi. Vyongeye, ikirere gikikuje isi be n’inguvu ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku birayikingira imishwarara yica. Ukuntu ibimera n’ibikoko usanga ari magiriranire biratangaje cane. Ivyo bituma abantu benshi bashika ku ciyumviro c’uko umubumbe wacu waremwe ku bw’umugambi kanaka.Soma Yesaya 45:18.

Ariko wokwibaza uti: ‘Imibabaro n’akarenganyo vyoba biri muri uwo mugambi?’Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.

Umugambi Imana yari ifise igihe yarema isi woba uzoranguka?

Isi yaremwe ngo abantu bubahana kandi bakunda Umuremyi wabo bayibeko bahimbawe. Ku bw’ivyo, ubuzima bw’abantu buri n’intumbero ihambaye kuruta ubuzima bw’ibimera n’ibikoko. Twebwe abantu turashobora kumenya Umuremyi wacu no gushima urukundo rwiwe n’ubutungane bwiwe kandi tukamwigana.Soma Umusiguzi 12:13; Mika 6:8.

Uwaturemye arashoboye gushitsa ivyo yagabiye gukora vyose. Turashobora rero kwemera tudakeka ko azokuraho imibabaro n’akarenganyo, atume umubumbe wacu uba ahantu hatunganye haba abantu bahimbawe.Soma Zaburi 37:11, 29; Yesaya 55:11.

 

Raba n'ibindi

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Umugambi Imana ifise wo guhindura isi Iparadizo woba uzoranguka? Nimba uzoranguka, ni ryari?