UMUNARA W’INDERETSI Kigarama 2013 | Twoba dukeneye Imana?
Abantu benshi babona ko badakeneye Imana canke ugasanga batwarwa n’ivyabo ntibaronke umwanya wo kwiyumvira ibiyerekeye. None kumenya Imana vy’ukuri vyoba bitugirira akamaro?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera iki ico kibazo kivyuka?
Raba imvo zimwezimwe zituma abenshi mu bavuga ko bemera Imana bafata ingingo ziterekana ko bayemera vy’ukiri.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Igituma dukeneye Imana
Nurabe ukuntu kugiranira ubucuti n’Imana bishobora gutuma ugira ubuzima burimwo agahimbare kandi bufise intumbero.
INKURU Y’UBUZIMA
Naripfuza gukorera Yehova ubuzima bwanje bwose
Hasigaye amezi make ngo Bill Walden abe umwenjeniyeri mu vy’ubwubatsi, yahisemwo gukora igikorwa gitandukanye cane n’ico ubuzima bwiwe bwose. Niwisomere ukuntu ubuzima bwiwe bwahindutse kubera ko yihebeye gukorera Imana.
NIWIYEGEREZE IMANA
“Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”
Woba wipfuza kuba mw’isi itakirangwamwo icitwa umubabaro cose be n’urupfu? Niwirabire ingene Imana izoshitsa uwo muhango wayo.
‘Mu misozi muzohacukura umujumpu’
Ivyo abacukuzi b’ivya kera baheruka kwubura birerekana ingene umujumpu wakoreshwa mu bihe vya Bibiliya.
NIWIGISHE ABANA BAWE
Yezu Kristu —Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye na we?
Twoba dukwiye kwibuka Yezu nk’akayoya gusa? Ba bagabo bitwa ngo ni abanyabwenge baje kumuraba, bari bande? Yezu ariko akora iki muri iki gihe?
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Kubera iki Kristu azogaruka? Ni mu buryo ki azogaruka, kandi ni igiki azoca akora?
Ibindi usanga kuri internet
Kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova?
Raba iyo iryo zina ryavuye.

