Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Kigarama 2013

 NIWIYEGEREZE IMANA

“Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”

“Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”

Woba wipfuza kugira amagara meza no kuramba, wewe n’umuryango wawe? Woba wipfuza kuba mw’isi itakirangwamwo icitwa umubabaro cose be n’urupfu? Isi nk’iyo si indoto. Vuba, hagiye kubaho isi nshasha igororotse kuko ari wo mugambi Yehova Imana afise. Raba ukuntu iranguka ry’uwo mugambi wiwe ridondorwa mu Vyahishuwe 21:3-5.—Soma.

“[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyahishuwe 21:4) Ni amosozi bwoko ki izohanagura? Si ya mosozi y’umunezero canke amwe akingira amaso yacu. Imana izohanagura amosozi aterwa n’intuntu be n’umubabaro. Ntizohanagura gusa ayo mosozi; ahubwo izoyahanagura buhere mu gukuraho ibidutera intuntu n’umubabaro bigatuma dukorora amosozi.

“Urupfu ntiruzoba rukiriho.” (Ivyahishuwe 21:4) Hoba none hari ikintu catumye abantu bakorora amosozi menshi coza gisumba wa mwansi rupfu? Yehova azokura mu vyara vy’urupfu abamugamburukira. None azobigenza gute? Azobikora mu gukuraho ikintu nyamukuru gituma abantu bapfa, na co kikaba ari igicumuro twarazwe na Adamu. (Abaroma 5:12) Yehova azotuma abamugamburukira baba abantu batunganye hishimikijwe inkuka y’incungu ya Yezu. * Ivyo birangiye, wa mwansi wa nyuma rupfu “azokurwaho.” (1 Abakorinto 15:26) Abantu b’abizigirwa bazoca babaho ibihe bidahera bafise amagara atagira akanenge nk’uko Imana ivyipfuza.

‘Ububabare ntibuzoba bukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:4) Ni ububare bwoko ki butazoba bukiriho? Umubabaro wose wo ku mubiri no mu mutima hamwe n’ukumererwa nabi mu bwenge kwose vyatejwe n’igicumuro be n’ukuba tudatunganye, bigatuma abantu amamiliyoni bagira ubuzima buteye agahinda, ntibizoba bikiriho.

Vuba abantu bazobaho ata mosozi, urupfu canke umubabaro. Ariko woshobora kwibaza uti: ‘None ivyo bizobera hehe? Uwo muhango Imana itanga, ubwo ntiwoba werekeye ubuzima bwo mw’ijuru?’ Habe namba. Raba igituma. Ubwa mbere, uwo muhango utanguzwa n’amajambo avuga ngo “ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu,” na bo tukaba tuzi ko baba kw’isi. (Ivyahishuwe 21:3) Ubwa kabiri, uwo muhango uvuga ko aho hantu ‘urupfu rutazoba rukiriho,’ bisobanura ko ruzoba rwarahigeze ariko rugakurwaho. Urupfu ntirwigeze rubaho mw’ijuru, ariko turazi ko rumaze igihe kirekire ruri kw’isi. Biratomoye rero yuko uwo muhango Imana itanga w’ubuzima bwiza uzorangukira ng’aha kw’isi.

Imana izohanagura amosozi atagira uko angana abantu bakoroye kubera intuntu n’umubabaro

Yehova yipfuza ko twemera uwo muhango atanga werekeye isi nshasha igororotse. Ahejeje kuvuga iyo mihezagiro azoha abantu, aca adukura amazinda yuko uwo muhango ari uwo kwizigirwa, mu kuvuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.” Aca yongerako ati: “Aya majambo [ni] ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.” (Ivyahishuwe 21:5) Ubona gute urondeye kumenya vyinshi ku kuntu wewe n’abawe mwoba mu basavyi b’Imana bahimbawe bazokwibonera iranguka ryiza igitangaza ry’uwo muhango Imana itanga?

^ par. 5 Wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye inkuka y’incungu ya Kristu, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.