Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI KIGARAMA 2013

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki ico kibazo kivyuka?

Kubera iki ico kibazo kivyuka?

“Woba ubayeho neza naho utemera Imana? Abantu amamiliyoni ni ko babayeho.” Ayo ni amajambo abahakanamana baherutse kwandikisha ku capa bakotesheje mu gihugu kimwe. Biboneka ko babona yuko badakeneye Imana.

Ku rundi ruhande, abenshi mu bavuga ko bemera Imana usanga bafata ingingo ziterekana ko bayemera vy’ukuri. Salvatore Fisichella, akaba ari umusenyeri mukuru wa Ekleziya Gatolika, yavuze ku bijanye n’abo mw’idini arimwo ati: “Muri iki gihe, ngira nta n’umwe yomenya ko turi abakirisu kubera ko tubayeho cokimwe n’abatemera.”

Bamwe usanga batwarwa n’ivyabo ntibaronke umwanya wo kwiyumvira ivyerekeye Imana. Babona ko ata kibanza gihambaye yogira mu buzima bwabo kubera ko iri kure cane ku buryo ata woyishikira. Abantu nk’abo usanga bibuka Imana igihe gusa bari mu ngorane canke bari n’ico bakeneye, nk’aho umengo Imana ni umukozi abakorera ico bipfuza cose.

Abandi na bo usanga babona ko inyigisho z’idini barimwo ata kamaro kanini zifise, canke ugasanga ntibazikurikiza naho boba babona ko ziri n’akamaro. Nk’akarorero, ibice 76 kw’ijana vy’abagatolika bo mu Budagi babona ko ata kibi kirimwo umugabo n’umugore bibaniye batarubakana, ivyo bikaba biteye kubiri na Bibiliya be n’ivyo idini ryabo ryigisha. (1 Abakorinto 6:18; Abaheburayo 13:4) Ariko ntiwumve, abagatolika si bo bonyene babona ko babayeho batisunga ivyo idini ryabo ryigisha. Abakuru b’amadini menshi baridoga bavuga ko abayoboke b’amadini yabo bigenza nk’ “abahakanamana.”

Ubwo burorero buca butuma umuntu yibaza ati: Twoba dukeneye Imana vy’ukuri? Ico kibazo si gishasha. Catanguye kuvyuka mu nkuru zivugwa mu gitabu ca mbere ca Bibiliya. Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, reka twihweze ibibazo nka bingahe biri mu gitabu co muri Bibiliya citwa Itanguriro.