Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Kigarama 2013

‘Mu misozi muzohacukura umujumpu’

‘Mu misozi muzohacukura umujumpu’

Hari umugwi w’abacukuzi b’ivya kera wariko uracukura witonze mu myonga no mu masenga vyo mu bugaragwa bw’i Yudaya. Barubutse kw’isenga ryari ku musozi uhanamye cane. Hoba hari ikintu c’agaciro bubuyeyo, nk’ibintu vy’utugenegene vya kera cane canke ivyandikano vyandikishijwe iminwe nka ya mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu? Baratangaye bahasanze ibintu vyinshi vy’agaciro, ivyo bahavuye bita itunga ry’i Nahal Mishmar.

IVYO bintu bavyubuye muri Ntwarante 1961, bikaba vyari binyegejwe ahantu umusozi wasadutse, bitekeye mu kintu kimeze nk’ikirago gikozwe mu marenga. Vyarenga 400, vyinshi muri vyo bikaba vyari ivy’umujumpu. Muri ivyo bintu harimwo ingori z’abami z’ubwoko butandukanye, udukoni tw’abatware, amahiri n’ibindi birwanisho be n’ibindi bikoresho. Ivyo bintu vyubuwe birahambaye ku basoma Bibiliya kubera ko mw’Itanguriro 4:22 havuga ko Tubali-kayini yari “umucuzi w’ubwoko bwose bw’igikoresho c’umujumpu n’ic’icuma.”

Abahinga mu vy’ubucukuzi baracibaza ibibazo vyinshi ku bijanye n’inkomoko y’ivyo bintu be na kahise kavyo. Ariko kubona baravyubuye, birerekana yuko ivyo gucukura ubutare bw’umujumpu, kubushongesha no kubuhinguramwo ibintu, vyamye bikorwa kuva kera cane mu bihugu bivugwa muri Bibiliya.

AMACUKURIRO Y’UMUJUMPU MU GIHUGU C’ISEZERANO

Igihe Abisirayeli bari hafi yo kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano, Musa yababwiye ati: ‘Mu misozi yaco muzohacukura umujumpu.’ (Gusubira mu vyagezwe 8:7-9) Abacukuzi b’ivya kera barubuye muri Israyeli no muri Yordaniya ibibanza bitari bike vya kera vyakorerwamwo ivyo gucukura ubutare no kubushongesha, nk’ahitwa Feïnân, Timna na Khirbat en-Nahas. None ayo macukuriro ahishura iki?

Aho i Feïnân n’i Timna usanga hakwiragiye ibinogo bigufibigufi bagiye baracukuramwo ubutare bw’umujumpu mu kiringo c’imyaka n’imiburiburi 2.000. No muri iki gihe, ugiyeyo usanga irya n’ino hari ibipandepande vy’amabuye biriko umujumpu. Abacukuzi b’ubutare ba kera barakora bagatama: barakoresha ibikoresho bimeze nk’itindo bikozwe mw’ibuye, bakaza barabarura ibibuyebuye vyo hejuru barondera ubutare bw’umujumpu. Ubutare buheze hejuru, baca batangura kwimba bakoresheje ibikoresho vy’icuma, bakimba amasenga bongera bayagura, bakimba n’ibinogo birebire bishinze n’ibikitse. Igitabu co muri Bibiliya citwa Yobu, kiradondora ukwo kuntu bacukura ubutare. (Yobu 28:2-11) Gucukura ubwo butare cari igikorwa kiruhisha. Ni co gituma kuva mu kinjana ca gatatu gushika mu ca gatanu mu gihe cacu, abategetsi b’Abaroma bahana inkozi z’ikibi katwa be n’izindi mbohe mu kubarungika gukorera mu macukuriro y’umujumpu y’i Feïnân.

Ibirundo amahero vy’ibicafu vy’ubutare bw’umujumpu biraboneka i Khirbat en-Nahas (iryo zina rikaba risobanura ngo “Ibisigarira vy’umujumpu”), ivyo bikaba bisa n’ivyerekana yuko ubutare bwahashongesherezwa bwari bwinshi cane. Abahinga biyumvira yuko ubwo  butare bwava mu macukuriro yo hafi yaho, nk’i Feïnân canke i Timna. Kugira ngo ubutare bw’umujumpu babutandukanye n’ibicafu bibutwikiriye, barakoresha imivuba bavubisha amaguru ngo bongereze ubushuhe bw’umuriro w’amakara gushika ku madogere 1.200, mu kiringo kiva ku masaha umunani gushika kuri cumi. Muri rusangi hashongeshwa ibilo 5 vy’ubutare bw’umujumpu kugira haboneke ikilo 1 c’umujumpu utyoroye bashobora guca bahingurwamwo ibintu bitandukanye.

UMUJUMPU WARAKORESHWA MURI ISIRAYELI YA KERA

Ku Musozi Sinayi, Yehova Imana yarasavye Abisirayeli yuko ubwo butare bukayangana bwo muri ico gihugu babukoresha mu kwubaka itaberenakulo, mu nyuma bakabukoresha mu kwubaka urusengero i Yeruzalemu. (Kuvayo, ikigabane 27) Abisirayeli bashobora kuba bari bazi ku rugero runaka ubuhinga bwo gucura imbere y’uko baja mu Misiri, canke bakaba babwigiye muri ico gihugu. Igihe bava mu Misiri, barashoboye guhingura inyana mu butare bushongeshejwe. Barashoboye no guhingura ibikoresho vyinshi vy’umujumpu vyari bigenewe igikorwa co kw’itaberenakulo, muri vyo tukaba twovuga ca kibesani kinini, ibikono, amapanu, ibiyozo n’amakanya.Kuvayo 32:4.

Mu nyuma, igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, kumbure mu micungararo y’i Punoni (ahashobora kuba ari ho hitwa Feïnân muri iki gihe), ako kakaba ari akarere kagwiriyemwo ubutare bw’umujumpu, baridodomvye ku bijanye na manu be n’amazi. Mu kubahana, Yehova yaciye abarungikamwo inzoka z’ubumara zirica abantu benshi. Abisirayeli bamaze kwigaya, Musa yaciye abasabira kuri Yehova, na we aca ategeka Musa gukora inzoka y’umujumpu maze akayimanika ku gikingi c’igiti. Iyo nkuru ivuga iti: “Mu gihe inzoka yaba iriye umuntu hanyuma agahanga amaso nya nzoka y’umujumpu, yaca aguma ari muzima.”Guharūra 21:4-10; 33:43.

UMWAMI SALOMO YARAKORESHEJE UMUJUMPU

Ibice vyinshi vy’urusengero rw’i Yeruzalemu vyari bikozwe mu mujumpu

Umwami Salomo yarakoresheje ubutare bwinshi cane bw’umujumpu mu guhingura ibintu vyo ku rusengero rw’i Yeruzalemu. Bwinshi muri bwo ni ubwo se Dawidi yari yarakuye muri Siriya igihe yahanesha. (1 Ngoma 18:6-8) Ca kibesani amahero abaherezi bakoresha mu gukaraba, icitwa “ikiyaga gishongeshejwe,” cajamwo amalitiro 66.000, kikaba gishobora kuba capima amatoni 30. (1 Abami 7:23-26, 44-46) Hari hariho na za nkingi zibiri amahero z’umujumpu zari zihagaze ku bwinjiriro bw’urusengero. Zari zifise uburebure bw’imetero 8, imitwe yazo na yo ikagira uburebure bw’imetero 2 na santimetero 20. Zari zifise umuheha hagati, zikagira intimbatimba ya santimetero 7,5 n’ubwaguke bw’imetero 1 na santimetero 70. (1 Abami 7:15, 16; 2 Ngoma 4:17) Wiyumviriye ubutare bw’umujumpu bwakoreshejwe mu guhingura ivyo bintu vyonyene, emwe birasiga ubwenge!

Abantu bo mu bihe vya Bibiliya barakoresha cane umujumpu no mu buzima bwa misi yose. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ibijanye n’ibirwanisho, amapingu, ibicurarangisho be n’inzugi bikozwe mu mujumpu. (1 Samweli 17:5, 6; 2 Abami 25:7; 1 Ngoma 15:19; Zaburi 107:16) Yezu yaravuze ibijanye n’amahera y’ “umujumpu” batekera mu masaho, intumwa Paulo na we aravuga ivyerekeye “Alegizandere wa mucuzi w’umuringa.”—Matayo 10:9; 2 Timoteyo 4:14.

Abacukuzi b’ivya kera be n’abahinga mu vya kahise baracafise ibibazo vyinshi bakeneye kuronkera inyishu ku bijanye n’ahavuye ibikoresho vy’umujumpu vyo mu bihe vya Bibiliya be na rya tunga ry’i Nahal Mishmar rikiri amayobera. Yamara ikizwi coco, nk’uko inkuru zo muri Bibiliya zivyemeza, igihugu Abisirayeli bahawe n’Imana cari vy’ukuri “igihugu ciza, . . . mu misozi yaco [bakaba bohacukuye] umujumpu.”Gusubira mu vyagezwe 8:7-9.