Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Kigarama 2013

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Kubera iki Kristu azogaruka?

Imbere y’uko Yezu Kristu aduga mw’ijuru mu mwaka wa 33 mu gihe cacu, yasezeranye ko yogarutse. Yigereranije n’umuntu wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo, maze haciye igihe kirekire agaruka afise ububasha bwo kuganza ari umwami. Yezu azogaruka kugira ngo aronse abantu intwaro nziza.Soma Luka 19:11, 12.

Yezu azozanira abantu intwaro nziza

None Kristu azogaruka afise umubiri umeze gute? Yazuwe afise umubiri utaboneka. (1 Petero 3:18) Yaciye aduga mw’ijuru, yicara iburyo bw’Imana. (Zaburi 110:1) Haciye igihe kitari gito, Yezu yararengutse imbere ya Yehova Imana, “Umwe wa kera mu misi,” na we aca aha Yezu ububasha bwo kuganza umuryango w’abantu. Yezu rero ntagaruka ari umuntu, ahubwo agaruka ari Umwami akomeye ataboneka.Soma Daniyeli 7:13, 14.

Yezu azokora iki niyagaruka?

Yezu niyagaruka mu buryo butaboneka ari kumwe n’abamarayika biwe, azocira urubanza abantu. Azotikiza ababisha mugabo abemera kuganzwa na we abahe ubuzima budahera.Soma Matayo 25:31-33, 46.

Intwaro ya Yezu izotuma isi ihinduka Iparadizo. Azozura abapfuye kugira ngo bibere muri iyo si y’iparadizo.Soma Luka 23:42, 43.