UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nzero 2015

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 2 Ntwarante gushika ku wa 5 Ndamukiza 2015.

Baritanze babikunze—Muri New York

Ni igiki catumye umugabo umwe n’umugore wiwe bari mu bihinda, bava mu nzu yabo iteye igomwe bakimukira mu kazu gatoyi?

Nukengurukire Yehova maze uhezagirwe

Gukenguruka bishobora gute kudufasha kwihanganira ibigeragezo?

Igituma duhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba

Womenya gute ko Imana yaguhaye icizigiro co kuba mw’ijuru canke ico kuba kw’isi?

Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare

Nimukoreshe ibintu bitanu bituma umubano ukomera kandi urangwa agahimbare.

Nimureke Yehova akomeze umubano wanyu yongere awukingire

Wokora iki kugira wirinde kurenga ibigo be n’inkurikizi zavyo zibabaje?

Urukundo rudahera rwoba rushoboka?

Urukundo ruvugwa mu Ndirimbo ya Salomo rurigisha ivyigwa ngirakamaro abipfuza kurushinga be n’abamaze kurushinga.