Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NZERO 2015

Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare

Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare

“Yehova ubwiwe atubatse inzu, abubatsi bayo baba baruhiye ubusa.”ZAB. 127:1a.

1-3. Ni ingorane izihe zishikira abubatse? (Raba ishusho itangura.)

UMUGABO umwe amaze imyaka 38 ahimbawe mu rugo rwiwe, avuga ati: “Igihe ugize akigoro n’umutima wawe wose kandi ukerekana ko wipfuza yuko umubano wanyu uroranirwa, Yehova araguhezagira.” Ego cane, birashoboka ko abagabo babana n’abagore mu gahimbare kandi bagashigikirana mu bihe bitoroshe.Imig. 18:22.

2 Ariko rero, ni ibisanzwe ko abubakanye bagira “amakuba mu mubiri wabo.” (1 Kor. 7:28) Uti kubera iki? Ingorane za buri musi zonyene zirashobora guhungabanya umubano. Kubera ko abagabo n’abagore ari abanyagasembwa, birashobora gushika bakababazanya, ntibatahurane canke ntibayage neza. Ivyo birashobora kuba intambamyi mu mibano y’abubatse yifashe neza kuruta iyindi. (Yak. 3:2, 5, 8) N’ikindi kandi, abubakanye benshi birabagora kumenya ingene bavyifatamwo igihe bakora akazi kabasaba gukora cane bongera bitwararika abana. Imyitwarariko n’uburuhe biratuma abubakanye bamwebamwe bibagora kumarana umwanya kugira bakomeze umubano wabo. Urukundo n’icubahiro bafitaniye vyoshobora kunyohwa n’ingorane z’amahera, iz’amagara canke izindi. Vyongeye, umushinge w’umubano wasa n’uwukomeye urashobora kwononwa  n’“ibikorwa vy’umubiri,” nk’ubusambanyi, ubushirasoni, urwanko, ugushihana, ishari, ukwiguburiza kw’ishavu n’ugucanamwo.Gal. 5:19-21.

3 N’ikivyunyura ni uko turi mu “misi ya nyuma” irangwa n’inyifato z’ubwikunzi kandi zidahimbara Imana usanga zibangamira umubano. (2 Tim. 3:1-4) Ubwa nyuma, abubakanye babwirizwa kunanira ibitero bikomeye vy’umwansi w’umubisha. Intumwa Petero atugabisha ati: “Umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.”1 Pet. 5:8; Ivyah. 12:12.

4. Abubakanye bashobora gute kugira umubano ukomeye kandi uhimbawe?

4 Umugabo umwe wo mu Buyapani avuga ati: “Nari mfise ingorane nyinshi zijanye n’amahera. Kubera ko ntayaga vy’ukuri n’umugore wanje, na we nyene yahavuye atuntura cane. Vyongeye, yari aherutse kugira ingorane zikomeye z’amagara. Rimwe na rimwe, ivyo vyaratuma tutumvikana.” Hariho ingorane usanga zibwirizwa gushika mu mubano w’abubatse, ariko si ukuvuga ko zidashobora gutorerwa umuti. Babifashijwemwo na Yehova, abubakanye barashobora kugira umubano ukomeye kandi uhimbawe. (Soma Zaburi 127:1.) Nimuze twihweze ibintu bitanu vyotuma umubano w’abubatse ukomera kandi ukaramba. Mu nyuma turarimbura igituma urukundo ari ntahara kugira umubano w’abubatse ugume ukomeye.

NIMUSHIRE YEHOVA MU MUBANO WANYU

5, 6. Abubakanye bokora iki kugira bashire Yehova mu mubano wabo?

5 Kudahemukira Umwe yatanguza umubano no kumuyobokera ni ntahara kugira ngo umubano w’abubatse ugume utekaniwe. (Soma Umusiguzi 4:12.) Abubakanye barashobora gushira Yehova mu mubano wabo mu gukurikiza ubuyobozi bwiwe buranga urukundo. Bibiliya ivuga ku vyerekeye abasavyi b’Imana ba kera iti: “Amatwi yawe azokwumva ijambo inyuma yawe rivuga ngo: ‘Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo,’ nimwaramuka mugiye iburyo canke ibubamfu.” (Yes. 30:20, 21) Muri iki gihe, abubakanye barashobora ‘kwumva’ ijambo rya Yehova mu gusomera hamwe Ijambo ryiwe. (Zab. 1:1-3) Barashobora kurushiriza gukomeza umubano wabo biciye ku Gusenga kwo mu muryango kuryoshe kandi kuruhura mu vy’impwemu. Gusengera hamwe buri musi na vyo nyene ni ngirakamaro mu bijanye no gukomeza umubano w’abubatse ushobora kunanira ibitero vy’isi ya Shetani.

Igihe abubakanye bakorera hamwe ibintu vy’impwemu, bariyegereza Imana bakongera bagakomeza umubano wabo (Raba ingingo ya 5, 6)

6 Uwitwa Gerhard wo mu Budagi avuga ati: “Igihe cose ingorane zacu canke ukutumvikana bitubujije umunezero, impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana ziradufasha kwihangana no kubabarirana. Izo kamere ni ntahara kugira umubano w’abubatse uroranirwe.” Igihe abubakanye bihatiye gushira Imana mu mubano wabo mu gukorera hamwe ibintu vy’impwemu, bariyegereza Imana bakongera bagakomeza umubano wabo.

ABAGABO BARAKORESHA UBUKURU MU BURYO BURANGA URUKUNDO

7. Abagabo bakwiye gukoresha gute ubukuru bwabo?

7 Ukuntu umugabo akoresha ubukuru bwiwe birafasha cane kugira umubano ukomere kandi urangwe agahimbare. Bibiliya ivuga iti: “Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo.” (1 Kor. 11:3) Ivyo vyerekana ko abagabo bakwiye gukoresha ubukuru bafise ku bagore babo nk’uko Kristu akoresha ubukuru afise ku mugabo. Yezu ntiyigeze atwaza umukazo canke ngo abe ruburakigongwe, ahubwo yama agaragaza urukundo n’ubuntu, akagira ibitegereka, akitonda kandi akiyorosha mu mutima.Mat. 11:28-30.

8. Umugabo ashobora gute gutuma umugore wiwe amukunda akongera akamwubaha?

8 Abagabo b’abakirisu ntibakwiye kwama  basaba abagore babo ngo babubahe. Ahubwo nyabuna ‘babandanya kubana na bo bisunze ubumenyi no kubatera iteka nk’abaritera icombo kirushirije kuba goyigoyi, icombo kigore.’ (1 Pet. 3:7) Baba bari mu bantu canke ukwa bonyene, abagabo barerekana yuko babona ko abagore babo ari ab’igiciro, biciye ku majambo aranga icubahiro bavuga canke ku bintu biranga ikibabarwe bakora. (Imig. 31:28) Ukwo gukoresha ubukuru mu buryo buranga urukundo biratuma umugore akunda umugabo wiwe kandi akamwubaha, bikongera bigatuma Imana ihezagira uwo mubano.

ABAGORE BARAYOBOKA BICISHIJE BUGUFI

9. Umugore yokwerekana gute ko ayoboka yicishije bugufi?

9 Gukunda Yehova ata bwikunzi kandi twisunga ingingo ngenderwako biradufasha twese kwicisha bugufi munsi y’ukuboko kwiwe kw’ububasha. (1 Pet. 5:6) Uburyo bumwe buhambaye umugore ayoboka yokwerekana ko yubaha ubukuru bwa Yehova ni ugusenyera ku mugozi umwe n’umugabo wiwe kandi akamushigikira. Bibiliya ivuga iti: “Yemwe bagore, muyobokere abagabo banyu, nk’uko bibereye mu Mukama.” (Kol. 3:18) Ego ni ko, si ingingo zose umugabo afata zama zishimisha umugore. Yamara mu gihe ingingo yafashe zidateye kubiri n’amategeko y’Imana, umugore ayoboka arazishigikira n’umutima ukunze.1 Pet. 3:1.

10. Ni kubera iki bihambaye ko umugore ayoboka abigiranye urukundo?

10 Umugore afise ikibanza giteye iteka kuko ari “umugenzi” w’umugabo wiwe. (Mal. 2:14) Aragira ikintu c’agaciro aterereye ku ngingo zerekeye umuryango mu guserura ivyiyumviro vyiwe be n’ukuntu yiyumva abigiranye icubahiro ariko kandi akaguma ayoboka. Umugabo w’inkerebutsi arumviriza yitonze ivyo umugore wiwe avuga. (Imig. 31:10-31) Igihe umugore ayobotse abigiranye urukundo bica bituma mu muryango haba umunezero, amahoro n’uguhuza bikongera bigatuma abubakanye bagira agahimbare kava ku kuba  bazi yuko bariko barahimbara Imana.Ef. 5:22.

NIMUBANDANYE KUBABARIRANA ATA GAHIGIHIGI

11. Kubera iki bihambaye cane ko abubakanye bababarirana?

11 Kimwe mu bintu bituma umubano w’abubatse urushiriza gukomera ni ukubabarirana. Umubano w’abubatse urakomera igihe umugabo n’umugore “[babandanya] kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.” (Kol. 3:13) Ariko rero, umubano w’ababiranye uragoyagoya igihe abubakanye bagumye bibukiriza amakosa ya kera maze bakayakoresha kenshi kugira basomborotsanye. Nka kurya nyene imigaga ishobora gutuma inyubakwa igeramirwa, imyidogo n’inzika birashobora kuza mu mutima wacu, bigatuma birushiriza kutugora kubabarira uwo twubakanye. Yamara, umubano w’abubatse urarushiriza gukomera igihe umugabo n’umugore bababarirana nk’uko Yehova abababarira.Mika 7:18, 19.

12. Ni gute urukundo rupfuka “ibicumuro indiri”?

12 Urukundo nyakuri “ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.” Nkako, “urukundo rupfuka ibicumuro indiri.” (1 Kor. 13:4, 5; soma 1 Petero 4:8.) Mu yandi majambo, urukundo ntirushinga igitigiri ntarengwa c’ibicumuro dukwiye kubabarira. Igihe intumwa Petero yabaza incuro akwiye kubabarira mugenzi we, Yezu yamwishuye ati: “Incuro mirongo irindwi n’indwi.” (Mat. 18:21, 22) Yariko arerekana yuko ata gitigiri ntarengwa kiriho c’incuro umukirisu akwiye kubabarira abandi.Imig. 10:12. *

13. Twokwirinda gute agatima ko kutababarirana?

13 Uwitwa Annette avuga ati: “Igihe abubakanye badashaka kubabarirana, inzika n’ukutizerana birongerekana, kandi ivyo birageramira umubano. Kubabarirana birakomeza umubano, bigatuma abubakanye barushiriza kwunga ubumwe.” Kugira mwirinde agatima ko kutababarirana, nimwihatire kuba abantu bakenguruka. Nimwimenyereze gukeza abo mwubakanye mubikuye ku mutima. (Kol. 3:15) Nimwironkere amahoro yo mu mutima, ubumwe be n’ivyiza abababarirana bironkera.Rom. 14:19.

NIMUSHIRE MU NGIRO RYA TEGEKO RY’AGAKURA

14, 15. Rya Tegeko ry’agakura ni iki, kandi kurishira mu ngiro bikomeza gute umubano w’abubatse?

14 Nta gukeka ko wipfuza ko bagutera iteka kandi bakakwubaha. Igihe abandi bahaye agaciro ivyiyumviro vyawe be n’ukuntu wiyumva, urabishima. Mugabo none woba umaze kwumva uwuvuga ngo “Nzomusubiriza mu ndumane”? Naho rimwe na rimwe ivyo womenga birumvikana, Bibiliya itubwira iti: “Ntuvuge ngo: ‘Nk’uko nyene yangiriye, ni ko ngiye kumugirira.’” (Imig. 24:29) Nkako, Yezu yarerekanye uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutorera umuti ingorane. Iyo nyifato irazwi cane ku buryo akenshi yitwa Itegeko ry’agakura, rikaba rigira riti: “Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.” (Luka 6:31) Yezu yashaka kuvuga yuko dukwiye gufata abantu nk’uko twipfuza ko badufata, ntitugere ingere ku yindi. Ku babiranye, ivyo bisobanura ko bakwiye gushira mu mubano wabo ivyo bipfuza kuwukuramwo.

15 Abubakanye barakomeza umubano wabo igihe umwe wese yitwararitse  inyiyumvo z’uwo bubakanye. Umugabo umwe wo muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Turagerageza gushira mu ngiro rya Tegeko ry’agakura. Ego ni ko birashika tugashavura, mugabo umwe wese muri twebwe arihatira kwubaha uwo bubakanye no kumutera iteka nk’uko yipfuza ko na we amufata.”

16. Ni ibiki umwe wese mu bubakanye adakwiye kugirira mugenziwe?

16 Niwirinde kwararaza ubugoyagoye bw’uwo mwubakanye canke ngo ugume wibukiriza utunenge twiwe, mbere n’igihe woba uriko urajajura. Uribuka yuko umubano w’abubatse atari uguhiganwa kugira ngo mumenye uwukomeye kuruta uwundi, uwuvuga cane canke uwuvuga amajambo ababaza kuruta uwundi. Ni ivy’ukuri ko twese turi n’utunenge kandi bishika tugashavuza abandi. Mugabo nta mvo n’imwe ikwiye kwigera ituma umugabo canke umugore atuka mugenziwe canke amushira hasi, icibagiwe co ni ukumusunura canke kumukubita.Soma Imigani 17:27; 31:26.

17. Abagabo bashobora gute gukurikiza rya Tegeko ry’agakura?

17 Naho nyene mu mico kama imwimwe abagabo bahahaza canke bakubita abagore babo babonwa ko ari bo bagabo, Bibiliya ivuga iti: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi, kandi uwucungera umutima wiwe aruta uwufata igisagara.” (Imig. 16:32) Kugira umuntu yigane wa mugabo w’abagabo Yezu Kristu, bisaba ko agira inkomezi nyinshi maze akigumya. Umugabo atuka umugore wiwe canke amukubita nta mugabo aba arimwo, kandi arashobora gutakaza ubucuti afitaniye na Yehova. Wa mwanditsi w’amazaburi Dawidi, akaba yari umugabo akomeye kandi w’umutima rugabo, yavuze ati: “Mute umutwe, ariko ntimucumure. Muvugire mu mutima wanyu, ku gitanda canyu, mugume mucereje.”Zab. 4:4.

‘NIMWAMBARE URUKUNDO’

18. Ni kubera iki bihambaye ko abubakanye baguma batsimbataza kamere y’urukundo?

18 Soma 1 Abakorinto 13:4-7. Urukundo ni yo kamere ihambaye kuruta izindi zose mu mubano w’ababiranye. Bibiliya ivuga iti:“Nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.” (Kol. 3:12, 14) Urukundo rwo kwitanga nk’urwa Kristu ni rwo rukomeza umubano w’ababiranye. Rutuma umubano utanyiganyiga igihe umwe muri bo agaragaje utunenge tubabaza, igihe hashitse ingorane zikomeye z’amagara canke z’ubutunzi, kibure havyutse ibibazo bikomeye mu miryango yabo.

19, 20. (a) Abubakanye bashobora gute kwubaka urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare? (b) Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza iki?

19 Mu vy’ukuri, birasaba ko abubakanye bagaragaza urukundo, ukudahemuka kandi bakagira akigoro gakomeye kugira umubano wabo uroranirwe. Aho guca basambura igihe havyutse ingorane, abubakanye bakwiye kwiyemeza gutuma umubano wabo uroranirwa, aho kuba uwo kurwazarwaza. Abubakanye bakunda Yehova bakongera bagakundana bakwiye kwiyemeza gutunganya ingorane zabo, kuko “urukundo [rut]igera runanirwa.”1 Kor. 13:8; Mat. 19:5, 6; Heb. 13:4.

20 Kwubaka urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare ni urugamba na canecane muri ibi “bihe bitoroshe” turimwo. (2 Tim. 3:1) Mugabo Yehova adufashije birashoboka. Ariko rero, abubakanye na bo nyene bategerezwa kurwanya ugutituka kw’inyifato runtu kwiraye muri iyi si. Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza ukuntu abubakanye bashobora gukingira umubano wabo mu vy’impwemu.

^ par. 12 Naho abubakanye bihatira kubabarirana no gutorera umuti ingorane zabo, mu gihe hari uwarenze ibigo, Bibiliya iraha uwahemukiwe uburenganzira bwo kumubabarira canke kwahukana. (Mat. 19:9) Raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ico Bibiliya ivuga ku kwahukana n’ugutandukana” mu gitabu “Urukundo rw’Imana,” urupapuro rwa 219-221.