Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NZERO 2015

Nimureke Yehova akomeze umubano wanyu yongere awukingire

Nimureke Yehova akomeze umubano wanyu yongere awukingire

“Yehova ubwiwe atarinze igisagara, umurinzi aba yagumye arikanuriye ubusa.”ZAB. 127:1b.

1, 2. (a) Ni igiki catumye Abisirayeli 24.000 bahomba imihezagiro ishimishije? (b) Kubera iki ico kintu cabaye kera kiri n’ico kitwigisha?

GATOYI imbere y’uko ihanga rya Isirayeli ryinjira muri ca Gihugu c’isezerano, abagabo ibihumbi mirongo ‘barashurashuye n’abakobwa ba Mowabu.’ Ivyo vyatumye abagabo 24.000 bagwa mu kuboko kwa Yehova. Iyumvire ntuze! Abisirayeli bagira bironkere intoranwa bari bamaze igihe kirekire barindiriye, yamara barahomvye imihezagiro ishimishije kubera batwawe n’inyosha mbi.Guh. 25:1-5, 9.

2 Ako karorero gateye agahinda karanditswe “ngo [ka]tubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.” (1 Kor. 10:6-11) Muri iki gice ca nyuma c’“imisi ya nyuma,” abasavyi b’Imana bari mu kwinjira mw’isi nshasha igororotse. (2 Tim. 3:1; 2 Pet. 3:13) Ariko ikibabaje ni uko hari abasavyi ba Yehova bareka kuba maso. Baragwa mu mutego w’ubusambanyi maze bagashikirwa n’ingaruka mbi z’ubuhumbu. Abantu nk’abo barashobora no kubura imihezagiro y’ibihe bidahera.

3. Ni kubera iki abubakanye bakeneye kuyoborwa no gukingirwa na Yehova? (Raba ishusho itangura.)

3 Kubera ko ubuhumbu burushiriza kuba ndanse muri iki gihe, abubakanye barakeneye kuyoborwa no gukingirwa na Yehova kugira ngo utwigoro bagira two kuzigama umubano  wabo ntitube impfagusa. (Soma Zaburi 127:1.) Turaza kwihweza ukuntu abubakanye bashobora gukomeza umubano wabo mu kurinda umutima wabo, mu kurushiriza kwiyegereza Yehova, mu kwambara wa muntu mushasha, mu kuguma bayaga mu buryo ngirakamaro no mu guhana ivyo mu mubano w’ababiranye.

NIMURINDE UMUTIMA WANYU

4. Ni ibiki vyatumye abakirisu bamwebamwe bashika ku gukora ubusambanyi?

4 Bishoboka gute ngo umukirisu ashike ku gukora ubuhumbu? Akenshi bitangurira ku vyo arabisha amaso. Yezu yasiguye ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Mat. 5:27, 28; 2 Pet. 2:14) Abakirisu benshi vyashitse bagasambana, baba baratumye ububasha bwabo bwo kwikingira mu vy’inyifato runtu bugoyagoya mu kuraba amasanamu y’ibiterasoni, mu gusoma ibitabu bivuga ivy’urukundo canke mu kuraba kuri internet amasanamu avyura inambu. Abandi usanga barisutse mu vyo kwinezereza baraba ibikino, ibiganiro vyo kuri televiziyo canke amasinema vyerekana ivy’igitsina mu buryo bweruye. Hari n’ababa baragiye mu mazu y’ubutambiro bw’ijoro, ayo barabiramwo ibikino vy’abantu bambaye ubusa canke aho bagirira ivyo bita massage mu buryo buvyura inambu.

5. Kubera iki dukwiye gukingira umutima wacu?

5 Hari abatwarwa n’inyosha mbi kubera ko barondera kwitwararikwa n’uwundi muntu atari uwo bubakanye. Muri iyi si y’abantu batagira ukwigumya kandi batwawe n’ubwoko bwose bw’ubuhumbu, biroroshe cane ko umutima wacu wibesha kandi mubi cane, utangura gukunda uwundi muntu atari uwo twubakanye. (Soma Yeremiya 17:9, 10.) Yezu yavuze ati: “Mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi.”Mat. 15:19.

6, 7. (a) Ni igiki gishobora gushika mu gihe ivyipfuzo bibi bitsimbataye mu mutima wacu? (b) Dushobora gute kwirinda gucumura kuri Yehova?

6 Igihe ivyipfuzo bitabereye bimaze gushinga imizi mu mitima y’abantu babiri biyumvanamwo, boshobora gusanga basigaye bayaga ibintu bari bakwiye kuyaga gusa n’uwo bubakanye. Bidatevye bararondera uturyo twiyongereye two kuba bari kumwe, bagaca batangura kuza barahura kenshikenshi mu buryo umenga nta co butwaye, busa n’ubupfa kwizana. Uko barushiriza kwiyumvanamwo, ni ko ububasha bwabo bwo kwikingira mu vy’inyifato runtu burushiriza kugoyagoya. Uko ubucuti bafitaniye burushiriza gukomera, ni ko birushiriza kubagora kubuhagarika, naho nyene baba bazi ko ivyo bariko barakora ari bibi.Imig. 7:21, 22.

7 Ibibakingira mu vy’impwemu bigenda biragoyagoya uko ivyipfuzo be n’ivyo bayaga bibashikana ku gufatana amaboko, gusomana, gukuyakuyana mu buryo bugera kure kandi buvyura inambu y’umubiri, ivyo vyose akaba ari ibintu bikwiye kugirwa n’abubakanye gusa. Amaherezo,‘barageragezwa iyo bakwezwe kandi bakaryoshwaryoshwa n’icipfuzo cabo bwite.’ Igihe icipfuzo gitwaye inda, gica “kivyara igicumuro,” ng’aha akaba ari ubusambanyi. (Yak. 1:14, 15) Mbega ibara! Abo bantu babiri bari kwirinda gucumura gutyo kuri Yehova iyo bareka akabafasha kurushiriza kwubaha ubweranda bw’umubano. Uti gute?

NIMUGUME MWIYEGEREJE YEHOVA

8. Ubucuti dufitaniye na Yehova budukingira gute mu vy’inyifato runtu?

8 Soma Zaburi 97:10. Ubucuti dufitaniye na Yehova ni bwo ahanini budukingira mu vy’inyifato runtu. Nitwiga ivyerekeye  kamere za Yehova z’igikundiro, tukihatira ‘kwigana Imana nk’abana ikunda, kandi tukabandanya kugendera mu rukundo,’ tuzoronka inkomezi zo kwamirira kure “ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose.” (Ef. 5:1-4) Igihe abubakanye bazi ko “Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo,” barihatira gutuma umubano wabo uba uwuteye iteka n’uwudahumanye.Heb. 13:4.

9. (a) Yozefu yananiye gute akosho k’ubuhumbu? (b) Ni ibiki twigira ku karorero ka Yozefu?

9 Abasavyi b’Imana b’intahemuka bamwebamwe baratumye ubushobozi bwabo bwo kwikingira mu vy’inyifato runtu bugoyagoya mu kwifatanya inyuma y’amasaha y’akazi n’abo bakorana batari Ivyabona. Mbere no mu masaha y’akazi, inyosha mbi zirashobora kwaduka. Umusore akiri muto w’akaranga yitwa Yozefu yari ku kazi igihe yabona ko umugore w’umukoresha wiwe yari yaramwishizemwo cane. Uko bukeye uko bwije yaramuryosharyosha, amaherezo “amucakira impuzu, avuga ati: ‘Ingo turyamane!’” Mugabo Yozefu yarashoboye kwiruka aramuhunga. Ni igiki cafashije Yozefu kugumana ubushobozi bwiwe bwo kwikingira mu vy’impwemu muri ivyo bihe? Ni uko yari yiyemeje kudahungabanya ubucuti yari afitaniye na Yehova bica bituma aguma atanduye kandi agumana ugutungana kwiwe. Iyo mpagararo yiwe yatumye yirukanwa mu kazi yongera arapfungwa ku karenganyo, mugabo Yehova yaramuhezagiye. (Ita. 39:1-12; 41:38-43) Abakirisu baba bari ku kazi canke bari ukwa bonyene, barakwiye kwirinda kwishira mu bintu bibosha gukundana n’uwundi muntu atari uwo bubakanye.

NIMWAMBARE WA MUNTU MUSHASHA

10. Wa muntu mushasha adukingira gute mu vy’inyifato runtu?

10 Kubera ko wa muntu mushasha “yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri,” arafasha cane abubakanye gukomera mu vy’impwemu. (Ef. 4:24) Abambara uwo muntu mushasha ‘barica’ ibihimba vy’umubiri wabo “ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina.” (Soma Abakolosayi 3:5, 6.) Ijambo “kwica” ryerekana ko dutegerezwa gufata ingingo zikomeye kugira ngo turwanye ivyipfuzo vy’umubiri bijanye n’ubuhumbu. Turirinda ikintu cose coshobora gutuma twipfuza guhuza ibitsina n’uwundi muntu atari uwo twubakanye. (Yobu 31:1) Igihe tubayeho nk’uko Imana igomba, turiga ‘kuzinukwa ikibi’ no ‘kwumira ku ciza.’Rom. 12:2, 9.

11. Wa muntu mushasha ashobora gute gukomeza umubano w’abubatse?

11 Wa muntu mushasha aragaragaza “ishusho y’Uwamuremye,” ari we Yehova. (Kol. 3:10) Abubakanye barironkera ivyiza koko igihe bakomeje ubushobozi bwabo bwo kwikingira mu vy’inyifato runtu mu kwambara “ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.” (Kol. 3:12) N’ikindi kandi, barahuza cane mu mubano wabo igihe baretse ‘amahoro ya Kristu akaganza mu mitima yabo.’ (Kol. 3:15.) Emwe, abubakanye barahungukira cane igihe ‘bagiriraniye ikibabarwe’! Bituma bahimbarwa no ‘kuba aba mbere’ mu “ vyo guterana iteka.”Rom. 12:10.

12. Ni kamere izihe ubona ko zihambaye kugira umubano w’abubatse urangwe agahimbare?

12 Igihe babaza Sid n’umukenyezi wiwe Sonja kamere zibafasha kugira umubano urangwa agahimbare, Sid yavuze ati: “Urukundo ni yo kamere nyamukuru twama twihatira kuryohora. N’ikindi kandi, twasanze ubwitonzi buhambaye cane.” Umukenyezi wiwe arashigikira ico ciyumviro, akongerako ati: “Ubuntu na bwo nyene ni kamere ihambaye cane. Turagerageza  kandi kugaragaza ukwicisha bugufi, naho nyene bitama vyoroshe.”

NIMUGUME MUYAGA MU BURYO NGIRAKAMARO

13. Kimwe mu bintu nyamukuru bituma umubano w’abubatse udahungabana ni ikihe, kandi kubera iki?

13 Nta gukeka ko imvugo y’igikundiro ari kimwe mu bintu nyamukuru bituma umubano w’abubatse udahungabana. Ikibabaje ni uko hari abubakanye bavugana mu buryo butaranga icubahiro, ikintu batubahuka kugira igihe bavugisha abantu batazinanyi na gato canke mbere ibikoko vyabo vy’ibitungano! Igihe abubakanye baterana amajambo babigiranye “umururazi ubabaza, ishavu, uburake, ugukankama, n’ugutukana,” biratuma ubushobozi bafise bwo gukingira umubano wabo mu vy’impwemu bugoyagoya. (Ef. 4:31) Aho gusambura umubano wabo mu kuguma bakoresha amajambo y’agahemo canke yo kunebagurana, abubakanye bakwiye gukomeza ubucuti bafitaniye mu gukoresha amajambo aranga ubuntu, ikibabarwe n’impuhwe.Ef. 4:32.

14. Ni ibintu ibihe vyoba vyiza twirinze gukora?

14 Bibiliya ivuga yuko hariho “igihe co kunuma.” (Umus. 3:7) Ivyo ntibisobanura ko dukwiye kureka kuvugisha uwo twubakanye, kuko kuyaga ari ntahara mu mubano w’abubatse. Umugore umwe wo mu Budagi avuga ati: “Igihe ibintu vyifashe gutyo, kunuma birashobora gutuntuza uwo mwubakanye.” Ariko rero yongerako ati: “Naho nyene bitama vyoroshe kuguma utekanye igihe wataye umutwe, si vyiza gutombokwa kugira gusa wimare ishavu. Uca usanga uhurudutse ukavuga canke ugakora ikintu gishobora gutuntuza uwo mwubakanye, kandi ivyo nta kindi bifasha atari ukwunyura ibintu.” Abubakanye ntibatunganya ingorane zabo mu gukankama canke mu kutavugana. Ahubwo riho, barakomeza umubano wabo igihe batorera umuti ningoga ivyo badahurizako, ntibareke ngo bitume bahazuka.

15. Kuyaga neza bishobora gute gukomeza umubano w’abubatse?

15 Umubano w’abubatse urakomera igihe abubakanye barondera akanya ko guseruranira akari ku mutima. Ivyo tuvuga  be n’ukuntu tubivuga, vyompi birahambaye. Ku bw’ivyo rero no mu bihe bitoroshe, niwihatire gutuma ivyo uvuga bigira igikundiro, haba mw’ijwi ukoresha canke mu majambo uhitamwo gukoresha. Gutyo, uzotuma uwo mwubakanye arushiriza kworoherwa no kugutega yompi. (Soma Abakolosayi 4:6.) Abubakanye barashobora gukomeza umubano wabo igihe bayaga neza, bakavuga “ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza” uwo bubakanye.Ef. 4:29.

Abubakanye barashobora gukomeza umubano wabo igihe bayaga neza (Raba ingingo ya 15)

NIMUHANE IVYO MU MUBANO W’ABABIRANYE

16, 17. Kubera iki bihambaye ko umwe wese mu bubakanye yitwararika ivyo mugenziwe akeneye mu vy’akanyengetera no mu vy’igitsina?

16 Abubakanye barashobora kandi gukomeza umubano wabo igihe umwe wese muri bo arondera ineza ya mugenziwe, agashira ivy’uwo bubakanye imbere y’ivyiwe. (Flp. 2:3, 4) Umwe wese mu bubakanye arakwiye kwitwararika ivyo mugenziwe akeneye mu vy’akanyengetera no mu vy’igitsina.Soma 1 Abakorinto 7:3, 4.

17 Ikibabaje ni uko hari abubakanye banka kugaragarizanya igishika canke kurangura amabanga y’abubatse, hakaba n’abagabo babona ko kwengenga abagore babo ari ubugoyagoye. Bibiliya imwe ivuga iti: “Namwe bagabo, mukwiye kugerageza gutahura abagore mubana.” (1 Pet. 3:7, Phillips) Umugabo arakwiye gutahura ko guha uwo bubakanye ivyiwe harimwo n’ibindi uretse gusa guhuza ibitsina. Birashoboka rwose ko umugore ahimbarirwa amabanga y’abubatse iyo umugabo wiwe amugaragariza urukundo n’igishika no mu bindi bihe, atari gusa mu gihe co guhuza ibitsina. Igihe bompi bitwararikana mu buryo buranga urukundo, birashoboka rwose ko umwe wese aronsa mugenziwe ivyo akeneye mu vy’akanyengetera no mu vy’umubiri.

18. Abubakanye bashobora gute gukomeza umubano wabo?

18 Naho ata mvo n’imwe yotuma umuntu ahemukira uwo bubakanye, igihe utamugaragariza igishika n’urukundo vyoshobora gutuma arondera uwundi yobimugaragariza. (Imig. 5:18; Umus. 9:9) Ni co gituma Bibiliya ihimiriza abubakanye iti: “Ntimuvyimane [ivyo mu mubano w’ababiranye], kiretse mwumvikanye ku bw’igihe kanaka.” Kubera iki? “Kugira ngo Shetani ntagume abagerageza kubera ukutigumya kwanyu.” (1 Kor. 7:5) Ese ukuntu ryoba ari ibara hamwe abubakanye boreka Shetani agafatira ku ‘kutigumya kwabo,’ agatuma umwe muri bo atwarwa n’inyosha mbi maze akarenga ibigo! Ariko rero, igihe umwe wese mu bubakanye ‘atarondeye akarusho kiwe bwite, ahubwo akarondera ak’uwundi’ akongera akamuha ivyiwe abitumwe n’urukundo atari ku gahato, birakomeza umubano wabo.1 Kor. 10:24.

NIMUGUME MUZIGAMA UMUBANO WANYU

19. Dukwiye kwiyemeza gukora iki, kandi kubera iki?

19 Turi mu kwinjira mw’isi nshasha igororotse. Ni co gituma gutwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri bishobora kudukwegera akarambaraye nk’uko vyagendeye ba Bisirayeli 24.000 mu Biyaya vy’i Mowabu. Ijambo ry’Imana rimaze kuvuga ico kintu c’agaterasoni kandi c’akavunamutima, rica ritugabisha riti: “Uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe.” (1 Kor. 10:12) Ese rero ukuntu bihambaye cane ko dukomeza umubano wacu w’abubatse mu kuguma turi intahemuka kuri Data wa twese wo mw’ijuru no ku wo twubakanye! (Mat. 19:5, 6) Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakeneye ‘gukora uko dushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze adusange tutagirako agatosi, tutagirako ikirabagu, turi mu mahoro.’2 Pet. 3:13, 14.