Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nturabe ibiboneka inyuma gusa

Nturabe ibiboneka inyuma gusa

UWITWA Don ni Icabona ca Yehova wo muri Kanada. Aragira akigoro kadasanzwe kugira ngo ayagishe abantu baba mw’ibarabara. Umwe mu bo yayagishije ni Peter. Don avuga ko Peter yari gisanumwavu ku gasaka. Yasa nabi cane kandi ntiyashaka n’uwumwegera. Abantu baripfuza kumufasha mugabo akama yanka. Naho ari ukwo, Don yaramaze imyaka irenga 14 yita ku rutare kugira ngo agaragarize umutima mwiza uwo mugabo yaba mw’ibarabara.

Umusi umwe, Peter yabajije Don ati: “Wewe ushaka iki ko uguma unkurikirana? Ko utampa amahoro nk’abandi? Aho ntiwondeka?” Don abigiranye ukwiyubara, yaramusomeye ivyanditswe bitatu arondera kumukora ku mutima. Ubwa mbere, Don yabajije Peter nimba azi yuko Imana ifise izina, aca amusaba ko yorimusomera muri Bibiliya, muri Zaburi 83:18. Ubukurikira, kugira ngo amusigurire icatuma amukurikirana, baciye basomera hamwe Abaroma 10:13, 14, aherekana ko “umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” Mu kurangiza, Don yaciye asoma Matayo 9:36, ahejeje aca asaba Peter na we nyene ngo ahisomere. Uwo murongo ugira uti: “[Yezu] abonye amasinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” Peter n’amosozi mu maso, yaciye abaza Don ati: “None nanje ndimwo muri izo ntama?”

Peter yaciye atangura kugira ivyo ahinduye: Yariyuhagiye, aramwa neza ubwanwa, yambara n’impuzu nziza Don yamuhaye. Peter yarabandanije kugira isuku, aguma asa neza.

Peter yari afise agatabu yandikamwo utuntu. Mu mpapuro za mbere, yandikamwo ibintu vy’umuntu yashishwe, ariko mu nyuma yari asigaye yandika ibintu vyiza. Bimwe mu vyo yanditse ni ibi: “Uyu musi namenye izina ry’Imana. Ubu ninasenga, nzosenga Yehova. Ndaryohewe cane kubona namenye izina ryiwe. Don yambariye ko Yehova ashobora kumbera umugenzi yama yiteguriye kwumviriza ivyo nomubwira vyose, igihe cose nokwipfuza kubimubwira.”

Ivyo Peter yaherejeko kwandika, yavyandikiye abo bavukana. Yanditse ati:

“Uno musi numva ntameze neza. Nibaza ko ari imyaka indembeje. Naho uno musi nshobora gucikana, ndazi ko nzosubira kubonana n’umugenzi wanje [Don] mw’Iparadizo. Nimba muriko murasoma ibi nanditse, bisobanura ko ntakiriho. Ku maziko yanje nimwabona umugabo umwe yisoneye, muze mumuyagishe. Vyongeye, ako gatabu gasa n’ubururu muze mugasome. * Karavuga yuko nzosubira kubonana n’umugenzi wanje mw’Iparadizo. Ivyo ndavyemera ntakekeranya. Yari umuvukanyi wanyu, Peter.”

Inyuma y’amaziko, mushiki wa Peter yitwa Ummi yavuze ati: “Hari haciye nk’imyaka ibiri mvuganye na Peter. Mu myaka n’iyindi, bwari bwo bwa mbere mbona asa n’uwunezerewe. Emwe, no gutwenga yaratwenze.” Nabwiye Don nti: “Aka gatabu nzogasoma, kuko ikintu cashoboye guhindura musazanje gitegerezwa kuba kidasanzwe.” Ummi yaremeye no kwiga n’Icabona ca Yehova umwe mu gatabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kari gaherutse gusohoka.

Na twebwe turakwiye kutaraba iboneka inyuma gusa, tukagaragariza urukundo abantu b’uburyo bwose kandi tukabihanganira. (1 Tim. 2:3, 4) Tubigenjeje gutyo, turashobora gukora ku mutima abantu bameze nka Peter, abashobora kuba basa nabi inyuma mugabo bafise umutima mwiza. Turakwiye kwizigira ko Yehova, Umwe “abona ico umutima uri,” azotuma ukuri gukurira mu bantu bafise agatima kabereye.1 Sam. 16:7; Yoh. 6:44.

^ ing. 7 Aho yariko avuga agatabu yari yararonse kitwa “Ukuri kujana mu buzima budahera”, kakaba kakoreshwa mu kwiga Bibiliya. Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova, ariko ubu ntikagicapurwa.