Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Ruheshi 2017

Nugumize mu bwenge ca kibazo gihambaye

Nugumize mu bwenge ca kibazo gihambaye

“Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”ZAB. 83:18.

INDIRIMBO: 46, 136

1, 2. (a) Ikintu gihambaye cane cerekeye abantu bose ni ikihe? (b) Kubera iki dukwiye kurushiriza kucitwararika?

ABANTU benshi muri iki gihe, babona ko amahera ari co kintu gihambaye. Usanga barazwa ishinga no kwirundaniriza itunga canke kuzigama iryo basanzwe bafise. Abandi na bo usanga barazwa ishinga n’ineza y’imiryango yabo, amagara yabo, canke ivyo bipfuza gushikako.

2 Ariko rero, hariho ikintu gihambaye kuruta ivyo vyose cerekeye abantu bose, na co akaba ari ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova. Turakwiye kuba maso kugira ngo ntitwirengagize ico kintu gihambaye. Uti ivyo vyodushikira gute? Twoshobora gutwarwa cane n’ivyo mu buzima bwa misi yose, ku buryo twibagira ko ukwemezwa kw’ubusegaba bw’Imana ari co kintu gihambaye cane. Canke na ho twoshobora kurengerwa n’ingorane, ku buryo twibagira ico kintu gihambaye. Mugabo rero, uko turushiriza kwitwararika ibijanye n’ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova, ni ko turushiriza kwihanganira ingorane zidushikira mu buzima. Ivyo bica bituma twiyegereza Yehova rwose.

 KUBERA IKI GIHAMBAYE CANE?

3. Shetani yavuze ibiki ku bijanye n’ubutegetsi bw’Imana?

3 Ikintu Shetani wa Mubesheranyi yakoze caravyuye ikibazo cerekeye uburenganzira Yehova afise bwo kuba Segaba. Yavuze ko Imana itegeka nabi kandi ko ititaho ineza y’abasavyi bayo. Yavuze kandi ko hamwe abantu bokwitegeka, ari ho borushiriza kugira agahimbare nyakuri. (Ita. 3:1-5) Vyongeye, Shetani yavuze ko ata muntu n’umwe yoguma ari intahemuka ku Mana abikuye ku mutima, bikaba bisigura ko umuntu wese yoshikirwa n’ingorane zikomeye yoca aheba Yehova. (Yobu 2:4, 5) Ivyo birego rero vyatumye Yehova areka abantu baramara igihe bitegeka, kugira ngo yerekane ko badashobora kuroranirwa batisunze ubutegetsi bwiwe bugororotse.

4. Kubera iki ikibazo c’uwukwiye kuba Segaba gitegerezwa gutorerwa inyishu?

4 None ko Yehova asanzwe azi ko ivyo birego vya Shetani ari ibinyoma, ni kubera iki yamuhaye umwanya ngo yerekane nimba ivyo avuga ari ukuri? Inyishu y’ico kibazo irerekeye ibiremwa vyose bifise ubwenge. (Soma Zaburi 83:18.) Kukaba nkako, wa mugabo n’umugore ba mbere barateye akagere ubutegetsi bwa Yehova, mu nyuma abandi batari bake barakurikira. Ivyo vyaratumye haba abiyumvira ko ivyo Shetani yavuze vyoba ari vyo. Igihe cose hazoba hakiriho abantu canke abamarayika badatahura inyishu y’ico kibazo, indyane hagati y’amahanga, y’amoko, y’imiryango, no hagati y’abantu ubwabo, zizokwamaho. Ariko ubusegaba bwa Yehova nibwemezwa, abantu bose bazoyobokera ibihe vyose ubutegetsi bwiwe bugororotse. Amahoro azoca asubira gusasagara mu vyaremwe vyose.Ef. 1:9, 10.

5. Twerekana gute ko dushigikiye Yehova muri ca kibazo c’uwukwiye kuba Segaba?

5 Ubusegaba bw’Imana buzokwemezwa, ubutegetsi bwa Shetani n’abantu butahe zirayoye, amaherezo bukurweho. Biciye ku Bwami burongowe na Mesiya, ubutegetsi bw’Imana buzoshika kw’ihangiro ryabwo. Abazoguma ari abizigirwa, bazoba barerekanye ko abantu bashobora gushigikira ubutegetsi bw’Imana. (Yes. 45:23, 24) Woba wipfuza kuba muri abo bantu baguma bashigikira ubusegaba bwa Yehova? Nta nkeka ko uvyipfuza. Kugira ngo tugume turi intahemuka, dukwiye kugumiza mu bwenge ico kibazo gihambaye, kandi tugatahura uburemere bwaco.

UKWEMEZWA KW’UBUSEGABA BIRARUTA UBUKIRIRO BWACU

6. Ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova bihambaye ku rugero uruhe?

6 Nk’uko twabibonye, ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova ni co kintu gikwiye kuturaza ishinga kuruta ibindi vyose. Birahambaye kuruta ineza yacu bwite. Ivyo none vyoba bisobanura ko ubukiriro bwacu ata co buvuze canke ko Yehova atatunezwe na gato? Habe namba. Uti kubera iki?

7, 8. Kubera iki ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova gufitaniye isano n’iranguka ry’ivyo yasezeranye?

7 Yehova arakunda cane abantu kandi arabaha agaciro. Yaremeye gutanga Umwana wiwe kugira ngo tuzoronke ubuzima budahera. (Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:9) Hamwe Yehova atoshitsa ivyo yasezeranye, Shetani yoba aronse imvo yo kumwita umubeshi yima ivyiza abasavyi biwe, gutyo akaba abaye umutegetsi mubi. Ivyo kandi vyoca bishigikira ivyo abashinyaguzi bivugira babaza ngo: “Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.” (2 Pet. 3:3, 4) Ni co gituma Yehova azokwitwararika ko ukwemezwa kw’ubusegaba bwiwe bijana  no kuronsa ubukiriro abantu bagamburuka. (Soma Yesaya 55:10, 11.) Vyongeye, kubera ko ubutegetsi bwa Yehova bushingiye ku rukundo, turizigira ko azokwama akunda abasavyi biwe b’intahemuka kandi agume abaha agaciro.Kuv. 34:6.

8 Kwemera ko ubusegaba bwa Yehova buhambaye kuruta, ntibisobanura ko ubukiriro bwacu ata co buvuze canke ko tutagira agaciro imbere yiwe. Ahubwo, kimwe cose muri ivyo tuba tugihaye ikibanza kibereye. Kubona ibintu muri ubwo buryo ni nkenerwa nimba twipfuza kugumiza mu bwenge ico kibazo gihambaye no gushigikira ubutegetsi bugororotse bwa Yehova.

INGENE DUKWIYE KUBONA IBINTU

9. Shetani yavuze iki ku bijanye na Yobu? (Raba ishusho itangura.)

9 Igitabu ca Yobu ni kimwe mu bitabu vyo muri Bibiliya vyatanguye kwandikwa. Kirerekana neza igituma bihambaye ko tubona ibintu mu buryo bwiza. Kiravuga ingene Shetani yahaririye avuga ko hamwe Yobu yoshikirwa n’ingorane zikomeye, yoca yihakana Imana. Shetani yaciye asaba Imana ngo iteze ivyago Yobu. Imana yaravyanse, mugabo ica iha ubwo burenganzira Shetani, imubwira iti: “Ibintu vyose afise biri mu kuboko kwawe.” (Soma Yobu 1:7-12.) Mu kanya isase, Yobu yaratakaje abasuku biwe, ivyo yari atunze be n’abana biwe cumi. Ivyo Shetani yabigize mu buryo bwerekana ko Imana ari yo yariko irateza Yobu ivyo vyago. (Yobu 1:13-19) Ubukurikira, Shetani yaciye ateza Yobu indwara isesereza kandi ishisha. (Yobu 2:7) Icasongereye isibe, ni amajambo aca intege yabwiwe n’umugore wiwe be n’abagabo batatu bigira abagenzi biwe.Yobu 2:9; 3:11; 16:2.

10. (a) Yobu yerekanye gute ko yari intahemuka ku Mana? (b) Yobu kamuciyemwo gute?

10 None vyahavuye bigenda gute? Ikinyoma ca Shetani caramutekurukanye. Yobu yagumye yumiye ku gutungana kwiwe. (Yobu 27:5) Ariko rero, karaciyemwo Yobu ntiyabona ibintu mu buryo bubereye. Yagumye yiburanira avuga ko agororotse, kugeza n’aho abaza Imana igituma yariko ashikirwa n’ivyo vyago. (Yobu 7:20; 13:24) Naho umengo ivyo birumvikana turavye ivyago Yobu yari yaciyemwo, Imana yoyo yabonye ko yari akeneye gukosorwa. None Yehova yamubwiye iki?

11, 12. Ni ibiki Yehova yafashije Yobu gutahura, kandi Yobu yakiriye gute iyo mpanuro?

11 Ivyo Imana yabwiye Yobu turabisanga mu gitabu ca Yobu, ikigabane ca 38 gushika ku ca 41. Ariko muri ivyo bigabane bine vyose, nta na hamwe Imana yabwiye Yobu imvo yatuma ashikirwa n’ivyo vyago. Imana ntiyari ifise intumbero yo kubwira Yobu icatuma ashikirwa  n’ivyago, nk’aho umengo itegerezwa kwisigura. Ahubwo, yashaka gufasha Yobu kubona ko yari muto cane yigereranije n’iyo Mana ihambaye. Vyongeye, yarafashije Yobu kubona ko hariho ibindi bintu vyari bihambaye kuruta ingorane ziwe bwite. (Soma Yobu 38:18-21.) Ivyo vyatumye Yobu asubira kubona ibintu mu buryo bwiza.

12 Ubwo none Imana ntiyakabije mu guha Yobu iyo mpanuro idaca ku ruhande, uravye n’ingorane yari yaciyemwo? Habe na gato, kandi na Yobu ntiyigeze abibona gutyo. Naho Yobu yari mu magorwa, yahavuye atangura kubona ibintu mu buryo bwiza. Mbere yavuze ko ‘yisubiyeko, akigaya koko ari mu mukungugu no mu minyota.’ Ivyo vyerekana ko yakozwe ku mutima n’impanuro idakikiriza mugabo iranga urukundo Yehova yamuhaye. (Yobu 42:1-6) Imbere y’aho, Elihu na we nyene yari yakosoye Yobu. (Yobu 32:5-10) Yobu amaze kwemera gukosorwa n’Imana agahindura ivyiyumviro, yaciye imenyesha ba bagenzi biwe ko imugiriye ubutoni, kuko yagumye ari umwizigirwa mu bigeragezo.Yobu 42:7, 8.

13. Impanuro Yehova yahaye Yobu yomufashije gute n’inyuma y’ivyago vyari vyamushikiye?

13 Impanuro Yehova yahaye Yobu yomubereye ngirakamaro n’inyuma y’ivyago vyamushikiye. Uti gute? Naho “Yehova [yahezagiye] iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe,” hategerezwa kuba haraciye igihe kugira ngo asubirane. Ego ni ko yahavuye avyara “abahungu indwi n’abakobwa batatu.” (Yobu 42:12-14) Naho ari ukwo, ntiyabura kwibuka abana biwe Shetani yari yaramunyaze. Birashoboka kandi ko yamaze igihe yibuka akabi kabishe yari yaraciyemwo. Naho yahavuye atahura imvo yatuma ashikirwa n’ivyago, bishobora kuba vyarashika akibaza igituma Imana yaretse akarinda guca mu makuba akomeye ukuraho. Ivyo yokwiyumviye vyose, yogumye azirikana ku mpanuro Imana yari yamuhaye. Ivyo vyomufashije kuguma abona ibintu mu buryo bwiza, maze agaca arema.Zab. 94:19.

Twoba tworengera ingorane zacu, tukagumiza ubwenge kuri ca kibazo gihambaye? (Raba ingingo ya 14)

14. Inkuru yerekeye Yobu itwigisha iki?

14 Iyo nkuru ya Yobu irashobora gutuma na twebwe tubona ibintu mu buryo bwiza kandi ikaduhumuriza. Kanatsinda, Yehova yayandikishije “kugira [i]twigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Rom. 15:4) None iyo nkuru itwigisha iki? Icigwa nyamukuru ni iki: Ntidukwiye kurazwa ishinga cane n’ibitwerekeye ubwacu, ku buryo twibagira ca kibazo gihambaye kuruta, na co kikaba ari ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova. Vyongeye, nimuze tubandanye gushigikira  ubusegaba bwa Yehova nka Yobu, mu kuguma turi intahemuka no mu bihe bitoroshe.

15. Kuguma turi intahemuka mu bigeragezo bivamwo iki?

15 Kuzirikana ku kuntu ukudahemuka kwacu ari ukw’agaciro biraturemesha. Uti gute? Ibigeragezo bidushikira si ikimenyetso c’uko tudashimwa n’Imana, ahubwo riho bituronsa akaryo ko kwerekana ko dushigikiye ubusegaba bw’Imana. (Imig. 27:11) Ukwihangana kwacu kuzana “ugushimwa,” kugakomeza n’icizigiro cacu. (Soma Abaroma 5:3-5.) Inkuru ya Yobu irerekana ko “Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.” (Yak. 5:11) Turashobora rero kwizigira ko abashigikira ubusegaba bwiwe bose azobahezagira. Kumenya ico kintu bituma ‘twihangana bimwe bishitse kandi tukiyumanganya tunezerewe.’Kol. 1:11.

NUKIGUMIZE MU BWENGE

16. Kubera iki dukwiye kwama twibuka yuko ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova bihambaye?

16 Tuvugishije ukuri, ntivyoroshe ko twamiza mu bwenge ibijanye n’ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova. Rimwe na rimwe, twoshobora kurengerwa n’ingorane. Ariko naho zoba ari izisanzwe, tugumye tuziyumvira twoshobora kubona umengo ni umusozi wose. Igihe rero turi mu bihe bitoroshe, turakwiye kwama twibuka igituma bihambaye ko dushigikira ubusegaba bw’Imana.

17. Kugira vyinshi dukora mu gikorwa ca Yehova bidufasha gute kugumiza mu bwenge ca kibazo gihambaye?

17 Kugira vyinshi dukora mu gikorwa ca Yehova vyoshobora kudufasha kugumiza mu bwenge ca kibazo gihambaye. Nk’akarorero, Icabona yitwa Renee yagumana ububabare bivuye ku ndwara yo mu bwonko, akaba yari arwaye na kanseri. Igihe yaba ari mu bitaro, yarabwira inkuru nziza abaganga, abarwaye be n’abaza gusuhuza abarwaye. Ku bitaro bimwe, yamamaje amasaha 80 mu ndwi zibiri n’igice gusa. N’igihe yari yimirije gupfa, Renee ntiyigeze yibagira ubusegaba bwa Yehova. Ivyo vyaratuma yumva yorohewe.

18. Ivyashikiye mushiki wacu umwe vyerekana gute ko gushigikira ubusegaba bwa Yehova bivamwo ivyiza?

18 Ariko ntiwumve, twipfuza kuguma dushigikira ubusegaba bwa Yehova no mu ngorane zisanzwe za misi yose. Nk’akarorero, uwitwa Jennifer yaramaze imisi itatu ku kibuga c’indege arindiriye indege yomutahana iwabo. Baguma bababwira ko indege yasivye. Aho kureka ngo irungu n’uburuhe bitume atwarwa n’ukwiganyira, yarasenze Imana ngo imufashe kubwira inkuru nziza abo bari basangiye iyo ngorane. None vyavuyemwo iki? Yaraganirije abantu benshi, aratanga n’ibitabu bitari bike. Avuga ati: “Naho nari muri izo ngorane, narabonye ko Yehova yampezagiye, arampa n’inkomezi zo kuninahaza izina ryiwe.” Vy’ukuri, yaragumije umutima ku mugambi wa Yehova.

19. Abasavyi ba Yehova babona gute ubusegaba bwiwe?

19 Gutahura ingene ubusegaba bwa Yehova buhambaye birerekana ubudasa hagati y’abari mw’idini ry’ukuri n’abari mw’idini ry’ikinyoma. Kuva kera na rindi, abasavyi ba Yehova bamye bashigikira ubusegaba bwiwe. Umwe wese muri twebwe rero, arakwiye kwihata kugira ngo agume abushigikira.

20. Yehova abona gute akigoro ugira ko gushigikira ubusegaba bwiwe?

20 Yehova arashima akigoro ugira ko kuguma ushigikira ubusegaba bwiwe, biciye ku gikorwa urangurana ubwizigirwa be n’ukuntu wihanganira ingorane. (Zab. 18:25) Ikiganiro gikurikira kirerekana izindi mvo zotuma ushigikira ubusegaba bwa Yehova n’umutima wawe wose, be n’ingene wobigira.