Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Ruheshi 2017

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Igihe ishirahamwe rya Yehova ritanze ubuyobozi, abavukanyi bagenywe, nk’abacungezi b’ingenzi canke abakurambere b’ishengero, bakwiye gukora iki?

Barakwiye kwihutira kugamburuka. Bokwibaza bati: ‘Noba ngira ico nterereye mu gukomeza ukwizera kw’abandi? Noba nihutira gushira mu ngiro ubuyobozi duhabwa?’w16.11, rup. 11.

Abakirisu b’ukuri bagizwe imbohe na Babiloni ryari?

Hari inyuma gatoyi y’urupfu rw’intumwa. Ico gihe, haratanguye kuvuka umugwi w’abakuru b’idini. Ekleziya na leta baratanguje icitwa ngo ni idini rya gikirisu, baca bagerageza kunumya ijwi ry’abakirisu bari bameze nk’ingano. Ariko mu myaka mirongo imbere ya 1914, abarobanuwe baratanguye kuvavanura na Babiloni.w16.11, rup. 23-25.

Ni kubera iki igikorwa ca Lefèvre d’Étaples cabaye intibagirwa?

Mu myaka ya 1520, Lefèvre yarashize Bibiliya mu gifaransa kugira ngo ba nyarucari bashobore kuyironka. Uburyo yasiguye imirongo yo muri Bibiliya bwarafashije cane Martin Luther, William Tyndale na Jean Calvin.wp16.6, rup. 10-12.

“Kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri” bitandukaniye he no “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu”? (Rom. 8:6)

Uwugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri yibanda ku vyipfuzo vy’umubiri udatunganye, akaguma avuga yongera ahayagiza ibintu ivy’umubiri. Uwugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu wewe ashira imbere ivy’Imana be n’ivyiyumviro vyayo. Umukirisu nk’uwo aba aganzwa n’impwemu nyeranda. Ivy’umubiri bivamwo urupfu ivy’impwemu na vyo bikavamwo ubuzima n’amahoro.w16.12, rup. 15-17.

Ibintu bimwebimwe vyogufasha kugabanya amaganya ni ibihe?

Nushire imbere ibihambaye, ntiwitege ibidashoboka, buri musi urondere akanya ko kuba uri ahantu hatekanye, uryohererwe ivyo Imana yaremye, ube umuntu akunda gutwenza, wame winonora imitsi kandi uryame bihagije.w16.12, rup. 22-23.

“Henoki yarimuwe kugira ngo ntabone urupfu.” (Heb. 11:5) Mu buryo ki?

Biboneka ko Imana yakuye Henoki mu buzima ikamushira mw’itiro ry’urupfu, atarinze kumenya ko yariko arapfa.wp17.1, rup. 12-13.

Kubera iki kwifata ruto bigihambaye?

Kwifata ruto ni ukumenya neza ico turi, tukamenya ko hari ivyo tudashoboye. Turakwiye kumenya ingene inyifato yacu ishobora kugira ikintu kinini ikoze ku bandi maze tukirinda kubona ko turi agahambaye.w17.01, rup. 18.

Twemezwa n’iki ko Imana yayobora abari bagize inama nyobozi mu kinjana ca mbere, nk’uko nyene iyobora abagize Inama Nyobozi yo muri kino gihe?

Impwemu nyeranda yarabafasha gutahura ukuri kwo mu Vyanditswe. Abamarayika barabafashije guhagarikira igikorwa co kwamamaza, kandi bisunga Ijambo ry’Imana mu gutanga ubuyobozi. No muri iki gihe ni ko bimeze.w17.02, rup. 26-28.

Ni ibiki bituma tubona ko incungu ari iy’agaciro?

Ni ibintu bine: uwayiduhaye, icatumye ayiduha, akigoro yagize kugira ngo iboneke be no kuba twayironse tuyikeneye cane. Turakwiye kurimbura neza ivyo bintu, kugira ngo tubone igituma bihambaye.wp17.2, rup. 4-6.

Umukirisu yoba ashobora guhindura ingingo yamaze gufata?

Ntidukwiye kwihindukiza mw’ijambo. Yamara, hari aho vyokenerwa ko dusubira gusuzuma ingingo twafashe. Igihe Abanyaninewe bigaya, Imana yarahinduye ingingo yari yafashe. Igihe ibintu bihindutse canke turonse amakuru mashasha, vyoshika tukabigenza gutyo.w17.03, rup. 16-17.

Kubera iki urusaku rutera akaga gakomeye?

Rurashobora kwunyura ingorane, rugatuma ibintu biyangara. Twaba twarenganijwe canke tutarenganijwe, kuvuga nabi abandi nta co vyigera bifasha.w17.04, rup. 21.